MARIKO 15

1Umutwenzi utambitse, uwo mwanya abaherezi bakuru, abashingantahe, abahinga b'ivyanditswe n'abashingantahe ba sentare bose baja inama, baboha Yesu, baramujana, bamushikiriza Pilato. 2Pilato aramubaza ati: "Ni wewe Mwami w'Abayuda?" Na we aramwishura ati: "Urarivuze." 3Abaherezi bakuru bamurega vyinshi. 4Pilato yongera kumubaza ati: "Nta co wiregura?" Umve ivyo bakwagiriza ingene ari vyinshi. " 5Maze Yesu ntiyasubira kwishura ijambo na rimwe, bituma Pilato atangara. 6Muri iyo misi mikuru yahora abarekurira imbohe imwe, uwo bamusavye. 7Hariho umwe yitwa Baraba, yabohanywe n'abagararije, bishe abantu muri ukwo kugarariza. 8Ishengero riraduga, ritangura gusaba ko abagirira nk'uko yamenyereye. 9Pilato arababaza ko bagomba ko abarekurira Umwami w'Abayuda? 10Kuko yamenye yuko ishari ari ryo ryatumye abaherezi bakuru bamutanga. 11Maze abaherezi bakuru bosha ishengero gusaba ngo ivyoba vyiza abarekurire Baraba. 12Pilato yongera kubabaza ati:" "None uwo mwita Umwami w'Abayuda, we ndamugire nte?" 13Bongera kuyogora bati: "Mubambe." 14Pilato arababaza ati: "Ku ki? Yakoze ikibi ki?" Maze barushiriza kuyogora cane bati: "Mubambe." 15Pilato agomvye kumara ishavu ishengero, abarekurira Baraba, maze atanga Yesu ngo abambwe, amaze kumutonagura. 16Maze abasoda bamujana imbere mu rugo, ari rwo boma, bahamagara ingabo zose, ziraterana. 17Bamwambika impuzu y'agahama, batsiba igitsibo c'amahwa, bakimwambika mu mutwe; 18batangura kumuramutsa bati: "Ndagize bwakeye, Mwami w'Abayuda." 19Bamukubita irenga mu mutwe, bamuvuma amate, barapfukama, bamukomera amashi. 20Bamaze kumucurira, bamwambura ya mpuzu y'agahama, bamwambika impuzu ziwe, bamurengana irembo bamushoreye kumubamba. 21Bafata umuntu ahita, Simoni Umunyakurene, avuye mu misozi, ni se wa Alekisandero na Rufo, ngo amutwaze umusaraba. 22Bamushikana Yesu ahitwa i Gologota, risobanurwa ngo ahantu h' agahanga. 23Bamuha umuvinyu uvanze n'umuti w'umururazi, ntiyawunywa. 24Baramubamba, bagabura impuzu ziwe, barazipfindira, ngo bamenye iyo umuntu wese atwara. 25Igihe babamba Yesu zari isaha zitatu. 26Icandiko c'ikirego candikwa hejuru yiwe ngo UMWAMI W'ABAYUDA. 27Kandi babambana na we abambuzi babiri, umwe i buryo bwiwe, uwundi i bubamfu. [ 28Nuko ivyanditswe birashika, ngo Yaharuranywe n'abanyavyaha. ] 29Abahahita baramucurira, bazunguza imitwe bati: "Yo, wewe usambura urusengero, ukarwubaka mu misi itatu, 30ni wikize, wimanure ku musaraba." 31N'abaherezi bakuru bamucurira batyo, banwengurana n'abahinga b'ivyanditswe bati: "Yakijije abandi, we ntashobora kwikiza; 32Kristo Umwami w'Abisirayeli ni yimanure ku musaraba ubu nyene, tubibone twizere." "N'abari babambanywe na we na bo baramutuka. 33Maze isaha zitandatu zishitse, ubwirakabiri bukorana mu gihugu cose, bushitsa kw'isaha y'icenda. 34Kw'isaha y'icenda Yesu asemerera n'ijwi rirenga ati:" "Eloi, Eloi, lama sabakatani?" Risobanurwa ngo Mana yanje, Mana yanje, ni igiki kikumpebesheje? 35Maze bamwe mu bahahagaze bavyumvise baravuga bati: "Umve, ahamagaye Eliya." 36Umwe arirukanga, yakira sipongo, ayuzuza inkarisha, ayirungikisha irenga; arayimusomesha ati: "Hinge turabe ko Eliya yoza kumubambura." 37Maze Yesu avuga n'ijwi rirenga, aracikana. 38Igihuzu gikingira ahera cane h'urusengero gitantamukamwo kubiri, uhereye hejuru ugashitsa hasi. 39Intwazangabo y'abasoda ijana yari ihahagaze bahanganye, ibonye acikanye atyo, iravuga ati: "Ni ivyo ukuri, uwu muntu yari Umwana w'Imana." 40Hariho n'abagore bari kure babiraba, muri bo harimwo Mariya Magadalene, na Mariya nyina wa Yakobo mutoya na Yose, harimwo na Salome. 41Abo bagore, aho yaba i Galilaya, baramukurikira bakamukorera; kandi hariho n'abandi bagore benshi bari baduganye na we i Yerusalemu. 42Bugorovye, kuko wari umusi wo Kwitegura, ni wo musi utangurira isabato, 43haza Yosefu w'i Arimataya, umushingantahe w'icubahiro, kandi na we yari areretse ubwami bw'Imana, ararinduka aja kuri Pilato, asaba ikiziga ca Yesu. 44Ariko Pilato biramutangaza ko yoba amaze gupfa; ahamagaza ya ntwazangabo y'abasoda, ayibaza yuko amaze umwanya apfuye. 45Maze yumvise ivyo iyo ntwazangabo imubwiye, aha Yosefu ikiziga. 46Agura impuzu yera, arakibambura akizingira muri ino mpuzu, agishira mu mva yimbwe mu bitandara, atembagaza ikibuye acugaza umuryango w'imva. 47Mariya Magadalene na Mariya nyina wa Yose babona aho ahambwe.

will be added

X\