LUKA 5

1Nuko ishengero ririko rirahita ryumva ijambo ry'Imana, yari ahagaze ku musenyi w'ikiyaga c'i Genesareti. 2Abona amato abiri aziritswe ku nkombe y'ikiyaga, ariko abarovyi bari bayavuyemwo, boza insenga. 3Atambukira mu bwato bumwe, bwari ubwa Simoni, aramusaba ngo abwigizeyo buve ku nkombe gatoya; aricara, yigisha ishengero, ari mu bwato. 4Ahejeje kuvuga, abarira Simoni ati: "Igira hagati, muterere insenga zanyu murobe." 5Simoni aramwishura ati: "Erega Mwigisha, twakesheje ijoro ryose twarushe, nta co twafashe; ariko ku bwo ijambo ryawe ndaterera insenga." 6Babigize, baroba ifi nyinshi cane, insenga zabo zigomba gucika. 7Bakura abagenzi babo bari mu bundi bwato, ngo bazobafashe. Baraza, buzuza ubwato bwompi, bwagomba kwibira. 8Ariko Simoni Petero abibonye yikubita imbere y'amavi ya Yesu ati: "Va aho ndi, Mugenzi, kuko ndi umunyavyaha." 9Kuko atangaye, n'abari kumwe na we bose, babonye ifi barovye. 10Na Yakobo na Yohana abana ba Zebedayo na bo baratangara, bari bafatanije na Simoni. Yesu abwira Simoni ati: "Nta co utinya, kuva ubu uzoroba abantu. " 11Bahejeje gushikana ubwato bwabo ku nkombe, basiga vyose, baramukurikira. 12Ikindi gihe ari mu gisagara kimwe muri vyo, haza umuntu ajejeta imibembe. Abonye Yesu yikubita hasi yubamye, aramwinginga ati: " "Mugenzi, ukunze, woshobora kumpumanura." 13Agorora ukuboko, amukorako ati: "Ndakunze, humanuka." Imibembe ica imuvako. 14Aramwihanikiriza ati: "Ntagire umuntu ubibarira mugabo genda, wiyereke umuherezi, utange ivyo uguhumanurwa kwawe, nk'uko Mose yabitegetse, bibe ikimenyetso kibabere icabona." " 15Ariko inkuru yiwe irushiriza gukwira, ishengero ryinshi rikoranira kumwumva no gukizwa indwara zabo. 16Ariko we yiherera mu bugaragwa, asenga. 17Umusi umwe Yesu ariko arigisha, Abafarisayo n'abigisha ivyagezwe bari bicayeho, bavuye mu mihana yose y'i Galilaya, i Yudaya n'i Yerusalemu; kandi ubushobozi bw'Imana bwo gukiza indwara bwari muri we." 18Maze haza abagabo bazanye ikimuga, bagiteruye mu nderuzo, barondera ingene bacinjiza ngo bagishire imbere yiwe. 19Babuze aho bocinjiriza ku bwo ishengero, burira hejuru ku nzu, bagicisha mu mategura ayisakaye, bacururutsa mu nderuzo hagati y'abantu imbere ya Yesu. 20Abonye ukwizera kwabo, aravuga ati: "Ewe muntu, ivyaha vyawe urabihariwe." 21Abahinga b'ivyanditswe n'Abafarisayo batangura kwiburanya bati: "Uwo ni nde arogose? Ni nde ashobora guharira ivyaha atari Imana yonyene?" 22Maze Yesu, amenye ivyo biburanya, arababaza ati: "Mwiburanya ibiki mu mitima yanyu?" 23Icoroshe ni ikihe ni ukuvuga nti: 'Uhariwe ivyaha vyawe;' canke ni ukuvuga nti: ' Vyuka ugende?' 24Ariko kugira ngo mumenye ko Umwana w'umuntu afise ububasha mw'isi bwo guharira ivyaha-" abwira ico kimuga ati: "Ndakubariye nti Vyuka, wikorere inderuzo yawe, utahe." 25Aca avyuka imbere yabo, yikorera inderuzo yari aryamyemwo, arataha, ahimbaza Imana. 26Bose barumirwa cane, bahimbaza Imana, baterwa n'ubwoba bwinshi bati: "Uwu musi tubonye ibitangaza." 27Ivyo bishize, arasohoka, abona umutozakori yitwa Lewi, yicaye aho yatoreza ikibuguro, aramubarira ati: "Nkurikira." 28Asiga vyose, ava hasi, aramukurikira. 29Lewi amuteguriza izimano ryinshi mu nzu yiwe; kandi hari abantu benshi b'abatozakori n'abandi bicaranye na bo basangira. 30Abafarisayo n'abahinga b'ivyanditswe bafatanye na bo bidodombera abigishwa ba Yesu bati: "Ni igiki gitumye musangira n'abatozakori n'abanyavyaha?" 31Yesu arabishura ati: "Abakomeye nta co bagombera umuvuzi, atari abarwaye. 32Sinaje guhamagara abagororotsi, ariko naje guhamagara abanyavyaha ngo bihane." 33Na bo baramubwira bati: "Abigishwa ba Yohana barisonzesha kenshi bagasenga, n'abo Abafarisayo ni uko, ariko abawe baririra, barinywera." 34Yesu arababaza ati: "Mbega mwoshobora mute kugera abatowe ngo bisonzeshe, bakiri kumwe n'umukwe?" 35Ariko hari imisi izoza; kandi umukwe ni yabakurwamwo, bazoca bisonzesha muri iyo misi. 36Kandi abacira umugani ati: "Ntawotabura ikiraka ku mpuzu nshasha, ngo acomeke ku mpuzu y'umushire. Uwogira atyo yoba atabuye nshasha, kandi ikiraka atabuye kuri nshasha nticomatana n'iyo umushire." 37Kandi nta wotara umutobe w'umuvinyu mu mikuza y'insato ibombotse; kuko umuvinyu woturitsa iyo mikuza, igashirira hasi, imikuza igapfa. 38Ariko igikwiye ni ugutara umutobe w'umuvinyu mu mikuza y'insato. 39Kandi nta muntu yanyoye umuvinyu uhiye yogomba umutobe; kuko avuga ati: "Iyihiye ni yo nziza."

will be added

X\