LUKA 14

1Yinjiye mu nzu y'umwe mu bakuru b'Abafarisayo kw'isabato kurya, baramugenza. 2Imbere yiwe hari umuntu arwaye urusina. 3Yesu abaza abigisha ivyagezwe n'Abafarisayo ati: "Mbega biremerwa gukiza umuntu kw'isabato, canke ntivyemerwa?" 4Maze barihorera. Aramufata, aramukiza, aramusezera. 5Kandi arababaza ati: "Ni nde muri mwebwe afise umwana canke inka, hogira igikorokera mw'iriba, ntiyoca agikurayo kw'isabato?" 6Ntibashobora kumwishura muri ivyo. 7Kandi acira umugani abatumiwe, abonye ingene batanguranwa ivyicaro vy'icubahiro; 8arababwira ati: "Umuntu ni yagutorera ubukwe, ntuzokwicare mu cicaro c'abakuru; ngo kumbure ntihabeho umuntu akurusha icubahiro yatowe, 9kandi uwabatoye mwempi akaza akakubwira ati: "Ni ubise uwu ahicare. Ni ho uzomaramara, ukagenda, ukicara inyuma y'abandi bose. 10Ariko ni watumirwa, ugende, wicare inyuma y'abandi bose, kugira ngo uwagutoye aje, akubwire ati: "Igira ino haruguru mugenzi; ni ho uzobona icubahiro imbere y'abo mwicaranye musangira bose." 11Kuko umuntu wese yishira hejuru azocishwa bugufi, kandi uwicisha bugufi azoshirwa hejuru. 12Kandi abwira uwamutumiye ati: "Ni wategura inzimano ku murango canke mw'ijoro, ntuzotumire abagenzi bawe canke abo muvukana canke incuti zawe canke ababanyi bawe b'abatunzi; kuko kumbure na bo bogutumira, bakagusubiriza. 13Ariko ni wategura inzimano, upfume utumira aboro, ibirema, abacumbagira n'impumyi: ni ho uzoba uhiriwe; 14kuko badafise ivyo kukwishura, ariko uzokwishurwa mw'izuka ry'abagororotsi. 15Maze umwe mu bicaranye na we avyumvise, aramubwira ati: "Harahiriwe uwuzorira mu bwami bw'Imana." 16Na we aramubwira ati: "Habaye umuntu yarondeje amazimano menshi, atumira benshi. 17Igihe co kurya gishitse, atuma umushumba wiwe kubarira abatowe, ngo baze, kuko bihejeje gutegurwa." 18Bose bahuriza hamwe umutima wo kwidohora, baramwisaba. Uwa mbere ati: "Naguze itongo, nkwiye kuja kuriraba; ndakwinginze, uramvugira antunge." 19Uwundi ati: "Naguze inka icumi, ngiye kuzirimisha ngo ndabe; ndakwinginze, uramvugira antunge." 20Uwundi ati: "Narongoye, ni co kimbujije kuza." 21Maze wa mushumba agarutse, abwira shebuja uko vyagenze. Nyene urugo araraka, abarira umushumba wiwe ati: "Genda ningoga, uje mu nzira zagutse no mu nzira ntonto zo mu gisagara, uzane hano aboro n'ibirema n'impumyi n'abacumbagira." 22Umushumba wiwe ati: "Mugenzi, ico umbariye ndagikoze, ariko imyanya iracasigaye." 23Shebuja abarira uno mushumba wiwe ati: "Genda uje mu nzira zagutse no mu mihora, ubagobere baze, kugira ngo inzu yanje yuzure." 24Ndababwira yuko ata muntu n'umwe wo muri abo natumiye aza kugira ico atamira mu vyo nabateguriye. 25Kandi ishengero ryinshi ryari rijanye na we. Arahindukira, arababwira 26ati: "Umuntu ni yazako, ntiyanke se, nyina, umugore wiwe, abana biwe, abavukanyi biwe, bashiki biwe, mbere n'amagara yiwe na yo, ntashobora kuba umwigishwa wanje." 27Uwutikorera umusaraba wiwe ngo ankurikire, ntashobora kuba umwigishwa wanje. 28Ni nde muri mwebwe agomba kwubaka umunara w'amatafari muremure, ntiyobanza kwicara, akarimbura igitigiri c'amahera yowubaka, ngo amenye yuko afise ayowuheraheza? 29Ngo kumbure yoba ahejeje kwubaka amatafari y'intango, ntashobore kuwuzuza; ababibonye bose bagatangura kumutwenga 30bavuga ko uwu yatanguye kwubaka, ntashobora kwuzuza. " 31Canke hari umwami yoba agiye guhura n'uwundi ngo barwane, ntiyobanza kwicara, akaja inama, ko yoshobora kujana ingabo ibihumbi icumi guhwana ni uwumuteye ari n'ingabo ibihumbi mirongo ibiri? 32Bisanzwe atari ko biri, wa wundi akiri kure cane, amutumako intumwa, akamubaza indishi yomuha ngo babane amahoro. 33Ni ko biri, umuntu wese muri mwebwe adaheba ivyo afise vyose ntashobora kuba umwigishwa wanje. 34Umunyu ni mwiza; ariko umunyu wo, woshira uburyohe, woba ukiryoshwa ni igiki? 35Nta co umaze mu murima canke mw'icukiro; bapfa kuwuta. Uwuri n'amatwi yumva ni yumve. "

will be added

X\