MARIKO 11

1Bageze hafi y'i Yerusalemu, bashikira i Betifage n'i Betaniya ku musozi wa Elayono, atuma babiri bo mu bigishwa biwe, 2arababarira ati: "Muje muri iriya mihana iri imbere yanyu; ni mwayishikamwo, muca mubona inyana y'indogoba iziritse, ata muntu yigeze kuyigenderako; muyiziture muyizane." 3Kandi ni hagira uwubabaza ati: "Ivyo mubikoreye iki?" Mumwishure muti: "Databuja ni we ayigomba." Uwo mwanya arayirungika ino. 4Baragenda, basanga inyana y'indogoba iziritse i ruhande y'irembo ku nzira, barayizitura. 5Bamwe mu bahahagaze barababaza bati: "Mukora iki ko muzitura iyo nyana?" 6Na bo babishura nk'uko Yesu yababariye; barabareka. 7Bazana iyo nyana aho Yesu ari, bayishirako impuzu zabo, ayicarako. 8Benshi basasa impuzu zabo mu nzira, abandi basasa amashami y'ibiti, ayo baciye mu matongo. 9Abari imbere yiwe n'abamukurikiye barasemerera bati: "Hoziyana, hashemezwe uwuje mw'izina ry' Uhoraho, 10ubwami buje bushimwe, ni bwo bwa sogokuruza Dawidi; Hoziyana mw'ijuru." " 11Ashika i Yerusalemu, yinjira mu rusengero, maze ahejeje kweraguza vyose, kuko bwari bugorovye, arasohoka, aja i Betaniya, ajanye na bamwe icumi na babiri. 12Bukeye bamaze kuva i Betaniya, yumva arashonje. 13Akiri kure, abona umusukoni uriko amababi, arawegera ngo kumbure yogira ico awusangako; awushitseko ntiyagira ico awubonako, atari amababi; kuko kitari igihe co kwama c'umusukoni. 14Arawubwira ati:" "Ntugapfe hari uwuriye ku nsukoni zawe uhereye ubu ugashitsa ibihe bidashira." " Abigishwa biwe baravyumva. 15Bashika i Yerusalemu. Yinjira mu rusengero, atangura guhindira hanze abarudandarizamwo n'abaruguriramwo, ahenura imeza y'abavunja amahera n'intebe z'abariko baragurwako inuma, 16ntiyakundira umuntu n'umwe guhita mu rusengero atwaye ikintu co mu bikoresho. 17Arigisha arababwira ati:" "Mbega ntivyanditswe, ngo ingoro yanje izokwitwa inzu yo gusengerwamwo n'amahanga yose ?" Ariko mwebwe mwayihinduye nk'isenga ry'abambuzi. " 18Abaherezi bakuru n'abahinga b'ivyanditswe bavyumvise barondera ingene bomwica, kuko bamutinya, kuko abantu bose batangazwa n'inyigisho ziwe. 19Iyo bugorovye, yama ava mu gisagara. 20Bukeye mu gitondo ca kare bariko barahita babona wa musukoni, wahereye ku mizi wakabiranye. 21Petero yibutse aramubwira ati:" "Mwigisha, ehe wa musukoni wavumye wakabiranye." 22Yesu aramwishura, arababwira ati: "Mwamane ukwizera Imana." 23Ndababwira ukuri yuko umuntu wese yobwira uwu musozi ati: "Shinguka utabwe mu kiyaga, ntabikekeranye mu mutima, ariko akizera yuko ico avuze gikorwa, azokibona. 24Ni co gitumye ndababwira yuko ivyo musenga canke musaba vyose, mwizere yuko mubihawe, kandi muzobibona. 25Kandi ni mwahagarara musenga, ni haba hari ico mupfa n'uwundi, mukimuharire, ngo So wo mw'ijuru na we abaharire ivyaha vyanyu, [ 26ariko ni mutaharira abandi, na So wo mw'ijuru ntazobaharira ivyaha vyanyu. ]" 27Bongera kuja i Yerusalemu. Akigendagenda mu rusengero, abaherezi bakuru, abahinga b'ivyanditswe n'abashingantahe baza kuri we, 28baramubaza bati: "Ni ububasha ki bugutera gukora ivyo? Canke ni nde yaguhaye ubwo bubasha bwo kubikora?" 29Yesu arabishura ati: "Nanje hinge ndababaze ijambo rimwe, munyishure; mpeze ndababarire ububasha bunkoresha ivyo. 30None ukubatiza kwa Yohana kwaturutse mw'ijuru, canke se mu bantu? Ni munyishure." 31Baravugana bati: "Ni twavuga ko ari mw'ijuru; ahava atubaza ati: 'Ni igiki cababujije kumwemera?'" 32Ariko mbega tuvuge tuti: "Ni mu bantu?" Batinya abantu, kuko bose biyumvira badakekeranya yuko Yohana yavugishwa n'Imana. 33Bishura Yesu bati: "Ntituhazi." Yesu arababwira ati: "Nuko rero nanje sindababwira ububasha bunkoresha ivyo."

will be added

X\