YUDA 1

1Yuda, umukozi wa Yesu Kristo, kandi mwene nyina wa Yakobo, ndabandikiye abahamagawe, bakundwa kuko muri mu Mana Data wa twese, mukazigamirwa Yesu Kristo. 2Imbabazi, amahoro n'urukundo bigwire muri mwebwe. 3Bakundwa, hamwe nashiruka umwete wo kubandikira ivyo agakiza dusangiye, nari numvise ikingobera kubandikira ivyo kubahanura kurwanira cane ukwizera abera bahawe rimwe gusa. 4Kuko hariho bamwe babajemwo binyegeteza, bandikiwe kera gucirwako urwo rubanza, batubaha Imana, bahindura ubuntu bw'Imana yacu isoni nke, bakihakana Yesu Kristo, ni we wenyene Databuja n'Umwami wacu. " 5Ndagomba kubibutsa, naho vyose musanzwe mubizi, yuko Umwami Imana, imaze gukiza bwa bwoko ikabukura mu gihugu ca Misiri, hanyuma yahoneje abatizeye. 6N'abamarayika batagumye mu bukuru bwabo, ariko bataye ahantu habo, ibarindira kuzocirwa urubanza rwo ku musi uhambaye, bari mu minyororo idashira no mu mwiza. 7Kandi n'abantu b'i Sodomu n'i Gomora bo n'ibisagara vyari bihereranye na ho, kuko bitanze bakiha ubusambanyi nka ba bandi, n'ubusambanyi bw'ishano, ubwo imibiri itaremewe, ivyo bisagara vyashiriweho kuba akarorero, bibabazwa n'igihano c'umuriro utazima. 8Ariko na barya nyene bahwanye na bo, inzozi zabo zibatera kwonona imibiri yabo, no gukengera ukuganzwa no gutuka abanyacubahiro. 9Ariko na Mikayeli, umumarayika mukuru, hamwe yatongana na wa Mugarariji, aharira na we bapfa umuvyimba wa Mose, ntiyubahutse kumuhinyura ngo amucokore, ariko yamubwiye ati: "Uhoraho aguhane." 10Ariko abo bantu batuka ivyo batazi; kandi ni ivyo bamenyeshwa n'akameremere kabo, nk'uko ibikoko bimeze bitagira ubwenge, na vyo nyene baravyiyononesha. 11Bazobona ibara, kuko bajanye inzira ya Kayini, bakiroha mu buzimire bwa Balamu kubwo amaronko, bagahonera mu mugararizo wa Kora. 12Abo ni impanuka mw'isangira ryanyu ry'urukundo, iyo basangira namwe ivyiza; ni abungere biragira ubwabo ata dusoni; ni ibicu bitagira amazi, bizungagizwa hose n'umuyaga; n'ibiti birumvye bitama, vyapfuye kabiri, vyaranduranywe n'imizi; 13ni imipfunda yo mu kiyaga isuriranya, babimba ifuro ry'ibiteye isoni vyabo; ni inyenyeri ziyerera zibikiwe umwiza w'umuzimagiza ibihe bidashira. 14Kandi Henoki, ni we yagira indwi uhereye kuri Adamu, yavugishijwe n'Imana ivyabo ati: "Ehe Uhoraho yazananye n'isinzi ry'abera biwe, 15kugira ngo acire bose imanza, no kwemeza abatubaha Imana bose ko batsinzwe ku bikorwa vyose vyo kutubaha Imana bakoze batayubaha, n'amajambo yose akomeye abanyavyaha batubaha Imana bavuze bayirwanya." 16Abo ni abidodomba n'abanyamwikomo bagenda bakurikira ukwifuza kwabo, akanwa kabo kavuga amajambo yuzuyemwo ukwirarira, bubahira abantu kubakuramwo amaronko. 17Ariko mweho, bakundwa, mwibuke amajambo yavuzwe kera n'intumwa z'Umwami wacu Yesu Kristo; 18ko bababwiye bati: "Mu gihe c'iherezo hazoboneka abacokoranyi bagenda bakurikira ukwifuza kwabo kwo kutubaha Imana." 19Abo ni bo bazana kwirema ibice; ni abantu gusa, ntibafise Mpwemu. 20Ariko mweho, bakundwa, mwiyubake ku kwizera kwanyu kwera cane, musengere muri Mpwemu Yera, 21mwizigamire mu rukundo rw'Imana, mwiteze imbabazi z' Umwami wacu Yesu Kristo zibashitsa ku bugingo budashira. 22Ababahaririza mubahanure. 23Abandi mubakize, mubokore mu muriro; abandi mubagirire ikigongwe mutinya, mwanke n'impuzu itewe amarabaga n'umubiri. 24Ariko, Iyishobora kubazigama ngo ntimutsitare, no kubahagarika imbere y'ubwiza bwayo mudafise agasembwa munezerewe cane, 25ni yo Mana imwe yonyene, Umukiza wacu yadukirishije Yesu Kristo Umwami wacu, ubwiza, icubahiro n'inganji n'ububasha bibe ivyayo, uhereye kera hose, gushika n'ubu, ugashitsa ibihe bidashira. Amina.

will be added

X\