LUKA 18

1Abacira umugani wo kubigisha ko bakwiye guhora basenga, ntibarambirwe. 2Arababwira ati: "Mu gisagara habaye umucamanza, adatinya Imana, ntagire udusoni ku bantu." 3Muri ico gisagara hari umupfakazi, aza kuri we kenshi, aramusaba ko amucira urubanza rumukiza umwansi wiwe. 4Amara imisi atemera, ariko hanyuma aribwira ati: "Naho ntatinya Imana, kandi singire isoni z'abantu, 5ariko kuko uwo mupfakazi angoye, ndamucira urubanza rumukiza, ngo ntiyame aza imisi yose, akanzigiriza." 6Kandi Umwami Yesu aravuga ati: "Ni mwumve ivyo uwo mucamanza agabitanya yavuze." 7None mbega Imana ntizocira urubanza rukiza abo yatoranije, bayiborogera ku murango no mw'ijoro, naho ibatevya? 8Ndababwira yuko izorubacira vuba. Ariko Umwana w'umuntu ni yaza, mbega azosanga ukwizera mw'isi? 9Uwu mugani na wo awucira abiyizigira ubwabo ko bagororotse, bagakengera abandi bose 10Ati: "Abantu babiri baduze baja mu rusengero gusenga, umwe yari Umufarisayo, uwundi yari umutozakori." 11Umufarisayo ahagaze asengera ku mutima wiwe ati: "Mana, ndagushimye yuko ntameze nk'abandi bose, abasahura, abagabitanya, abasambanyi canke n'abameze nk'urya mutozakori." 12Mu misi indwi yose nisonzesha kabiri, ntanga icacumi c'ivyo ndonka vyose. 13Ariko wa mutozakori, ahagaze kure, ntiyagomba no kurangamiza ngo arabe mw'ijuru, ariko arishishitira ati: "Mana, ngirira ikigongwe, ndi umunyavyaha." 14Ndababwire, Uwo muntu yamanutse aja i we, atsindanishirijwe kuruta wa wundi; kuko uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, ariko uwicisha bugufi azoshirwa hejuru. 15Maze bamuzanira abana babo b'inzoya ngo abakoreko. Abigishwa babibonye barabakankamira. 16Maze Yesu arabahamagara ati: "Ni mureke abana bato baze aho ndi, ntimubabuze; kuko ubwami bw'Imana ari ubwo abameze batyo." 17Ndababwire ukuri; Uwutazokwakira ubwami bw'Imana nk'umwana muto ntazobwinjiramwo na gatoya. 18Umukuru w'isengero ry'Abayuda aramubaza ati: "Mwigisha mwiza, nkore iki, ngo nzoragwe ubugingo budashira?" 19Yesu aramubaza ati: "Unyitira iki mwiza?" Nta mwiza atari umwe, ni we Mana. 20Urazi ivyagezwe, ngo Ntugasambane, ntukice, ntukibe, ntukagirize abandi ibinyoma, wubahe so na nyoko. 21Aramubwira ati: "Ivyo vyose naravyitondeye, mpereye mu buto bwanje." 22Yesu avyumvise aramubwira ati: "N'ubu uracahajije kimwe; shora ivyo ufise vyose, ugabire aboro, ni ho uzogira itunga mw'ijuru, uteko uze, unkurikire." 23Maze yumvise ivyo, arababara cane, kuko yari atunze vyinshi. 24Yesu amwitegereje aravuga ati: "Erega biragoye ko aba vyinshi binjira mu bwami bw'Imana !" 25Kuko icoroshe ari uko ingamiya yoca mw'izuru ry'urushinge hako umutunzi yinjira mu bwami bw'Imana. 26Abavyumvise baravuga bati: "Ubu rero, ni nde ashobora gukizwa?" 27Maze arababwira ati: "Ibidashobokera abantu bishobokera Imana." 28Petero aravuga ati: "Raba, twebwe twaretse ivyacu, turagukurikira." 29Arababwira ati: "Ndababwire ukuri, Nta waretse inzu, canke umugore, canke abavukanyi biwe, canke abavyeyi, canke abana, ku bwo ubwami bw'Imana, 30atazobishumbushwa umurengera muri iki gihe, no mu gihe kizoza atazohabwa ubugingo budashira." 31Yihereranya bamwe icumi na babiri, arababwira ati: "Ehe turaduze i Yerusalemu, kandi ivyanditswe n'abavugishwa n'Imana vyose bizoshika ku Mwana w'umuntu." 32Azoshirwa mu maboko y'abanyamahanga, acokorwe, ateterezwe, avumwe amate; 33kandi bazomushishagura, bamwice, ku musi ugira gatatu azozuka. " 34Ntibagira ico batahura muri ivyo, kandi iryo jambo bari barihishijwe, ntibamenya ivyo babwiwe. 35Ageze hafi y'i Yeriko, hari impumyi yicaye i ruhande y'inzira, isegerereza. 36Yumvise ishengero rihita, ibaza ivyo ari vyo. 37Barayibwira bati: " "Ni Yesu Umunyanazareti ahita." 38Irasemerera iti: "Yesu, mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi." 39Abagiye imbere barayizibiranya ngo ihore. Ariko irushiriza cane gutakamba iti: "Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi." 40Yesu arahagarara, avuga ko bayimuzanira; ishitse hafi, arayibaza 41ati: "Ugomba ko ndagukorera iki?" Iramwishura iti: "Ndagomba guhumuka, Mwami wanje." 42Yesu arayibwira ati: "Humuka, ukwizera kwawe kuragukijije." 43Aca ahumuka buno nyene, amukurikira ahimbaza Imana; abantu bose babibonye bashima Imana.

will be added

X\