LUKA 23

1Iryo koraniro ryose riva hasi, bamujana kwa Pilato. 2Batangura kumwagiriza bati: "Uwu twamubonye agumura ubwoko bwacu, ababuza gutanga ikori rya Kayisari, yivuga ngo ni Kristo, Umwami." 3Pilato aramubaza ati: "Ni wewe Mwami w'Abayuda?" Na we aramwishura ati: "Uravyivugiye." 4Pilato abwira abaherezi bakuru n'ishengero ati: "Nta kibi mbona kuri uwo muntu." 5Na bo barashimika bati: "Asibanganya igihugu, yigisha i Yudaya hose; yahereye i Galilaya none ageza n'ino." " 6Pilato avyumvise, abaza yuko uwo muntu ari Umunyagalilaya. 7Amenye yuko ari uwo mu gihugu ca Herode, amurungika kwa Herode, kuko na we yari i Yerusalemu muri iyo misi. 8Herode abonye Yesu aranezerwa cane, kuko yahereye kera yipfuza kumuraba, kuko yahora yumva ivyiwe, kandi yaziga ko yobona ikimenyetso yokora. 9Amubaza amajambo menshi, ntiyamwishura na rimwe. 10Abaherezi bakuru n'abahinga b'ivyanditswe barahagarara, bakovya kumwagiriza cane. 11Herode aramutitura, hamwe n'abasoda biwe, aramushinyagurira, maze amwambika impuzu itukura y'agaciro, amusubiza kwa Pilato. 12Uwo musi nyene Herode na Pilato baca barakundana kandi bari basanzwe bankana. 13Pilato akoranya abaherezi bakuru n'abashingantahe n'abantu, 14arababwira ati: " "Mwanzaniye uwu muntu ngo agumure abantu; none jewe namusambishije imbere yanyu, nta caha mbona kuri we ku vyo mwamureze." 15Na Herode ni uko, kuko yamudushubije; kandi raba nta co yakoze gikwiye kumwicisha. 16Nuko ndamukubita, ndamurekure. [ 17Kuko yari akwiye kubarekurira imbohe imwe muri iyo misi mikuru. ] 18Ariko bose basemererera icarimwe bati: "Kuraho uwo, uturekurire Baraba." 19Uwo yari yashizwe mw'ibohero bamuhoye ukugarariza kwabaye muri ico gisagara, bo n'ubwicanyi. 20Pilato yongera kubabwira, kuko agomba kurekura Yesu. 21Ariko bo barayogora bati: "Mubambe, mubambe." 22Ababaza ubugira gatatu ati: "Ku ki? uwu yakoze ikibi giki? Sindamubonako igikwiye kumwicisha; nuko ndamukubita, ndamurekure." 23Ariko bakovya kuyogora bavuga n'amajwi arenga, bamusaba ko abambwa, amajwi yabo aramunesha. 24Nuko Pilato aca urubanza nk'uko bamusavye. 25Arekura uwashizwe mw'ibohero bamuhoye ubugarariji n'ubwicanyi, uwo basavye; maze atanga Yesu ngo agirwe uko bagomba. 26Bakimujana, bafata umuntu yitwa Simoni Umunyakurene, avuye mu mihana, bamukorera umusaraba, ngo awikorere akurikiye Yesu. 27Ishengero ry'abantu ryinshi riramukurikira, ririmwo n'abagore bamuborogera, bamuborogera. 28Yesu arakebuka ati: "Yemwe bakobwa b'i Yerusalemu, ntimundirire, ariko mwiririre n'abana banyu, 29kuko imisi izoza bazovuga bati: 'Garahiriwe abagumbashe n'inda zitigeze kuvyara n'amabere atigeze kwonsa.'" 30Ni ho bazotangura kubarira imisozi bati: "Ni mutugweko;" n'imirambi bati: "Ni mudupfuke." 31Ko bagirira batyo igiti kibisi, none icumye kizogirirwa gite? 32Bamujanana n'inkozi z'ikibi zibiri ngo zicanwe na we. 33Bashitse ahantu hitwa Nyagihanga, bamubambanaho na za nkozi z'ibibi, umwe i buryo bwiwe, uwundi mu bubamfu. 34Yesu aravuga ati: "Data, n'ubaharire, kuko batazi ico bakora." Bagabura impuzu ziwe, bakoresheje ubupfindo. 35Abantu bahagarara baraba. Abashingantahe na bo bamutwengera mw'ijigo bati: "Yakijije abandi, ni yikize, namba ari Kristo w'Imana, uwatoranijwe na yo." 36N'abasoda baramucurira, baramwegera, bamuha inkarisha, 37baramubarira bati: "Ni waba uri Umwami w'Abayuda, ni wikize." 38Hejuru yiwe kandi hari icandiko canditswe, ngo uwu NI UMWAMI W'ABAYUDA. 39Umwe mu nkozi z'ibibi zibambwe aramutuka ati: "Si wewe Kristo? Ni wikize, natwe udukize." 40Ariko uwa kabiri amwishura amuhana ati: "No kwubaha Imana ntuyubaha, kandi uciriwe urubanza rumwe n'urwiwe?" 41Tweho turishuye, kuko tugiriwe ibihwanye n'ivyo twakoze; ariko uwu nta kibi yakoze. 42Kandi aravuga ati: "Urahava uzonyibuke Yesu, aho uzozira mu bwami bwawe." 43Aramwishura ati: "Ndakubwire ukuri, uwu musi urabana nanje muri Paradiso." 44Kandi hari nk'isaha zitandatu, ubwirakabiri bukorana mu gihugu cose, bushitsa kw'isaha y'icenda 45izuba ryazimanganye. Igihuzu gikingiriza ahera cane h'urusengero gitabukamwo kubiri. 46Yesu amaze gusemerera n'ijwi rirenga, aravuga ati: "Data, nshize ubugingo bwanje mu maboko yawe." Ahejeje kuvuga atyo aracikana. 47Intwazangabo z'abasoda ijana abonye ibibaye, ahimbaza Imana ati: "Ni ukuri uwu muntu yari umugororotsi." 48Ishengero ryose ryari ribikungereye, babonye ibibaye basubira inyuma bamuborogera. 49Abazinanyi na Yesu bose n'abagore bari bavanye i Galilaya na we bari bahagaze kure babiraba. 50Maze hari umuntu yitwa Yosefu, yari umushingantahe mu nama nkuru, kandi Yari umunyangeso nziza agororotse. 51Uwo ntiyari yafatanije inama n'abandi n'ivyo bakoze; yari Umunyarimataya, igisagara c'Abayuda, yari areretse ubwami bw'Imana. 52Uwo aja kwa Pilato, asaba ikiziga ca Yesu. 53Arakibambura, akizingira mu mpuzu yera, agishira mu mva yimbwe mu bitandara, itarahambwamwo umuntu. 54Wari umusi wo Kwitegura, isabato igira ishike. 55Abagore bari bavanye na Yesu i Galilaya bakurikira Yosefu, babona iyo mva, n'ingene ikiziga ciwe gishizwemwo. 56Basubira inyuma, bategura ibimota neza n'amavuta amota cane. Kandi kw'isabato bararuhuka, nk'uko vyagezwe.

will be added

X\