LUKA 20

1Umusi umwe, yigishiriza abantu mu rusengero, avuga ubutumwa bwiza, abaherezi bakuru, abahinga b'ivyanditswe n'abashingantahe baza aho ari. 2Baramubaza bati: "Tubwire ububasha bugutera gukora ivyo. Canke ubwo, ni nde yabuguhaye?" 3Arabishura ati: "Nanje hinge ndababaze ijambo, mumbwire: 4none ukubatiza kwa Yohana kwaturutse mw'ijuru, canke mu bantu? 5Baravugana bati: "Ni twavuga ko ari mw'ijuru; ahava atubaza icatubujije kumwemera? 6Ariko ni twavuga ko ari mu bantu, abantu bose baradutera amabuye, kuko bemeye badakekeranya yuko Yohana yavugishwa n'Imana." 7Bamwishura yuko batazi aho kwavuye. 8Yesu arababwira ati: "Nuko rero nanje sindababwira ububasha bunkoresha ivyo." 9Atangura gucira abantu uwu mugani ati: "Habaye umuntu yateye umurima w'inzabibu, arusigarana abarimyi, aja mu mahanga, amarayo igihe kirekire. 10Igihe c'iyera kigeze, atuma umukozi kuri ba barimyi, ngo bamwamurire ivyamwa vy'umurima w'inzabibu. Abo barimyi baramushishagura, bamurungika imbokoboko. 11Yongera gutuma uwundi mukozi; uwo na we baramushishagura, baramutetereza, bamurungika gusa. 12Atuma n'uwa gatatu; uwo na we baramukomeretsa, baramuhinda." 13Nyene umurima w'inzabibu aribaza ati: "Ndabigire gute? Ndatuma umwana wanje nkunda, kumbure bazomusonera." 14Ariko abo barimyi bamubonye baja inama bati: "Urya ni we samuragwa; ingo tumwice, kugira ngo umwandu uzobe uwacu." 15Bamuhindira inyuma y'umurima w'imizabibu, baramwica. None nyene umurima w'inzabibu azobagira ate? 16Azoza yice rubi abo barimyi, umurima w'inzabibu arusigarane abandi. Bavyumvise baravuga bati: "Biragahera." 17Arabitegereza, arababaza ati: "None rero aya majambo yanditswe ni amaki, ngo ibuye abubatsi bagaye, Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka?" 18Uwuzogwa kuri iryo buye wese azovunagurika, ariko uwo rizogwako wese rizomuvungura. " 19Abahinga b'ivyanditswe bo n'abaherezi bakuru ako kanya barondera ingene bomushorerako ako kanya amaboko, ariko batinya abantu; kuko bamenye yuko ari bo yaciyeko uwo mugani. 20Baramugenza, batuma abo kumudaha amajambo bigira intungane, ngo bakure urwitwazo mu vyo avuga, bamushire segaba nyene ububasha, ari we cegera ca Kayisari. 21Baramubaza bati: " "Mwigisha, turazi yuko uvuga kandi wigisha neza, kandi k'uwudatinya ijunja ry' abantu, ariko ko wigisha inzira y'Imana vy'ukuri; 22mbega biremerwa ko dutanga ikori rya Kayisari, canke ntivyemerwa?" 23Maze amenya uguhendana kwabo, arababwira 24ati: "Ni munyereke ihera; igishushanyo n'ivyanditswe kuri ryo ni ivya nde?" Bati: "Ni ivya Kayisari." 25Arababarira ati: "Nuko rero ivya Kayisari ni mubihe Kayisari, ivyo Imana mubihe Imana." 26Ntibashobora gukura urwitwazo muri ayo majambo imbere y'abantu, batangazwa n'ivyo abishuye, barahora. 27Abasadukayo bamwe baza kuri we, ni bo bahakana yuko ata kuzuka kuriho, baramubaza 28bati: "Mwigisha, Mose yatwandikiye yuko mwene nyina w'umuntu ni yapfa adasize agahungu, agasiga umugore, mwene nyina akwiye gucura uwo mugore, ngo avyure umuryango wa mwene nyina." 29Nuko rero habaye abavukana indwi; uwa mbere arongora umugore, apfa adasize agahungu; 30uwa kabiri aramucura, 31n'uwa gatatu nyene, ni uko bose uko ari indwi baramucura, bapfa badasize impfuvyi. 32Hanyuma na wa mugore arapfa. 33None mw'izuka azoba muka nde muri bo? Ko bari bamufise bose uko ari indwi! 34Yesu arabishura ati: "Abo iyi si bararongora, kandi barashingirwa, 35ariko abemerewe gushika muri ya yindi no kuzuka mu bapfuye ntibarongora kandi ntibashingirwa; 36kandi ntibaba bagishobora gupfa, kuko baringaniye n'abamarayika, kandi ari abana b'Imana, kuko ari abana b'ukuzuka." 37Ariko ivyo abapfuye ko bazuka, na Mose yabimenyekanishije hamwe havuga ivyo Igisaka c'amahwa, aho yita Uhoraho Imana ya Aburahamu, Imana ya Isaka n'Imana ya Yakobo. 38Erega Imana si iyo abapfuye, ariko ni iyo abariho; kuko kuri yo bose bariho. 39Bamwe mu banyabwenge b'ivyanditswe baramwishura bati: "Mwigisha, uvuze neza." 40Ntibaba bacubahuka kumubaza irindi jambo. 41Arababaza ati: "Bavuga bate yuko Kristo ari umwana wa Dawidi? 42Ko Dawidi ubwiwe avuga mu gitabo ca Zaburi ati: 'Uhoraho yabariye Umwami wanje Ati: ' Icara i buryo bwanje,' 43Ushitse aho nzohindurira abansi bawe indava yo musi y'ibirenge vyawe.' 44Dawidi ko yamwise Umwami, none ashobora ate kuba umwana wiwe?" 45Maze abarira abigishwa biwe, abantu bose bumva 46ati: "Mwirinde abahinga b'ivyanditswe, bakunda kugenda bambaye imvune, bagakunda kugirwako bwakeye mu tuguriro, no kwicara ku ntebe z'icubahiro mu nsengero z'Abayuda, n'ivyicaro vyo haruguru aho batumiwe." 47Barya ingo z'abapfakazi, kandi basengesha menshi bahumba; abo bazocirwa urubanza ruruta izindi.

will be added

X\