MARIKO 13

1Ariko arasohoka mu rusengero, umwe mu bigishwa biwe aramubwira ati: "Mwigisha, raba aya mabuye uko ari, n'iyi nyubako uko iri !" 2Yesu aramubaza ati: "Uraraba iyi nyubako ihambaye?" Ntihazosigazwa ibuye rigeretse ku rindi, ridasamburiwe hasi. 3Yicaye ku musozi wa Elayono yerekeye ku rusengero, Petero, Yakobo, Yohana na Andereya baramubaza bihereranye 4bati: "Tubwire, ivyo bizobaho ryari, ikimenyetso kizoba iki, c'igihe ivyo vyose bizoba bigira bishike?" 5Yesu atangura kubabwira ati: "Mwirinde ntihagire uwubazimiza." 6Benshi bazoza mw'izina ryanje bati: "Ndi we; kandi bazozimiza benshi." 7Kandi ni mwumva intambara n'impuha z'intambara, ntimuzohagarike imitima; ntibizobura kubaho, ariko umuhero uzoba utaraza. 8Kuko ihanga rizotera irindi hanga, n'ubwami buzotera ubundi bwami, isi izonyiganyiga henshi, amapfa azotera. Ivyo n'itanguriro ryo kuramukwa. 9Ariko mwirinde, kuko bazobashengerana mu manza, muzokubitirwa mu masengero y'Abayuda, kandi muzohagarara imbere y'abaganza n'abami babampora, mube ikimenyetso kibabere icabona. 10Ubutumwa bwiza bukwiye kubanza kuvugwa mu mahanga yose. 11Kandi ni babajana babashengeranye, ntimuzohagarikire imitima ico muzovuga; ico muzohabwa cose muri ako kanya, muzobe ari co muvuga, kuko atazoba ari mwebwe muvuga, azoba ari Mpwemu Yera. 12Umuntu azoshengerana uwo bavukana ngo bamwice, na se w'umwana azomushengerana, n'abana bazogabagabira abavyeyi babicishe. 13Muzoba mwanswe na bose, babahora izina ryanje, ariko uwihangana, agashitsa iherezo, ni we azokira. 14Ariko, aho muzobonera ca kizira c'ishano ry'ubugesera gihagaze aho kidakwiye, (uwusoma ni yiyubare), ico gihe abazoba bari i Yudaya bazohungire ku misozi miremire, 15uwuzoba ari hejuru ku nzu ntazokwururutswe no kwinjira gusahura ikintu cose mu nzu yiwe; 16uwuzoba ari mu mirima ntazosubizwe inyuma no gusahura umutamana wiwe. 17Ariko muri iyo misi abazoba batwaye inda n'abonsa bazobona ibara; 18kandi muzosenge kugira ngo ntibizobe mu gatasi. 19Kuko iyo misi izoba iyo amarushwa atigeze kubaho, kuva kw'itanguriro ry'ibiremwa Imana yaremye ugashitsa n'ubu, kandi atazokwongera kubaho. 20Iyaba Umwami Imana itogeruye iyo misi, ntihorokotse umuntu n'umwe, ariko ku bwo abatoranijwe yatoranije, yarayigeruye. 21Ico gihe ni hagira umuntu ababwira ati: "Ehe Kristo ari hano;" canke ati: "Ari hariya: ntimuzovyemere." 22Kuko hazokwaduka abigira Kristo n'abigira abavugishwa n'Imana, bagakora ibimenyetso n'ibitangaza, kugira ngo bazimize n'abatoranijwe, ni vyashoboka. 23Ariko mweho mwirinde; raba ndabibabwiye vyose bitaraba. 24Ariko muri iyo misi, hanyuma y'ayo marushwa, izuba rizocura umwiza, n'ukwezi ntikuzoba kucaka umuco wakwo, 25n'inyenyeri zizoba ziriko zirakoragurika ziva kw'ijuru, n'ivyo inkomezi vyo mu majuru bizonyiganyizwa. 26Ni ho bazobona Umwana w'umuntu aje mu bicu, ari n'ububasha bwinshi n'ubwiza. 27Ni ho azotuma abamarayika, akoranye abatoranijwe biwe, bave mu birere bine, guhera ku mpera y'isi kugeza impera y'ijuru. 28Ni mwigire ku musukoni umugani wawo, ishami ryawo iyo ritoshe, amababi agatutuza, mumenya yuko agatasi kari hafi. 29Nuko namwe ni mwabona ivyo bibaye, muzomenye ko ari hafi, ku rugi. 30Ndababwire ukuri; abo iki gihe ntibazorangira, ivyo vyose bitarashika. 31Ijuru n'isi bizorangira, ariko amajambo yanje nta co azoba. 32Ariko uwo musi canke iyo saha, nta wubizi, n'iyo boba abamarayika bo mw'ijuru, canke Umwana w'Imana, atari Data gusa. 33Mwiyubare, mube maso, musenge; kuko mutazi igihe bizoshikira. 34Ni nk'umuntu yasize urugo rwiwe, aja mu kindi gihugu, asigarana abashumba biwe urugo, kandi ahejeje kugerera umuntu wese igikorwa ciwe, abarira umuteramyi ngo yame agavye. 35Nuko mwame mugavye, kuko mutazi igihe nyene urugo azozamwo, namba ari ku mugoroba, canke mu gicugu, canke mu nkoko, canke umutwenzi ukitse; 36kugira ngo ni yaza giturumbuka, ntasange musinziriye. 37Ariko ico ndababariye, ndakibarira bose nti: "Mwame mugavye."

will be added

X\