MARIKO 10

1Arikora avayo, aja mu gihugu c'i Yudaya no hakurya ya Yorodani, ishengero ryongera gukoranira kuri we, yongera kubigisha nk'uko yamenyereye. 2Abafarisayo baza kuri we, baramugeza bati: "Mbega biremerwa ko umuntu yirukana umugore wiwe?" 3Na we arababaza ati: "Mose yabagereye iki ?" 4Baramwishura bati: "Mose yemeye ko handikwa ikete ryo kuvavanura, akamwirukana." 5Yesu arababwira ati: "Gukomantara kw'imitima yanyu ni kwo kwamwandikishije ico cagezwe." 6Ariko uhereye kw'itanguriro ry'ukuremwa, Imana yabaremye bari uburyo bubiri. 7Ni co gituma umuntu azosiga se na nyina, akabana n'umugore wiwe ubutakivana, 8bompi bakaba umubiri umwe. Bituma batakiri babiri, ariko baba babaye umubiri umwe. 9Nuko ico Imana yamatanije umuntu ntazokimature. 10Yinjiye mu nzu abigishwa bongera kumubaza iryo jambo. 11Arababwira ati: "Umuntu wese yirukana umugore wiwe, akarongora uwundi, aba asambanye kandi amuhemukiye." 12Kandi na we ubwiwe, ni yahukana n'umugabo wiwe, akarongorwa n'uwundi, azoba asambanye." 13Maze bamuzanira abana bato, ngo abakoreko; abigishwa barabakankamira. 14Maze Yesu abibonye, araraka, arababarira ati: "Ni mureke abana bato baze aho ndi, ntimubabuze, kuko ubwami bw'Imana ari ubwo abameze batyo." 15Ndababwire ukuri, uwutazokwakira ubwami bw'Imana nk'umwana muto, ntazobwinjiramwo na gatoya. " 16Arabarera, arabahezagira, abarambitseko ibiganza. 17Agisohoka ngo akomeze urugendo, haza umuntu kuri we yirukanga, aramupfukamira, aramubaza ati:" "Mwigisha mwiza, nkore iki, ngo nze ndagwe ubugingo budashira?" 18Yesu aramubaza ati: "Unyitira iki mwiza? Nta mwiza, atari umwe, ni we Mana." 19Ko uzi ivyagezwe, ngo Ntukice, ntugasambane, ntukibe, ntukagirize abandi ibinyoma, ntukagunge, wubahe so na nyoko. 20Aramubwira ati: "Mwigisha, ivyo vyose naravyitondeye, mpereye mu buto bwanje." 21Yesu amwitegereje aramukunda, aramubwira ati: "Uhajije kimwe: genda, ushore ivyo utunze vyose, ugabire aboro, ni ho uzogira itunga mw'ijuru, uteko uze, unkurikire." 22Yumvise iryo jambo arijirwa, agenda ababaye, kuko yarafise itunga ryinshi. 23Yesu yeraguza amaso, abwira abigishwa biwe ati: "Erega biragoye ko aba vyinshi binjira mu bwami bw'Imana !" 24Abigishwa batangazwa n'amajambo yiwe. Yesu yongera kubabwira ati: "Bana banje, erega biragoye ko abizigiye ubutunzi binjira mu bwami bw' Imana! 25Icoroshe ni uko ingamiya yoca mu zuru ry'urushinge biruta umutunzi ko yinjira mu bwami bw' Imana." 26Baratangara rwose bati: "None rero, ni nde ashobora gukizwa?" 27Yesu arabitegereza, arababwira ati: "Kubwo abantu ntigishoboka, ariko ku Mana si uko, kuko vyose bishobokera Imana." 28Maze Petero atangura kumubwira ati: "Raba, twebwe twaretse vyose turagukurikira." 29Yesu arababwira ati: "Ndababwire ukuri, Nta waretse inzu, canke abavukanyi biwe, canke bashiki biwe, canke nyina, canke se, canke abana, canke itongo, kubwanje no ku bwo ubutumwa bwiza, 30atazobishumbushwa ijana muri iki gihe ca none, inzu, n'abavukanyi biwe, na bashiki biwe, na ba nyina, n'abana, n'itongo, bisukiranijwe no guhamwa, kandi mu gihe kizoza azohabwa ubugingo budashira." 31Ariko benshi b'imbere bazoba abo inyuma, kandi abo inyuma bazoba abo imbere. 32Bari mu nzira baduga i Yerusalemu. Yesu yari abagiye imbere, baratangara, abamukurikira baratinya. Yongera kujana bamwe icumi na babiri bari ukwabo, atangura kubabarira ibigira bimubeko 33ati: "Ehe, turaduze i Yerusalemu, kandi Umwana w'umuntu azoshirwa mu maboko y'abaherezi bakuru n'abahinga b'ivyanditswe, bazomucira urubanza rwo gupfa, bamuhe abanyamahanga, 34bamushinyagurire, bamuvume amate, bamukubite cane, bamwice, maze imisi itatu ishize azozuka." 35Yakobo na Yohana abana ba Zebedayo baramwegera baramubwira bati: "Mwigisha, turagomba ko uduha ico tugusaba cose." 36Arababaza ati: "Mugomba ko ndabaha iki?" 37Baramwishura bati: "Uduhe ngo tuzokwicare, umwe i buryo bwawe uwundi i bubamfu, mu bwiza bwawe." 38Maze Yesu arabishura ati: "Ntimuzi ico musaba. Mwoshobora kunywera ku gikombe nywerako, canke kubatizwa umubatizo mbatizwa jewe?" 39Baramwishura bati: "Turashobora." Yesu arababwira ati: "Igikombe nywerako, muzokinywerako, kandi muzobatizwa umubatizo mbatizwa jewe." 40Ariko gutanga ivyicaro i buryo bwanje canke mu bubamfu, si ivyanje, kiretse abo vyateguriwe. 41Bamwe icumi bavyumvise batangura kwitonganiriza ivya Yakobo na Yohana. 42Yesu arabahamagara, arababwira ati: "Murazi yuko abavugwa ko baganza amahanga bayatwaza amanyama, kandi n'abakuru bayo bayagirako ububasha. 43Ariko muri mwebwe si ko biri. Yamara uwugomba kuba mukuru muri mwebwe, azobe umukozi wanyu. 44Kandi uwugomba kuba uwo imbere, azobe umushumba wa mwese. 45Kuko na none Umwana w'umuntu atazanywe no gukorerwa, atari ugukorera abandi, no gutanga ubugingo bwiwe ko incungu ya benshi." 46Nuko bashika i Yeriko. Akivana i Yeriko n'abigishwa biwe n'ishengero ryinshi, umwana wa Timayo yitwa Barutimayo, impumyi yasegerereza, yari yicaye i ruhande y'inzira. 47Yumvise ko ari Yesu Umunyanazareti atangura gutakamba ati: "Yesu, mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi." 48Abantu benshi baramuzibiranya ngo ahore, ariko arushiriza cane gutakamba ati: "Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi." 49Yesu arahagarara, arababarira ati: "Ni mumuhamagare." Bahamagara iyo mpumyi, barayibwira bati: "Humura, va hasi, araguhamagaye." 50Na yo ita impuzu zayo, ihaguruka vuba, yegera Yesu. 51Yesu arayibaza ati: "Ugomba ko ndagukorera iki?" Ino mpumyi iramwishura iti: "Ndagomba guhumuka, Mwigisha." 52Yesu arayibwira ati: "Genda, ukwizera kwawe kuragukijije." Aca arahumuka, amukurikira ku nzira.

will be added

X\