LUKA 8

1Hashize igihe gitoya, agendagenda mu bisagara no mu mihana, ababwira ijambo ry'Imana, avuga ubutumwa bwiza bw'ubwami bwayo; bamwe icumi na babiri bajana na we, 2n'abagore bamwe bakijijwe ibisigo n'indwara, Mariya ari we Magadalene, abadayimoni indwi bari baramuvuyemwo, 3na Yowana muka Kuza, umukuru w'abakozi bo mu rugo wa Herode, na Susana, n'abandi bagore benshi, bafashisha Yesu n'abigishwa biwe ivyabo. 4Ishengero ryinshi rirakorana, kandi abavuye mu bisagara vyose baza kuri we, abacira umugani 5ati: " "Umubivyi yasohoye imbuto ziwe; akibiba, zimwe zigwa i ruhande y'inzira, barazikandagira, inyoni zo mu kirere zirazinobagura." 6Izindi zigwa ku rutare, zihejeje kumera ziruma, kuko zibuze ahabomvye. 7Izindi zigwa mu mahwa hagati, amahwa amerana na zo, arazinyoha. 8Izindi zigwa mw'ivu ryiza, ziramera, zama impeke, imwe ijana, iyindi ijana, bityobityo." Avuze ivyo, avuga n'ijwi rirenga ati: "Uwuri n'amatwi yumva ni yumve." 9Maze abigishwa biwe bamubaza uwo mugani, ico usobanura. 10Arababwira ati: ""Mwebwe mwahawe kumenya amabanga y'ubwami bw' Imana; ariko abasigaye babibarirwa mu migani; ngo barabe, yamara ntibavyitegereze; bumve, yamara ntibabitahure." 11Umugani ni uwu. Imbuto ni ijambo ry'Imana. 12Abo i ruhande y'inzira n'abaryumvise, maze Umwansi yaza, agakura iryo jambo mu mitima yabo, kugira ngo ntibizere ngo bakizwe. 13Abo ku rutare ni aba: iyo bumvise iryo jambo, baryakirana umunezero, ariko ntibagira imizi, bizera akanya gato, maze mu gihe c'igeragezwa bakarireka. " 14Izaguye mu mahwa ni abaryumvise, maze bariko barigira umwitwaririko wo muri ubu bugingo, bo n'ubutunzi n'ibihimbaro vyo muri bwo, bikabanyoha, ntibame imbuto nziza. 15Izo mw'ivu ryiza ni abumvise iryo jambo bakarigumya mu mitima myiza itunganye, bakamishwa imbuto n'ukwihangana. 16Kandi nta wodomeka itara, ngo aryubikeko ikintu, canke ngo arishire mu rutara, ariko arishira ku gitereko caryo, ngo abinjira basange habona. 17Kuko ata canyegejwe kitazozanwa ahabona, canke icagizwe ibanga kitazomenyekana kikaja ahabona. 18Mwiyubare uburyo mwumva; kuko uwufise azohabwa kandi uwudafise azokwakwa n'ico yiyumvira ko afise. 19Maze nyina n'abavukanyi biwe baza aho ari, ntibashobora kumushikira ku bwo ishengero. 20Baramubwira bati: "Umuvyeyi wawe na barumuna bawe bahagaze hanze bagomba kubonana nawe." 21Na we arabishura ati: "Mama na bene mama ni aba bumva ijambo ry'Imana bakarikora." 22Igihe kimwe Yesu n'abigishwa biwe batambukira mu bwato, arababwira ati: "Tujabuke, tuje hakurya y'ikiyaga." Baherako baragenda, bava ku nkombe. 23Bariko baragenda, arasinzira; haduka igihuhusi c'umuyaga mu kiyaga, ubwato bwariko buruzura amazi, bari mw'irinde. 24Baraza, baramukangura bati: "Mwigisha, Mwigisha, turapfuye!" Arikangura, azibiza ingunza n'ugusuriranya kw'amazi; birahora, haba agahwekere. 25Arababaza ati: "Mbega ukwizera kwanyu kuri hehe?" Baratinya baratangara, barabazanya bati: "Mbega uwu n'umuntu ki, ko abarira n'umuyaga n'amazi bikamwumvira?" 26Bafata hakurya mu gihugu c'Abageraseni, kirabana n'i Galilaya. 27Ashitse i musozi, umuntu yavuye mu gisagara, yinjiwemwo n'abadayimoni, aramusanganira. Yari amaze imisi myinshi ata mpuzu acambara; nta nzu yabamwo, yaba mu masenga y'imva. 28Abonye Yesu arasemerera, amwikubita imbere, avuga n'ijwi rirenga ati: "Unshakako iki ga Yesu, Mwana w'Imana Isumbavyose?" Ndakwinginze, ntunyice rubi. 29Kuko yari abariye iyo mpwemu ihumanye kuva muri uwo muntu Yahora imutera kenshi, kandi bamubohesha iminyororo ku maboko no ku maguru, bakamurinda, agacagagura ibimuboshe, dayimoni akamutwara nk'agashururu mu bugaragwa. 30Yesu aramubaza ati: "Witwa nde?" Aramwishura ati: "Ndi Gitero." Kuko abadayimoni benshi bari baramwinjiyemwo. 31Ziramwinginga ngo ntazibarire kuja i kuzimu. 32Kandi hari ubusho bw'ingurube nyinshi zirisha kuri uwo musozi; ziramwinginga ngo azemerere kuzinjiramwo; arazemerera. 33Abadayimoni basokoroka muri uno muntu, binjira muri nya ngurube, umukuku wirukira ku gatembwe, zisuka mu kiyaga, amazi araziniga. " 34Abaziragira babibonye barahunga, babivuga mu gisagara no mu misozi. 35Na bo bavayo, baza kuraba ivyabaye, bashika aho Yesu ari, basanga wa muntu dayimoni zamuvuyemwo, yicaye i ruhande y'ibirenge vya Yesu, yambaye, ubwenge bwagarutse; baratinya. 36Ababibonye babiganira ingene uwari yinjiwemwo n'abadayimoni yakize. 37Abantu bose bo mu gihugu c'Abageraseni gikikije aho baramwinginga ngo ave i wabo, kuko bari batewe n'ubwoba bwinshi. Atambukira mu bwato, asubira inyuma. 38Ariko wa muntu dayimoni zavuyemwo aramwinginga ngo agumane na we. ariko aramusezera 39ati: " "Subira i muhira i wawe, ubadondere ivyo Imana igukoreye vyose." " Aragenda, akwiza mu gisagara cose ivyo Yesu yamukoreye vyose. 40Yesu agarutse, ishengero riramusanganira, kuko bose bari bamurorereye. 41Maze haza umuntu yitwa Yayiro, umukuru w'isengero ry'Abayuda: yitembagaza imbere y'ibirenge vya Yesu, aramwinginga ngo aze i muhira i we, 42kuko yarafise umukobwa w'ikinege, yari amaze imyaka nka icumi n'ibiri avutse, kandi yariko arahwera. Ariko aragenda, ishengero riramubanda. 43Umugore arwaye ubutinyanka, yari abimaranye imyaka icumi n'ibiri, yamariye utwiwe twose ku bavuzi adutangamwo ingemu, ntihagira uwushobora kumukiza, 44amuturuka inyuma, akora ku buyonga bw'impuzu yiwe, ako kanya umugende w'amaraso urakama. 45Yesu arabaza ati: " "Ni nde ankozeko?" Bose bahakanye, Petero n'abari kumwe na we baramwishura bati: "Erega Mwigisha, n'ishengero rigutaye hagati rikugundanirako." 46Yesu aramubwira ati: "Hari uwunkozeko, kuko numvise ubushobozi bumvuyemwo." 47Wa mugore abonye yuko atayoberanye, aza ahinda agashitsi, amwikubita imbere, amubwirira mu maso y'abantu bose icatumye amukorako, n'uko akize uwo mwanya. 48Aramubwira ati: "Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije, genda amahoro." 49Akivuga, haza umuntu avuye kwa wa mukuru w'isengero ry'Abayuda ati: "Wa mwana wawe aracikanye, ureke kugora umwigisha." 50Maze Yesu avyumvise aramubwira ati: "Ntutinye, wizere gusa, arakira." 51Ashitse ku nzu, ntiyagira uwundi muntu akundira kwinjirana na we, atari Petero, Yohana na Yakobo, na se wa nya mukobwa na nyina. 52Asanga bamuririra bose, bishishitira. Arababarira ati: "Nta co murira, ntahwereye, ariko arasinziriye." 53Baramutwenga bamushimanga, kuko bari bazi ko yapfuye. 54Amufata ukuboko, avuga n'ijwi rirenga ati: "Mukobwa, vyuka. " 55Ubuzima bwiwe buragaruka, aca ava hasi uwo mwanya; Yesu ababarira ngo bamugaburire. 56Abavyeyi biwe baratangara, ariko arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu n'umwe babwira ibibaye.

will be added

X\