LUKA 2

1Muri iyo misi icagezwe kiva kwa Kayisari Augusito, ngo abo mw'isi bose bandikwe. 2Ukwo ni kwo kwandikwa kwa mbere kwabayeho Kureniyo akiri icegera ca Kayisari i Siriya. 3Bose baja kwiyandikisha, umuntu wese aja mu gisagara cabo. 4Yosefu na we ava i Galilaya mu gisagara c'i Nazareti, aja i Yudaya mu gisagara ca Dawidi, citwa Betelehemu, kuko yakomotse mu nzu ya Dawidi mu muryango wiwe; 5aja kwiyandikishanya na Mariya uwo yakoye, yari akuriwe. 6Bakiriyo, igihe ciwe co kuvyara kirashika. 7Avyara umuhungu w'imfura, amuzingirako impuzu y'uruyoya, amuryamika mu bwato bw'inka, kuko bari babuze umwanya mu ndaro. 8Muri iyo ntara hari abungere barara mu gahinga baraririye umukuku w'intungwa zabo. 9Umumarayika w'Umwami Imana ahagarara i ruhande yabo, ubwiza bw'Umwami bubakayanganira irya n'ino, baterwa n'ubwoba bwinshi. 10Umumarayika arababwira ati: "Nta co mutinya, umve ndababarira ubutumwa bwiza bw' akanyamuneza kenshi kazoba ku bwoko bwanyu bwose. 11Uwu musi Umukiza abavukiye mu gisagara ca Dawidi, ni we Kristo Umwami. 12Iki ni co kimenyetso canyu, murasanga umwana w'uruyoya azingiriweko impuzu y'uruyoya, aryamitswe mu bwato bw'inka." 13Uwo mwanya hamwe n'uwo mumarayika haboneka ingabo nyinshi zo mw'ijuru, zihimbaza Imana 14ziti: "Icubahiro ni kibe ku Mana ahasumba ijuru, No mw'isi amahoro abe mu b'inezererwa." 15Ba bamarayika bahejeje kuva aho bari, basubiye mw'ijuru, nya bungere baravugana bati: "Ingo rero tuje i Betelehemu, turabe ico kintu cabayeyo, ico Umwami Imana atumenyesheje." 16Bagenda banyaruka, babona Mariya na Yosefu n'uruyoya rubikiriwe mu bwato bw'inka. 17Babibonye bababarira ijambo babwiwe kuri uwo mwana. 18Abavyumvise bose batangazwa n'ivyo ba bungere bababwiye. 19Ariko Mariya abika ayo majambo yose, ayiyumvira mu mutima wiwe. 20Maze ba bungere bahindukira bahimbaza Imana, bayishimira ivyo bumvise vyose n'ivyo babonye, nk'uko babibwiwe. 21Kandi imisi munani iheze hageze ko bahimbura igikoba c'ubugabo, bamwita YESU, rya zina ryavuzwe n'umumarayika, atarasamwa inda. 22Imisi yo guhumanurwa kwabo iheze, nk'uko ivyagezwe vya Mose biri, bamujana i Yerusalemu kumushikanira Umwami Imana, 23nk'uko vyanditswe mu vyagezwe n'Umwami Imana, ngo Umuhungu wese w'icavutse ubwa mbere azokwitwe uwera k'Uhoraho; 24kandi ngo batange ikimazi c'intunguru zibiri canke inuma zibiri nk'uko vyavuzwe mu vyagezwe n'Umwami Imana. 25Kandi i Yerusalemu hari umuntu w'umugororotsi yubaha Imana yitwa Simeyoni kandi Mpwemu Yera yari kuri we. Yari arorereye uguhumurizwa kw'Abisirayeli. 26Yari yarabwiwe na Mpwemu Yera yuko atazopfa, atarabona Kristo w'Umwami Imana. 27Ajanwa na Mpwemu mu rusengero; abavyeyi bajanye uwo mwana Yesu ngo bamugenze nk'uko umugenzo w'ivyagezwe wari uri, 28aramwakira, aramukikira, ashima Imana 29ati: "Databuja, noneho urasezeye umusavyi wawe amahoro, Nk'uko wavuze; 30Kuko amaso yanje abonye agakiza kawe 31Ako wateguye mu maso y' amoko yose, 32Ngo kabe umuco wakira amahanga, No kuba ubwiza bw'abantu bawe b'Abisirayeli. 33Se na nyina batangazwa n'ayo majambo avuzwe kuri we." 34Simeyoni arabahezagira, abwira nyina Mariya ati: "Umve, uwu ashiriweho kugira ngo benshi mu Bisirayeli bagwe, benshi bavyuke, kandi abantu bazomupfa, 35kugira ngo ivyiyumviro vy'imitima myinshi bizoseruke. Kandi nawe, umubabaro uzokubabaza mu mutima nk'uwucumiswe n'inkota." 36Kandi hariho Ana, uwavugishwa n'Imana, umukobwa wa Fanuweli, wo mu muryango wa Asheri, yari umutamakazi wa kera, yabanye n'umugabo wiwe imyaka indwi, uhereye ku kurongorwa kwiwe. 37Yamaze imyaka mirongo umunani n'ine ari umupfakazi, ntiyava mu rusengero gusenga, yisonzesha yinginga, ku murango no mw'ijoro. " 38Ako kanya aca araza, ashima Imana, avuga ivya Yesu, abibwira abari barorereye ugucungurwa kw'i Yerusalemu bose. 39Baheraheje vyose nk'uko ivyagezwe n'Umwami Imana bivuga, basubira i Galilaya mu gisagara cabo i Nazareti. 40Kandi uno mwana arakura, agwiza inkomezi, yuzuzwa ubwenge, ubuntu bw'Imana bwari kuri we. " 41Uko umwaka uheze, abavyeyi biwe baja i Yerusalemu mu misi mikuru ya Pasika. 42Nuko amaze imyaka icumi n'ibiri avutse, baraduga, nk'uko umugenzo w'iyo misi mikuru wari uri. 43Baheraheje ivyo iyo misi, barataha, uwo muhungu Yesu asigara i Yerusalemu, abavyeyi biwe ntibabimenya. 44Ariko bibwiye yuko ari mw'ikoraniro ry'abo bagendanye, bagenda urugendo rw'umusi wose, maze bamurondera mu ncuti no mu bo bazinanyi. 45Bamubuze basubira i Yerusalemu bamurondera. 46Hashize imisi itatu, bamubona mu rusengero yicaye mu bigisha hagati, abumva, kandi ababaza. 47Abamwumvise bose batangazwa n'ubwenge bwiwe n'ivyo abishura. 48Bamubonye baratangara. Nyina aramubaza ati: "Mwananje, ni iki catumye utugirira utyo?" Urabona twe na so aho twakurondereye tubabaye. 49Arababaza ati: "Ni igiki cabateye kundondera?" Ntimwari muzi yuko bikwiye ko mba kwa Data? 50Ntibamenya iryo jambo ababwiye. 51Amanukana na bo, aja i Nazareti, yama abumvira. Nyina abika ayo majambo yose mu mutima wiwe. 52Kandi Yesu agwiza ubwenge, gukura no gushimwa n'Imana n'ahantu.

will be added

X\