LUKA 9

1Akoranya bamwe icumi na babiri, abaha ubushobozi n'ububasha bwo kwirukana dayimoni bwose no gukiza indwara. 2Abatuma kubarira abantu ivyo ubwami bw' Imana, no gukiza abarwaye. 3Arababarira ati: "Ntimugire ico mujana ku nzira, ari inkoni canke isaho, canke induhuro, canke amahera; kandi ntimutware imyambaro ibiri." 4Kandi inzu yose muzokwinjiramwo, mube ari yo mugumamwo, kugeza aho muzovira aho hantu. 5Aho bazokwanka kubakira bose, mukiva muri ico gisagara, muzokunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu, kibe ikimenyetso kibabere icabona. " 6Baragenda, bagendagenda mu mihana, bavuga ubutumwa bwiza, bakiriza abarwaye hose. 7Maze umwami Herode, yumvise ivyabaye vyose, arazazanirwa, kuko bamwe bavuga bati: " "Yohana yazutse mu bapfuye;" 8abandi bati: "Ni Eliya yiseruye;" abandi bati: "Ni umwe mu bavugishwa n'Imana ba kera yazutse." 9Herode aravuga ati: "Yohana ni jewe namwiciriye izosi; mbega uwo ni nde, numvako ibimeze bityo?" " Arondera uko yomubona. 10Za ntumwa zigarutse zidondera Yesu ivyo zakoze vyose. Arabajana, abihererana mu gisagara citwa Betsayida. 11Maze ishengero ribimenye riramukurikira. Arabakira, ababwira ivyo ubwami bw'Imana, kandi abagomba kuvurwa arabakiza. 12Maze buhaye burira, bamwe icumi na babiri baramwegera bati: " "Sezera abantu, baje mu mihana no mu misozi impande zose bake indaro, baronke ivyo kurya, kuko hano turi mu gahinga." 13Arababarira ati: "Ni mube ari mwebwe mubagaburira." Baramubwira bati: "Nta kindi dufise, atari udutsima dutanu n'udufi tubiri, kiretse tugiye gusumira aba bantu bose." 14Kuko bari abagabo nk'ibihumbi bitanu. Abarira abigishwa biwe ati: "Ni mubicarike bari mu mirwi y'abantu nka mirongo itanitanu." " 15Babigira batyo, barabicarika bose. 16Yakira ya mitsima itanu na za fi zibiri, ararangamiza, araba mw'ijuru, arabihezagira, arabimanyagura, abiha abigishwa ngo babishire imbere y' abantu. 17Bararya, barahaga bose, batororokanya utumanyagu tw'imisigazwa, twuzura ibiseke icumi na bibiri. 18Maze yariko arasenga yiherereye, abigishwa biwe bari kumwe na we; arababaza ati: " "Abantu bagira ngo ndi nde?" 19Baramwishura bati: "Bagira ngo uri Yohana Umubatizi; abandi ngo uri Eliya;" " abandi ngo uri umwe mu bavugishwa n'Imana ba kera yazutse." 20Arababaza ati: "Ariko mweho mugira ngo ndi nde?" Petero aramwishura ati: "Uri Kristo w'Imana." 21Arabihanikiriza, ababarira kutagira umuntu babwira ivyo 22ati: "Umwana w'umuntu akwiye kuzobabazwa uburyo bwinshi, no kuzokwankwa n'abashingantahe n'abakuru b' baherezi n'abahinga b'ivyanditswe, no kuzokwicwa, no kuzozurwa ku musi ugira gatatu." 23Abwira bose ati: "Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe uko bukeye, ankurikire." 24Kuko ugomba gukiza ubugingo bwiwe azobubura; ariko uwuzoheba ubugingo bwiwe ku bwanje azobukiza. 25Kandi umuntu vyomumarira iki gutunga ivyo mw'isi vyose ni yiyica canke akiyaka ubugingo ubwiwe? 26Kuko umuntu wese bizotera isoni kunyemera no kwemera amajambo yanje, n'Umwana w'umuntu bizomutera isoni kumwemera, aho azozira afise ubwiza bwiwe n'ubwa Se n'ubwo abamarayika bera. 27Ariko ndababwire ukuri: muri aba bahagaze hano, harimwo bamwe batazobona urupfu gushitsa aho bazobonera ubwami bw'Imana. 28Hanyuma y'ayo majambo, hashize imisi nk' umunani, ajana Petero, Yohana na Yakobo aduga igisozi, aja gusenga. 29Ariko arasenga, ishusho yo mu maso hiwe ihinduka ukundi, imyambaro yiwe yera derere, irakayangana. 30Abagabo babiri bavugana na we, bari Mose na Eliya. 31Baboneka bafise ubwiza, bavuga ivyo kurangiza kwiwe, yagira aheraheze i Yerusalemu. 32Petero n'abari kumwe na we bari baremerewe n'itiro, bikanguye rwose babona ubwiza bwiwe na ba bagabo babiri bahagararanye na we. 33Bagira batandukane na we, Petero abwira Yesu ati: "Mwigisha, bitubereye vyiza ko turi hano; nuko twubake amahema atatu, rimwe ribe iryoiwawe, irindi rya Mose, irindi rya Eliya." Ntiyari azi ico avuga. 34Akibivuga, igicu c'igipfungu kiraza, kirabatwikira; ico gipfungu kikibashikako, baratinya. 35Ijwi riva muri nya gicu riti: "Nguwu Umwana wanje natoranije, ni mumwumve." " 36Iryo jwi rishize, Yesu aboneka ari umwe. Barabihora, ntihagira umuntu muri iyo misi babwira na kimwe mu vyo babonye. 37Bukeye bw'aho bamanutse ico gisozi, ishengero ryinshi riramusanganira. 38Kandi umugabo wo muri bo avuga n'ijwi rirenga ati: " "Mwigisha ndakwinginze, ndabira umwana, kuko namuvyaye ari ikinege, 39kandi hari impwemu imufata, agatura akaborogo, ikamujegeza, akabimba ifuro, kandi ihejeje kumukungagura ikagora cane kumuvamwo." 40Nanje ninginze abigishwa bawe kuyisenda, irabananira. 41Yesu arishura ati: "Yemwe abo iki gihe mutizera b'ibigaba, nzogeza ryari kubana namwe no kubihanganira?" Zana hano umwana wawe. 42ariko araza, dayimoni imutura hasi, iramujegeza cane; Yesu akankamira iyo mpwemu ihumanye, akiza uwo muhungu, amusubiza se. 43Bose batangazwa n'icubahiro gihambaye c'Imana. Ariko bose bagitangarira ivyo yakoze vyose, abarira abigishwa biwe 44ati: "Mushire aya majambo mu matwi yanyu. Umwana w'umuntu azoshirwa mu maboko y'abantu. " 45Bayoberwa iryo jambo, kandi bararihishwa ngo ntibarimenye, batinya kurimubaza iryo ari ryo." 46Kandi havyuka ibihari muri bo, vy'umukuru wabo uwo ari we. 47Ariko Yesu abonye ivyo bihari vyo mu mitima yabo, yakira akana, agahagarika i ruhande yiwe, 48arababwira ati: " "Uwuzokwakira aka kana mw'izina ryanje, azoba anyakiriye; kandi uwunyakiriye aba yakiriye uwantumye. Kuko umuto muri mwebwe hanyuma ya mwese ari we mukuru." 49Yohana aramwishura ati: "Mwigisha, twabonye umuntu yirukana abadayimoni mw'izina ryawe, turamubuza, kuko atadukurikira." 50Yesu aramubwira ati: "Ntimumubuze, kuko uwutari umwansi wanyu ari mu ruhande rwanyu." 51Maze imisi yiwe yo kuduzwa mw'ijuru igira ishike, yerekeza i Yerusalemu amaramaje kujayo, 52atuma integuza imbere yiwe. Ziragenda, zija mu mihana y'Abasamariya kumuteguriza. 53Ntibamwakira, kuko yerekeje i Yerusalemu. 54Abigishwa biwe Yakobo na Yohana, babibonye, baramubaza bati: "Mugenzi, ugomba ko tubarira umuriro ngo utibuke uve mw'ijuru, ubayigize, nk'uko Eliya yakoze?" 55Maze arahindukira arabakankamira ati: "Erega ntimuzi umutima wanyu uko usa; kuko Umwana w'umuntu ataje guhonya ubugingo bw' abantu, ariko yaje kubukiza." 56Nuko baja mu yindi mihana. 57Bariko baragenda mu nzira, umuntu aramubwira ati: "Ndagukurikira aho uja hose." 58Yesu aramubwira ati: "Imbwebwe ziri n'imyobo, n'ibiguruka mu kirere biri n'ivyari; ariko Umwana w'umuntu we ntagira aho arambika umusaya." 59Maze abarira uwundi muntu ati: "Nkurikira." Na we ati: "Mugenzi, banza undekure ngende mpambe data." 60Ariko Yesu aramubarira ati: "Reka abapfuye bahambe abapfuye babo, ariko weho genda, wamamaze ivyo ubwami bw'Imana." 61Uwundi muntu aramubwira ati: "Mugenzi, ndagukurikira, ariko banza undekure, nje gusezera abo mu rugo i wanje." 62Ariko Yesu aramubwira ati: "Nta muntu afashe isuka irimishwa n'inka, araba inyuma, abereye ubwami bw'Imana."

will be added

X\