LUKA 11

1Umusi umwe Yesu yari ahantu ariko arasenga. Ahejeje, umwe mu bigishwa biwe aramubwira ati: "Mugenzi, twigishe gusenga, nk'uko Yohana yigishije abigishwa biwe." 2Arababarira ati: "Ni mwasenga, muvuge muti: 'Data, izina ryawe ni ryubahwe, ubwami bwawe ni buze; 3imisi yose uduhe ivyo kurya bidukwiye. 4Uduharire ivyaha vyacu, kuko natwe duhebera abari n'imyenda yacu bose; kandi ntutujane mu bitwosha nabi." 5Arababwira ati: "Ni nde muri mwebwe afise umugenzi yoja i we mu gicugu, akamubwira ati: "Mugenzi wanje, ngurana udutsima dutatu, 6kuko haje umugenzi wanje avuye ku rugendo, nanje ntagira ico ndamuzimana." 7Uwo mu nzu yomwishura ati: "Sigaho kungora, namaze kwugara, kandi turi kumwe n'abana banje ku buriri, sinshoboye kuvyuka ngo ndayiguhe." 8Ndababwire, Naho atovyurwa n'uko ari umugenzi wiwe ngo ayimuhe, ariko kuko atagize isoni zo kumugobera, aravyuka, akamuha ivyo agomba vyose. 9Nanje ndababwire; Musabe muzohabwa; murondere muzoronka; muramutse muzokwugururirwa. 10Kuko uwusaba wese ahabwa; uwurondera aronka; uwuramutsa yugururirwa. 11Canke muri mwebwe hari umuvyeyi umwana wiwe yomusaba umutsima, akamuha ibuye; canke yomusaba ifi, akamuha inzoka; 12canke yomusaba irigi, akamuha sikorupiyo? 13None mwebwe, ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega So wo mw'ijuru ntazorushiriza rwose guha Mpwemu Yera abamumusavye? 14Kandi yirukana mu muntu dayimoni itera uburagi. Iyo dayimoni imuvuyemwo, uno muntu w'ikiragi aravuga; ishengero riratangara. 15Ariko bamwe muri bo baravuga bati: "Beyezebuli, umukuru w'abadayimoni, ni we amushoboza kwirukana abadayimoni." 16Abandi bamuronderako ikimenyetso kiva mw'ijuru, bamugeza. 17Na we amenye ivyo biyumvira, arababwira ati: "Ubwami bwose iyo bwitandukanije ubwabwo burahona, n'inzu, iyo yitandukanije, iragwa." 18Na Satani, namba yitandukanije ubwiwe, ubwami bwiwe buzorama bute? Kuko muvuga yuko Beyezebuli ari we anshoboza kwirukana abadayimoni. 19Ariko jewe namba Beyezebuli ari we anshoboza kwirukana abadayimoni, abana banyu bashobozwa na nde kubasenda? Ni co gituma ari bo bazobatsindisha. 20Ariko urutoke rw'Imana ni rwaba ari rwo runshoboza kwirukana abadayimoni, noneho ubwami bw'Imana burabashikiriye. " 21Umuntu w'inkomezi afise ibirwanisho iyo ateramiye urugo rwiwe, ibintu vyiwe biba amahoro; 22ariko uwumurusha inkomezi iyo aramutse amuteye, akamunesha, amwaka ivyo arwanisha vyose yari yizigiye, akanyaga ibintu vyiwe, akabigaba. 23Uwutamperereyeko aba ari umwansi wanje, kandi uwudafatanije nanje kwegeranya aba asanzaje. 24Iyo impwemu ihumanye ivuye mu muntu, ica ahatagira amazi, irondera uburuhukiro, ikabubura, ikavuga iti: "Reka nsubire mu nzu yanje navuyemwo." 25Ihashitse, igasanga ikubuye, iteguritse. 26Igaca igenda, ikazana izindi mpwemu indwi ziyirusha ububi, zikinjira, zikahaba. Ivya nyuma vy'uwo muntu bikarusha ivya mbere ububi. " 27Yesu akivugana n'Ishengero umugore umwe ashira ijwi hejuru aramubwira ati: "Irahiriwe inda yakuvyaye, n'amabere yakwonkeje." 28Na we aramwishura ati: "Canecane hahiriwe abumva ijambo ry'Imana bakaribungabunga." 29Ishengero rimaze kugwirirana atangura kubabwira ati: "Abo iki gihe ni abantu babi; barondera ikimenyetso, ariko nta kimenyetso bazohabwa, atari ikimenyetso ca Yona." 30Nk'uko Yona yabaye ikimenyetso ku Banyaninewe, ni ko Umwana w'umuntu azoba ku b'iki gihe. 31Umwamikazi w'igihugu c'i Sheba. Azovana hasi n'abagabo b'iki gihe ku musi w'imanza, azobatsindisha; kuko yavanywe ku mpera y'isi no kwumva ubwenge bwa Salomo; kandi raba, uwuruta Salomo ari hano. 32Abagabo b'i Ninewe bazovana hasi n'abo iki gihe ku musi w'imanza, babatsindishe; kuko bihanye aho bumviye ubutumwa buvuzwe na Yona; kandi raba, uwuruta Yona ari hano. 33Nta wodomeka itara ngo arishire mu mwobo, canke ngo aryubikeko igiseke, ariko arishira ku gitereko caryo, ngo abinjira basange habona. 34Itara ry'umubiri wawe n'ijisho ryawe. Ijisho ryawe iyo ari ryiza, umubiri wawe wose uba uri n'umuco; ariko iyo rirwaye, umubiri wawe uba uri n'umwiza. 35Nuko rero ugabe umuco uri muri wewe ntube umwiza. 36Kandi umubiri wawe wose ni waba uri n'umuco, ata gice na kimwe gifise umwiza, wose uzoba uri n'umuco, nk'uko ukwaka kw'itara kukuboneshereza. 37Akibivuga, Umufarisayo aramuhamagara ngo amuzimane. Arinjira, aricara ngo arye. 38Wa Mufarisayo abonye atabanje gukaraba atararya biramutangaza. 39Umwami Yesu aramubwira ati: "Erega mwebwe Abafarisayo mwoza inyuma y'igikombe n'inkoko, ariko imbere muri mwebwe mwuzuye ubwambuzi n'ububi." 40Mwa bijuju mwe, iyaremye urukoba si yo yaremye n'imbere? 41Ariko Muzotange ibiri imbere mu gikombe no mu nkoko mubitangishijwe n'ubuntu, kandi umve, vyose bizobabera ibiziruwe. 42Ariko muzobona ibara, Bafarisayo, kuko mutanga icacumi c'imbwija, ico isogi n'ico imboga zose, ariko ubutungane n'ugukunda Imana mukavyirengagiza. Ivyo mwari mukwiye kubikora, vya bindi na vyo ntimubireke. 43Muzobona ibara, Bafarisayo, kuko mukunda intebe z'icubahiro mu nsengero, no kugirwako bwakeye mu kibanza c'amakoraniro. 44Muzobona ibara, kuko musa n'imva zitamenyekana, abantu bakazicako batabizi. 45Umwe mu bigisha ivyagezwe aramwishura ati: "Mwigisha, ko uvuze utyo, natwe uradututse." 46Na we ati: "Namwe abigisha ivyagezwe muzobona ibara, kuko mwikoreza abantu imitwaro itokwikorerwa, namwe ubwanyu iyo mitwaro ntimuyikozeko urutoke na rumwe." 47Muzobona ibara, kuko mwubakira imva z'abavugishwa n'Imana, ba sogokuruza banyu ari bo babishe. 48Uko ni ko mwiyagirije, kandi mwemeye ivyo ba sogokuruza banyu bakoze, kuko ari bo babishe, namwe mububakira imva. 49Ni co catumye Imana ivugisha ubwenge bwayo iti: "Nzobatumako abo mvugisha n'intumwa, bamwe muri bo bazobica, abandi bazobahama, 50ngo amaraso y'abavugishwa n' Imana bose yavishijwe, uhereye ku kuremwa kw'isi, aronderwe ku b'iki gihe, 51uhereye ku maraso ya Abeli, ukageza ku maraso ya Zakariya yiciwe hagati y'igicaniro n'ahera h'urusengero: ni koko, ndababwire, azoronderwa ku b'iki gihe." 52Muzobona ibara, abigisha ivyagezwe, kuko mwatwaye urupfunguruzo rw'ubwenge; ntimwinjiye ubwanyu, n'abagomba kwinjira mwarababujije. 53Maze asohotse, abahinga b'ivyanditswe n'Abafarisayo batangura kumusugereza no kumwiyandagazako ngo bamuvugishe vyinshi, 54bamutega ngo bafate ijambo bokwumva avuga ngo bamurege.

will be added

X\