LUKA 1

1Abantu benshi bagerageje kwandika amajambo adonda ivyabaye muri twebwe, 2nk'uko twabirazwe n'abahereye ubwa mbere ari ivyabona vyavyo n'abakozi b'ijambo ry'Imana. 3Nuko nanje, mpejeje gukurikiranya vyose neza mpereye ku vya mbere, nabonye ko ari vyiza kubikwandikira uko bikurikirana, wewe Teyofilo umwubahwa, 4kugira ngo umenye neza yuko amajambo wigishijwe ari ayo ukuri adakekeranywa. 5Ku butware bwa Herode, umwami w'i Yudaya, hariho umuherezi yitwa Zakariya, wo mu mutigiri wa Abiya, kandi yarafise umugore wo mu nzu ya Aroni, yitwa Elisabeti. 6Bompi bagororoka imbere y'Imana, bagendera mu vyagezwe n'amabwirizwa vy' Umwami Imana vyose, batagawa. 7Ariko ntibagira umwana, kuko Elisabeti yari ingumba, kandi bompi bari bageze mu zabukuru. 8Maze yariko arakora igikorwa c'ubuherezi imbere y'Imana, uko bagenda bakurikirana; 9kandi nk'uko umugenzo w'abaherezi wari uri, ni we yari yatoranijwe n'ubupfindo kwinjira ahera h'urusengero rw'Umwami Imana, guturira imibavu. 10Kandi ishengero ryose ry'ubwo bwoko ryariko rirasengera hanze mu gihe co guturira. 11Maze umumarayika w'Umwami Imana aramwiyereka, ahagaze i buryo bw'igicaniro baturirirako imibavu. 12Zakariya amubonye ahagarika umutima, aterwa n'ubwoba. 13Umumarayika aramubwira ati: "Nta co utinya, Zakariya, kuko ivyo wasavye vyumviswe, umugore wawe Elisabeti azokuvyarira umuhungu, uzomwite Yohana. 14Uzonezerwa, uzohimbarwa, kandi benshi bazonezererwa ukuvuka kwiwe; 15kuko azoba mukuru mu maso y'Umwami Imana; ntazonywa umuvinyu canke ikiboreza na kimwe; azokwuzuzwa Mpwemu Yera, ahereye ku kuva mu nda ya nyina, 16kandi azogarura benshi bo mu Bisirayeli bumvire k'umwami Imana yabo." 17Azoyiza imbere ari n'umutima wa Eliya n'ubushobozi bwiwe, ngo ahuze imitima y'abavyeyi n'abana, n'intabarirwa azisubize ku bwenge bw'abagororotsi, ategurire Umwami Imana ubwoko burorane. 18Zakariya abaza umumarayika ati: "Ivyo nzovyerekwa n'iki, ko ndi umutama, n'umugore wanje akaba ageze mu zabukuru?" 19Umumarayika aramwishura ati: "Ndi Gaburiyeli, nama mpagaze mu maso y'Imana, kandi natumwe kubonana nawe no kukubwira ubwo butumwa bwiza. 20Umve, uragobwa ururimi, kandi ntuzoshobora kuvuga, kugeza ku musi ivyo bizoberako, kuko utemeye ijambo ryanje, rizoshika mu gihe caryo." 21Abantu bari barorereye Zakariya batangazwa n'uko atevye ahera h'urusengero; 22Maze asohotse ntiyagira ico ashobora kuvugana na bo, bamenya yuko hari ico yerekewe ahera h'urusengero: arabagereraniriza, akomeza kuba ikiragi. 23Maze imisi yo gukora kwiwe ishize, asubira i we. 24Iyo misi ishize, umugore wiwe Elisabeti asama inda, atinya abantu amezi atanu 25ati: "Uku ni ko Umwami Imana inkoreye ikanteturura mu bantu mu misi yandabiyemwo." 26Kandi mu kwezi kwa gatandatu, umumarayika Gaburiyeli atumwa n'Imana mu gisagara c'i Galilaya citwa Nazareti, 27ku mwigeme asabwe n'umugabo yitwa Yosefu, wo mu nzu ya Dawidi, izina ry'iyo nkumi ni Mariya. 28Yinjira aho ari, aramubwira ati: "Ni amahoro, ugiriwe ubuntu, Umwami Imana ari kumwe nawe." 29Ariko we ahagarika umutima cane kubwo iryo jambo, yibaza iyo ndamukanyo iyo ari yo. 30Umumarayika aramubwira ati: "Nta co utinya Mariya, kuko ugiriwe ubuntu n'Imana. 31Umve, uzosama inda, uvyare umuhungu, kandi uzomwite YESU. 32Azoba mukuru, azokwitwa Umwana w'Iyisumbavyose, kandi Umwami Imana azomuha intebe y'ubwami ya sekuruza Dawidi, 33ahangame mu nzu ya Yakobo ibihe bidashira; ubwami bwiwe ntibuzogira iherezo." 34Mariya abaza umumarayika ati: "Ivyo bizobaho bite, ko ntararongorwa?" 35Umumarayika aramwishura ati: "Mpwemu Yera azokuzako, ubushobozi bw'Iyisumbavyose buzokuzako usame inda. Ni co gituma uwera azovuka azokwitwa Umwana w' Imana. 36Kandi umve, Elisabeti mwene wanyu na we atwaye inda y'umuhungu mu butamakazi bwiwe, uwitwa ingumba uku ni ukwezi kwiwe kwa gatandatu; 37kuko ata jambo rivuye ku Mana ribura ububasha." 38Mariya aramubwira ati: "Ehe ndi umusavyi w'Umwami Imana, bimbere uko ijambo ryawe rivuzwe." " Maze umumarayika ava aho ari, aragenda. 39Muri iyo misi Mariya aritegura, agenda yihuta, aja mu misozi mu gisagara co mu Buyuda, 40yinjira mu nzu kwa Zakariya umugabo wa Elisabeti. 41Maze Elisabeti yumvise indamukanyo ya Mariya, inda irikina mu nda, Elisabeti yuzuzwa Mpwemu Yera, 42avuga n'ijwi rirenga ati: " "Mu bagore urahiriwe, n'inda yo mu nda yawe irahiriwe. 43Kandi iryo teka ndaritewe ni iki kubona nyina w'umwami wanje aza kundamutsa? 44Kuko ijwi ry'indamukanyo yawe ryinjiye mu matwi yanje, inda igakinagizwa muri jewe n'umunezero. 45Kandi urahiriwe wewe wizeye, kuko ivyo wabwiwe n'Umwami Imana bizoshika." 46Mariya aravuga ati: "Ubugingo bwanje butazira Umwami Imana, 47Umutima wanje unezererewe Imana Umukiza wanje. 48Kuko yabonye jewe umugurano wayo ndi nyarucari, Kandi uhereye none, abo ibihe vyose bazonyita umuhirwe. 49Kuko Iyo ubushobozi inkoreye ibikomeye, Kandi izina ryayo ni iryera. 50Imbabazi zayo ziri ku bayubaha uhereye ubu ugashitsa ibihe bidashira. 51Yerekanishije ubushobozi ukuboko kwayo, Yasabagije abibona mu vyo biyumvira mu mitima yabo. 52Yirukanye abaganza ku ntebe zabo, Yashize hejuru abakene bo hasi. 53Abashonje yabahagije ivyiza, Yirukanye abatunzi bagenda imbokoboko. 54Kubwo imbabazi zayo yatabaye Isirayeli umusavyi wayo, 55Nk'uko yari yarabibwiye ba sogokuruza, Ko azozigirira Aburahamu n'uruvyaro rwiwe, ibihe bidashira." " 56Kandi Mariya amarana na we amezi nk'atatu, asubira i wabo. 57Igihe co kuvyara kwa Elisabeti kirashika, avyara umuhungu. " 58Ababanyi biwe n'incuti ziwe bumva yuko Umwami Imana yamugiriye imbabazi nyinshi, banezeranwa na we. 59Ku musi w'umunani baza guhimbura umutwe w'igikoba c'ubugabo c'irondoka c'uwo mwana, bagomba kumwitiranya na se Zakariya. 60Nyina arababwira ati: "Oya, ni yitwe Yohana." 61Baramubwira bati: "Mu muryango wanyu ko ata witwa iryo zina." 62Bagereraniriza se, bamubaza uko agomba ko yitwa. 63Yaka ico kwandikako, arandika ati: "Izina ryiwe ni Yohana." 64Bose baratangara. Uwo mwanya akanwa kiwe karazibuka, n'ururimi rwiwe ruragobodoka, aravuga, ashima Imana. 65Ababanyi babo bose baterwa ni ubwoba. Ayo majambo yose akwira mu misozi yose y'i Yudaya. 66Abavyumvise bose babishira mu mitima yabo bati: "Mbega none uwo mwana azoba umuntu ki?" Kuko ukuboko kw'Umwami Imana kwari kumwe na we. 67Se Zakariya yuzuzwa Mpwemu Yera, avugishwa n'Imana 68ati: "Umwami Imana ashimwe, Imana y'Abisirayeli, Kuko igendeye abantu bayo, ikabacungura; 69Kandi iduhagurukirije umukiza akomeye Mu nzu ya Dawidi umusavyi wayo, 70Nk'uko yavugiye mu kanwa k'abera yavugisha, bahereye mu bihe vya kera, 71Ngo idukize abansi bacu n'amaboko y'abatwanka bose; 72Kandi igirire ba sogokuruza imbabazi, Yibuke isezerano ryayo ryera, 73Indahiro yarahiye sogokuruza Aburahamu, 74Ko izoduha gukizwa amaboko y'abansi bacu, Tukayisenga ata bwoba, 75Turi abera tugororoka mu maso yayo imisi yacu yose. 76Kandi nawe, mwana, uzokwitwa umuntu avugishwa n'Iyisumbavyose, Kuko uzokwitangira imbere y'Umwami Imana gutegura inzira ziwe; 77Kumenyesha abantu biwe agakiza, Ko ari uguharirwa ivyaha vyabo, 78Kubwo umutima w'imbabazi w'Imana yacu, Ni wo uzotuma umutwenzi utugendera, uvuye mw'ijuru, 79Ngo urasire abicaye mu mwiza no mu gitutu c'urupfu, Urongorere ibirenge vyacu mu nzira y'amahoro. 80Nya mwana arakura, agwiza inkomezi z'umutima, aba mu bugaragwa kugeza umusi yerekeweko Abisirayeli.

will be added

X\