LUKA 24

1Ku wa mbere w'indwi kare mu mutwenzi baja kuri ya mva, bajanye vya bimota neza bateguye. 2Basanga ikibuye gitembagajwe kivuye ku mva; 3binjirayo ntibasangamwo ikiziga c'Umwami Yesu. 4Ivyo bikibazazaniye, abagabo babiri bahagarara i ruhande yabo, bambaye impuzu zikayangana. 5Bagitinye, bunamitse amaso hasi, barababaza bati: "Ni igiki gitumye muronderera uwuriho, ahantu h'abapfuye?" 6Ntari hano, ariko yazutse. Mwibuke uko yababwiye, akiri i Galilaya 7ati: "Umwana w'umuntu akwiye gushirwa mu maboko y'abanyavyaha, no kubambwa, no kuzuka ku musi ugira gatatu." " 8Bibuka ya majambo yiwe. 9Bava mu mva, basubira inyuma, ivyo vyose babibarira bamwe icumi n'umwe n'abandi bose. 10Abo bagore ni Mariya Magadalene, Yowana na Mariya nyina wa Yakobo; kandi n'abandi bagore bari kumwe na bo, babarira intumwa ivyo. 11Ayo majambo ababera nk'umuyaga, ntibabemera. 12Ariko Petero ava hasi, yirukira ku mva, arunama, arungurukamwo, abona impuzu zera ziri zonyene; asubira i we, atangajwe n'ibibaye. 13Uwo musi nyene babiri muri bo bari mu nzira baja mu mihana ahitwa Emawusi, ni nko ku birometero icumi na kimwe uvuye i Yerusalemu, 14bavugana ivyabaye vyose. 15Bakivugana babazanya, Yesu ubwiwe arabegera, ajana na bo. 16Ariko amaso yabo atabwamwo uruhuni ngo ntibamumenye. 17Arababaza ati: " "Mbega ivyo mugenda murabazanya ni ibiki?" Barahagarara, bijiriwe. 18Umwe muri bo yitwa Kileyopa aramwishura ati: "Mbega ni wewe gusa watse indaro i Yerusalemu, utazi ivyabayeyo muri iyi misi?" 19Arababaza ati: "Ni ibiki?" Baramwishura bati: "Ni ivya Yesu Umunyanazareti, yari umuntu avugishwa n'Imana, akaba umunyabushobozi bwinshi mu vyo yakora no mu vyo yavuga, imbere y'Imana n'imbere y'abantu bose: 20n'ivyo uko abaherezi bakuru n'abashingantahe bacu bamutanze ngo acirwe urubanza rwo gupfa, bakamubamba." 21Kandi twari twishimiye yuko ari we azocungura Abisirayeli. Kandi ikigeretseko, uwu ni umusi ugira gatatu uhereye aho ivyo vyabereye. 22Kandi n'abagore bo muri twebwe badutangaje, bazindutse baja ku mva; 23babuze ikiziga ciwe, baraza batubarira yuko abamarayika babiyeretse bavuga yuko ariho. 24Kandi na bamwe mu bari kumwe natwe bagiye ku mva basanga ari ko biri, uko abo bagore batubariye; ariko we ntibamubona. 25Arababwira ati: "Yemwe mwa mburabwenge, imitima yanyu itevye cane kwizera ivyo abavugishwa n'Imana bavuze vyose !" 26Mbega Kristo ntiyari akwiye kubabazwa atyo ngo abone kuja mu bwiza bwiwe? 27Atangurira kuri Mose no ku bavugishwa n'Imana bose, abasobanurira mu vyanditswe vyose ivyamwanditsweko. 28Bashitse hafi y'umuhana bajako, amera nk'uwugomba kuwurengana. 29Baramugobera bati: "Gumana natwe, kuko bugira bwire kandi umusi ukuze cane. Arinjira ngo agumane na bo." 30Yicaye ngo asangire na bo, yakira umutsima, arawuhezagira, arawumanyagura, arawubaha. 31Uruhuni rubava ku maso, baramumenya: maze arakamangana, ntibaba bakimubona. 32Baravugana bati: "Mbega imitima yacu ntiyari iriko irasimbagurika, aho yariko aravugana natwe mu nzira, aduhishurira ivyanditswe!" 33Ako kanya nyene, basubira i Yerusalemu, basanga bamwe icumi n'umwe bakoranye, bo n'abari kumwe na bo, 34kandi bavuga bati: "Ni ukuri Umwami Yesu yazutse, kandi yabonywe na Simoni." 35Na bo babadondera vya bindi vyo mu nzira, kandi yuko bamumenyeshejwe n'uko yamanyaguye umutsima. 36Bariko baravuga ivyo, Yesu ubwiwe ahagarara hagati muri bo, arababwira ati: "Amahoro abe muri mwebwe." 37Ariko bafatwa n'ubwoba bacika ivutu, bagira ngo n'umuzimu babonye. 38Arababaza ati: "Ni igiki kibahagaritse imitima? Kandi mwibaza iki mu mitima yanyu?" 39Ni murabe ibiganza vyanje n'ibirenge vyanje, mumenye ko ari jewe ubwanje. Ni munkorakore, murabe, kuko umuzimu utagira inyama n'amagufa, nk'ivyo mumbonana. 40Avuze ivyo, abereka ibiganza vyiwe n'ibirenge. 41Akanyamuneza kakibabujije kuvyemera, bariko baratangara, arababaza ati: "Hari utwo kurya mufise hano?" 42Bamuha igice c'ifi yokeje, 43aracakira, akirira imbere yabo. 44Arababwira ati: "Aya ni amajambo yanje nababwira nkiri kumwe namwe, y'ingene ivyanditswe kuri jewe vyose mu vyagezwe vya Mose no mu majambo y'abavugishwa n'Imana no muri Zaburi bikwiye gushika." 45Maze abungura ubwenge ngo batahure ivyanditswe. 46Arababwira ati: "Ni ko vyanditswe yuko Kristo akwiye kubabazwa no kuzuka mu bapfuye ku musi ugira gatatu, 47kandi yuko ukwihana n'uguharirwa ivyaha bikwiye kuvugwa mw'izina ryiwe mu mahanga yose, uhereye i Yerusalemu. 48Namwe muri ivyabona vyo kuvuga ivyo. 49Umve, ngira ndabarungikire ico Data yasezeranye; ariko mugume mu gisagara, kugeza aho muzokwambikirwa ubushobozi buvuye mw'ijuru. 50Abavanaho, abashitsa aharabana n'i Betaniya, aterura amaboko, arabahezagira. 51Akibahezagira, atandukanywa na bo, aduzwa mw'ijuru. 52Na bo baramusenga, basubira i Yerusalemu bafise akanyamuneza kenshi. 53Bama mu rusengero ubudasiba bashima Imana.

will be added

X\