MARIKO 1

1Itanguriro ry'ubutumwa bwiza bwa Yesu Kristo, Umwana w'Imana. 2Nk'uko vyanditswe na Yesaya yavugishwa n'Imana, " Ngo Umve, ngira ntume intumwa yanje imbere y'amaso yawe, Ikuroranirize inzira. 3Ijwi ry'uwusemererera mu bugaragwa Ati:"Ni mutegure inzira y' Uhoraho, Mugorore izo ibihamo ziwe." 4Ni ko Yohana yaje, abatiriza mu bugaragwa, yigisha ukubatizwa kwo kwihana, ngo babohorwe ivyaha. 5Igihugu c'i Yudaya cose n'abo i Yerusalemu bose bava i wabo, baza kuri we, ababatiriza mu ruzi Yorodani, batuye ivyaha vyabo. 6Kandi Yohana yambara ubwoya bw'ingamiya, akabukenyeza umukaba w'urusato mu rukenyerero, kandi yarya inzige n'ubuki bwo mw'ishamba. 7Yaravuga ati: "Uwundusha ubushobozi azoza mu nyuma yanje, ntibimbereye no kwunama ngo mpfundurure utugozi tw'ibirato vyiwe. 8Jeho ndababatirishije amazi, ariko we azobabatirisha Mpwemu Yera." 9Muri iyo misi Yesu ava i Nazareti i Galilaya, araza, abatizwa na Yohana muri Yorodani. 10Avuye mu mazi, aca abona ijuru rirugurutse, Mpwemu aramanuka amugwako, asa n'inuma. 11Ijwi riva mw'ijuru riti: "Ni wewe Mwana wanje nkunda ukampimbara." " 12Mpwemu aca amushorera mu bugaragwa. 13Amarayo imisi mirongo ine, ageragezwa na Satani; kandi yaba hamwe n'ibikoko, abamarayika bakamukorera. 14Yohana amaze gushirwa mw'ibohero, Yesu aja i Galilaya, ababwira ubutumwa bwiza bw' Imana 15ati:" "Igihe kirashitse, ubwami bw'Imana buri hafi; mwihane, mwemere ubutumwa bwiza." 16Aciye i ruhande y'ikiyaga c'i Galilaya, abona Simoni na Andereya mwene nyina baterera urusenga mu kiyaga, kuko bari abarovyi. 17Yesu arababarira ati: "Ni munkurikire, nzobagira abaroba abantu." " 18Baca bareka insenga, baramukurikira. 19Yigiye imbere gato, abona Yakobo umwana wa Zebedayo na Yohana mwene nyina, na bo bari mu bwato basanura insenga. 20Aca arabahamagara, basiga se Zebedayo mu bwato hamwe n'abakozi biwe, baramukurikira. 21Bashika i Kaperinawumu, aca yinjira mu rusengero rw'Abayuda kw'isabato, arabigisha. 22Batangazwa n'inyigisho ziwe, kuko yabigisha nk'uwufise ububasha, ntase n'abahinga b'ivyanditswe. 23Uwo mwanya mu rusengero rw'Abayuda hari umuntu yinjiwemwo n'impwemu ihumanye, arasemerera 24ati:" "Duhuriye hehe ga Yesu Munyanazareti? Uje kuduhonya? Ndakuzi uwo uri we, uri Uwera w'Imana." 25Yesu aramuzibiza ati: "Hora, muvemwo." 26Iyo mpwemu ihumanye iramujegeza, irasemerera, ivuga n'ijwi rirenga, imuvamwo. 27Bose baratangara, bituma babazanya bati: "Iki ni iki?" Ni ukwigisha gusha!" " Ni ububasha ategeka n'impwemu zihumanye na zo, zikamwumvira." " 28Inkuru yiwe ica ikwira hose mu gihugu cose c'i Galilaya kihakikije. 29Bavuye mu rusengero rw'Abayuda, baca bajana na Yakobo na Yohana mu nzu kwa Simoni na Andereya. 30Kandi inabukwe wa Simoni yari aryamye, afashwe n'umururumbo, baca bamubarira ivyiwe. 31Yesu araza, amufata ukuboko, aramuvyutsa, umururumbo urazima, arabazimana." " 32Ku kagoroba, ku kirengazuba, bamuzanira abarwaye bose n'abinjiwemwo n'abadayimoni. 33Igisagara cose gikoranira kw'irembo. 34Akiza benshi bari barwaye indwara zitandukanye, asenda abadayimoni benshi, ntiyakundira abo badayimoni ko bavuga, kuko bari bamuzi. 35Mw'ijoro rishira ubuca aravyuka, arasohoka, aja mu gahinga, asengerayo. 36Simoni n'abandi bari kumwe na we baramukurikira; 37bamubonye baramubwira bati:" "Bose bariko barakurondera." 38Arabishura ati: "Tuje ahandi mu bisagara biri hafi, na ho nyene nigisheyo, kuko ari co canzanye." 39Yinjira mu masengero y'Abayuda i Galilaya hose, avuga ijambo ry'Imana, asenda abadayimoni. 40Haza umunyamibembe kuri we, amwinginga amupfukamiye ati: "Ukunze, woshobora kumpumanura." 41Amugirira akagongwe, agorora ukuboko, amukorako ati: "Ndakunze, humanuka." 42Imibembe ica imuvako, arakira. 43Aramwihanikiriza rwose, aca amurungika uwo mwanya, 44aramubarira ati: "Wirinde, ntugire uwo ubikerukiriza, ariko genda, wiyereke umuherezi, utange ivyo uguhumanurwa kwawe, nk'uko Mose yageze, bibe ikimenyetso kibabere icabona." 45Maze avaho, atangura kwandagaza no gukwiza ivyabaye; ni co catumye Yesu atabaye agishobora kuja mu gisagara abandi babizi, ariko aguma inyuma yaco mu mihana; abava hose baza kuri we.

will be added

X\