LUKA 6

1Kw'isabato agenda aca mu mirima y'ingano; abigishwa biwe bamyoza ingano, barazihekenya, bazivungavunze mu minwe. 2Bamwe mu Bafarisayo barababaza bati: "Ni igiki gitumye mukora ikizira gukorwa kw'isabato?" 3Yesu na we arababaza ati: "Nta ho murigera musoma ivyo Dawidi yakoze, aho yari ashonje, asonzanye n'abari kumwe na we; 4ingene yinjiye mu nzu y'Imana, akakira imitsima yagenewe gushikanirwa Imana, akayirya, akayihako n'abari kumwe na we, ari umuziro kuribwa, uretse abaherezi bonyene? 5Kandi arababwira ati: "Umwana w'umuntu ni Umwami w'isabato." 6Ku yindi sabato yinjira mu rusengero rw'Abayuda, arigisha; kandi hari umuntu anyunyutse ukuboko kw'i buryo. 7Abahinga b'ivyanditswe bo n'Abafarisayo baramugenza ngo barabe ko akiza kw'isabato, ngo baronke ingene bomurega. 8Na we amenya ivyo biyumvira; abarira uwo muntu anyunyutse ukuboko ati: "Va hasi, uhagarare hagati." Ava hasi, arahagarara. 9Yesu arababwira ati: "Ndababaze, mbega ivyemerwa ni ugukora ivyiza kw'isabato, canke ni ugukora ibibi; gukiza umuntu, canke kumwica?" 10Aberaguzamwo amaso bose, aramubarira ati: "Ramvura ukuboko kwawe." " Arabigira, ukuboko kwiwe kurakira. 11Ariko bo birabasaza rwose, baja inama y'ico bogira Yesu. 12Muri iyo misi avayo, aja ku musozi gusenga. Akesha ijoro asenga Imana. 13Ijoro rikeye, ahamagara abigishwa biwe, atoranyamwo icumi na babiri, abita intumwa. 14Simoni, uwo yise Petero, Andereya mwene nyina, Yakobo, Yohana, Filipo, Barutolomayo, 15Matayo, Toma, Yakobo umwana wa Alufayo, Simoni yitwa Zelote, 16Bari Yuda umwana wa Yakobo na Yuda Isikaryota yabaye umuguranyi. " 17Amanukana na bo, ahagarara ahateze, kandi hariho ishengero ryinshi ry'abigishwa biwe, n'ishengero ryinshi ry'abantu bavuye i Yudaya hose n'i Yerusalemu no mu gihugu co muri Tiro n'i Sidoni gihereranye n'ikiyaga kinini, baje kumwumva no gukizwa indwara zabo. 18Kandi n'abababazwa n'impwemu zihumanye barakizwa. 19Kandi ishengero ryose rigerageza kumukorako, kuko ubushobozi bwamuvamwo bukabakiza bose. 20Yunamurira amaso abigishwa biwe arababwira ati: "Murahiriwe mwebwe aboro; kuko ubwami bw' Imana ari ubwanyu. 21Murahiriwe mwebwe mushonje ubu, kuko muzohazwa. Murahiriwe mwebwe murira ubu, kuko muzotwenga. 22Muzoba muhiriwe abantu ni babanka bakabaca, bakabatuka, bakanegura izina ryanyu nk'aho ari ribi, babahoye Umwana w'umuntu. 23Uwo musi muzonezererwe mwitere hejuru, kuko impera yanyu ari nini mw'ijuru; kuko ari ko ba sekuruza babo bagize abavugishwa n'Imana. 24Ariko muzobona ibara, mwebwe abatunzi; kuko muhejeje gutunganirwa. 25Muzobona ibara, mwebwe muhaze ubu; kuko muzosonza. Muzobona ibara, mwebwe mutwenga ubu; kuko muzoboroga murira. 26Muzobona ibara, aho abantu bose bazobashemagiza; kuko ari ko ba sekuruza babo bashemagije abigira abavugishwa n'Imana. 27Ariko mwebwe mwumviriza ndababwire: " Ni mukunde abansi banyu, mugirire neza ababanka." 28Muhezagire ababavuma, musabire ababagirira nabi. 29Uwugukubise mu musaya, umuhindukirize n'uwundi; uwukwaka umutamana, ntumwime n'ikanzu. 30Uwugusaba wese umuhe, uwunyaga ivyawe ntuzosubire kubimwaka. 31Kandi uko mugomba ko abantu babagirira, mube ari ko mubagirira namwe. 32Kandi ni mwakunda ababakunda, muzoshimwa iki? Kuko abanyavyaha na bo bagira batyo. 33Kandi ni mwagirira neza ababagirira neza, muzoshimwa iki? Kuko abanyavyaha na bo bagira batyo. 34Kandi ni mwagurana abo muziga ko bazobishura, muzoshimwa iki? Abanyavyaha na bo bagurana abandi banyavyaha, ngo bishurwe nk'ivyabo. 35Ariko mukunde abansi banyu, mubagirire neza, mugurane abantu, mutaziga ko muzokwishurwa; kandi impera zanyu zizoba nyinshi, namwe muzoba abana b'Iyisumbavyose; kuko igirira neza intashima n'ababi. 36Mugire imbabazi, nk'uko So agira imbabazi. 37Kandi ntimugahinyurire mu mitima yanyu, namwe mukazohinyurwa; kandi ntimugatsindishe, namwe mukazotsindishwa. Mubohore, namwe muzobohorwa. Mutange, namwe muzohabwa. 38Ingero nziza, itsindagiye, inyingishe, isesekaye, ni yo bazobaha mu co muteze. Kuko ingero mugeramwo ari yo muzosubirizwamwo namwe. 39Kandi abacira umugani ati: "Mbega impumyi yoshobora kujana iyindi mpumyi?" Zompi ntizogwa mu cobo? 40Umwigishwa ntaruta umwigisha wiwe, ariko umwigishwa wese arangije azoba nk'umwigisha wiwe. 41Urabira iki akabango kari mu jisho rya mugenzawe, ikigiga kiri mu jisho ryawe ntucitegereze? 42Woshobora ute kubwira umuvukanyi wawe uti: "Zana muvukanyi ndagutosore ikigiga kiri mu jisho ryawe; nawe ubwawe nturabe ikigiga kiri mu jisho ryawe? Wa ndyarya we, banza witosore ikigiga kiri mu jisho ryawe, uheze ubone neza gutosora akabango kari mu jisho ry'umuvukanyi. 43Kuko ata giti ciza cama ibibi, kandi nta giti kibi cama ivyiza. 44Igiti cose kimenyekanira ku vyo camye. Nta bokwamura insukoni ku munyinya, canke inzabibu ku mukere. 45Umunyangeso nziza akura ivyiza mw'itunga ryiza ryo mu mutima wiwe, n'umunyangeso mbi akura ibibi mw'itunga ribi. Ibibogaboga mu mutima ni vyo akanwa kiwe kavuga. 46Kandi mumpamagarira iki ngo Mwami, Mwami; ntimukore ivyo mvuga? 47Umuntu wese aza aho ndi, akumva amajambo yanje, akayakora, ndabereka uko asa. 48Asa n'umuntu yubaka inzu, yimvye hasi cane, akubaka umushinge ku rutare. Maze umugezi wuzuye usurira kuri iyo nzu, ntiwashobora kuyinyiganyiza, kuko yubatswe neza. 49Ariko uwumva, ntabikore, asa n'umuntu yubatse inzu ko ivu, atimvye umushinge; maze umugezi uyisurirako, ica irasenyuka, uguhomvoka kw'iyo nzu kwabaye ugukomeye.

will be added

X\