LUKA 22

1Imisi mikuru y'ukurya imitsima itambiwe yitwa Pasika yagira ishike. 2Abaherezi bakuru n'abahinga b'ivyanditswe barondera uburyo bwo kumwica, kuko batinya abantu. 3Satani yinjira muri Yuda ari we Isikaryota, yari mu gitigiri ca bamwe icumi na babiri. 4Aragenda, aja inama n'abaherezi bakuru n'abakuru b'abacungera irembo ry'urusengero, y'uburyo bwo kumubaronkera. 5Baranezerwa, basezerana kumuha amahera y'ifeza. 6Na we aremera, arondera uburyo bwo kumubaronkera, ishengero ritariho. 7Umusi w'ukurya imitsima itambiwe urashika, uwo bakwiye kubagako umwagazi w'intama wa Pasika. 8Atuma Petero na Yohana, arababarira ati: " "Ni mugende, mudutegurire ivya Pasika, kugira ngo turye." 9Baramubaza bati: "Ugomba ko tubitegurira hehe?" 10Arabishura ati: "Umve, mumaze gushika mu gisagara, murahura n'umugabo yikoreye umubindi w'amazi; mumukurikire mu rugo ajamwo." 11Mubwire nyene urugo ko umwigisha abaza aho indaro iri, aho asangirira ivya Pasika n'abigishwa biwe? 12Na we arabereka icumba kinini co mw'igorofa gitunganijwe; mube ari co muteguriramwo. 13Baragenda, babisanga uko yabibabariye, bategura ivya Pasika. 14Igihe gishitse, aricara ngo arye, kandi intumwa na zo zicarana na we. 15Arababwira ati: "Nari navyipfuje cane gusangira namwe ivyo iyi Pasika, ntarababazwa. 16Ndababwire, Sinzokwongera kuyiryako, kugeza aho izoshikira mu bwami bw'Imana." 17Yakira igikombe, agishimira Imana, arababarira ati: "Nimucakire, mugisangire; 18kuko ndababwira yuko uhereye ubu ntazokwongera kunywa ku nzabibu, kugeza aho ubwami bw'Imana buzozira." 19Yakira umutsima, awushimira Imana, arawumanyagura, arawubaha, arababwira ati: "Uwu ni umubiri wanje ubatangiwe; murakore mutya kugira ngo kibe icibutso canje." 20N'igikombe akigenza atyo bahejeje kurya, arababwira ati: "Iki gikombe n'isezerano rishasha ryo mu maraso yanje, abaviriye." 21Kandi raba, ukuboko kw'uwungura kuri kumwe nanje ku meza. 22Ni ukuri, Umwana w'umuntu aragenda, nk'uko vyashinzwe; ariko uwo muntu amugurisha azobona ibara. 23Batangura kubazanya, ngo ni nde muri bo agira akore ico kintu. Abigishwa baja Impari z'ivyo ubukuru 24Maze havyuka impari muri bo, z'uwuzoba umukuru uwo ari we. 25Arababwira ati: "Abami b'amahanga bayatwaza amanyama, n'abafise ububasha bwo kuyaganza bitwa ba rutungaboro." 26Ariko mwebwe si uko; mugabo umukuru muri mwebwe abe nk'umuto, n'uwuganza abe nk'uwubakorera. 27Umukuru ni nde, ni uwukorerwa, canke ni uwumukorera? Mbega si uwukorerwa ariko jeho ndi hagati muri mwebwe meze nk'uwubakorera. 28Ni mwebwe mwamanye nanje mu vyo nageragejwe. 29Nanje ndababikiye ubwami, nk'uko Data ya bumbikiye, 30ngo muzorire, munywere ku meza yanje mu bwami bwanje; kandi muzokwicara ku ntebe z'icubahiro mucire imanza imiryango y'Abisirayeli, uko ari icumi n'ibiri. 31Aravuga ati: "Simoni, Simoni, raba Satani yabasavye ngo abagosore nk'ingano; 32ariko wewe nagusengeye ngo ukwizera kwawe ntiguhere." Nawe ni wamara guhinduka, uzoremeshe incuti zawe." 33Aramubwira ati: "Mugenzi, niteguye kujana nawe no mw'ibohero no mu rupfu." 34Aramubwira ati: "Petero, ndakubwire, Inkoko itarabika uwu musi, uhava unyihakana gatatu ngo ntunzi." 35Kandi arababaza ati: "Hamwe nabatuma mudafise umupfuko w' amahera canke isaho canke ibirato, hari ico mwabuze?" Baramwishura bati: "Nta co twabuze." 36Arababwira ati: "Ariko noneho, uwufise umupfuko w'amahera awujane, n'uwufise isaho ayijane; kandi uwudafise inkota, ashore impuzu yiwe ayigure." 37Ndababwire, Ibi vyanditswe bikwiye kunshikako, ngo Yaharuranywe n'abanyabicumuro. Kuko ivyanje bigira bishike. 38Baramubwira bati: "Mushingantahe, ehe, ngizi inkota zibiri." Arababwira ati: "Ziramaze." 39Arasohoka, aja ku musozi wa Elayono, nk'uko yamenyereye; abigishwa biwe na bo baramukurikira. 40Ashitse aho hantu, arababarira ati: "Ni musenge, kugira ngo ntimuje mu mosha mabi." 41Atandukana na bo, ashika nk' ahoterwa ibuye, arapfukama, arasenga 42ati: "Data, asangwa ubigomba, kura iki gikombe, kindengane: ariko ntibibe uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba." 43Umumarayika aramwiyereka, avuye mw'ijuru, amutera intege. 44Arushirije kwicwa n'umubabaro, ashishikara gusenga cane, icuya ciwe kiba nk'ibitonyanga binini vy'amaraso bitonyanga hasi. 45Amaze gusenga, ava hasi aja aho abigishwa bari, asanga basinzirijwe n'umubabaro. 46Arababaza ati: "Ni igiki gitumye musinzira? Ni muvyuke, musenge, ntimuje mu mosha mabi." 47Akivuga, haza igitero kizanywe n'uwitwa Yuda, umwe muri bamwe icumi na babiri, abagiye imbere; yegera Yesu, ngo amusome. 48Yesu aramubaza ati: "Yuda, mbega utangisha Umwana w'umuntu kumusoma?" 49Abari kumwe na we babonye ibigira bibeho, baramubaza bati: "Mugenzi, tubakubite inkota?" 50Umwe muri bo ayikubita umusavyi w'umuherezi mukuru, amuca ugutwi kw'i buryo. 51Yesu arababarira ati: "Geza aho." Akora ku gutwi kwiwe, aramukiza. 52Yesu abaza abaherezi bakuru n'abakuru b'abacungera irembo b'urusengero n'abashingantahe bamuziriye ati: "Mbega munziriye nk'umwambuzi, muzanye inkota n'amahiri? 53Imisi yose namana namwe mu rusengero ko mutaramvuye amaboko ngo mumfate; ariko iki n'igihe canyu n'ico ububasha bw'umwiza." 54Baramufata, baramujana, bamwinjiza mu nzu y'umuherezi mukuru, ariko Petero amuja inyuma barenga arenguka. 55Bacanye umuriro mu rugo hagati, bicaye hamwe, Petero yicara hagati muri bo. 56Incoreke imubona yicaye ahabona, imwitegereje iravuga iti: "N'uwu yari kumwe na we." 57Na we arabihakana ati: "Eka nyina wanje, sindanamuzi." 58Hashize akanya gato, uwundi aramubona, aramubwira ati: "Nawe nyene uri uwo muri bo." Petero aramwishura ati: "Eka wa muntu, si jewe." 59Hashize umwanya nk'isaha imwe, uwundi abivuga ashimitse ati: "Ni ivyo ukuri, uwu yari kumwe na we, bitayeko n'Umunyagalilaya." 60Petero aramubwira ati: "Eka wa muntu, sinzi n'ivyo uvuze." Akivuga, uwo mwanya inkoko irabika. 61Umwami Yesu arakebuka, yitegereza Petero. Petero yibuka rya jambo ry'Umwami, ingene yamubwiye ati: "Uwu musi inkoko itarabika, uja kunyihakana gatatu." " 62Arenga irembo, araturika ararira. 63Abagabo bari bafashe Yesu baramushinyagurira, baramushishagura, 64bamupfuka mu maso, baramubaza bati: " "Pfindura: ni nde agukubise?" " 65N'ibindi vyinshi babimuvuga bamutuka. 66Iryo joro rikeye, hakorana abashingantahe b'ubwo bwoko, ni bo baherezi bakuru n'abahinga b'ivyanditswe, bamujana mw'ikoraniro ry'abashingantahe ryabo, baramubaza 67bati: " "Namba uri Kristo, tubwire." Arababwira ati: "N'iyo nobabwira, ntimwovyemera; 68n'iyo nobabaza, ntimwonyishura." 69Ariko uhereye ubu Umwana w'umuntu azoba yicaye i buryo bw'ububasha bw'Imana. 70Bose baramubaza bati: "None rero uri Umwana w' Imana?" Arabishura ati: "Muravyivugiye ko ndi we." 71Bati: "Turacaronderera iki ivyabona? Kuko ubwacu tuvyiyumviye ibivuye mu kanwa kiwe.

will be added

X\