YOHANA 9

1Ariko arahita, abona umuntu yavutse ari impumyi. 2Abigishwa biwe baramubaza bati: "Mwigisha, ni nde yakoze icaha, ni uwo, canke ni abavyeyi biwe, ko yavutse ari impumyi?" 3Yesu arabishura ati: "Uwu ntiyakoze icaha, kandi si abavyeyi biwe, ariko ni ukugira ngo ibikorwa vy'Imana bibonekere kuri we." 4Twebwe dukwiye gukora ibikorwa vy'uwantumye hakibona; buhava bwira, ata wugishobora gukora. 5Nkiri mw'isi, ndi umuco w'isi." 6Avuze ivyo, acira amate hasi, avurungisha amate utwondo, araheza amusiga utwo twondo ku maso; 7aramubarira ati: "Genda wiyuhagire mu kidengeri Silowamu; (Silowamu risobanurwa ngo Mutumwa). Nuko aragenda ariyuhagira, agaruka abona. 8Nuko ababanyi biwe, n'abahora bamubona ko ari umusezi, barabazanya bati: "Mbega uwu si we yahora yicaye asegerereza?" 9Abandi bati: "Ni we;" abandi bati: "Oya, ni uwo basa." Na we arababwira ati: "Ni jewe." 10Nuko baramubaza bati: "Mbega none amaso yawe yahumutse ate?" 11Na we arabishura ati: "Wa muntu yitwa Yesu yavurunze utwondo, atunsiga ku maso, arambwira ko nja kuri Silowamu kwiyuhagira; nuko ndagenda, ndiyuhagira, ndahumuka." 12Baramubaza bati: "Ari hehe?" Ati: "Sindahazi." 13Umwe yahora ari impumyi bamujana ku Bafarisayo. 14Kandi uwo musi wari isabato, Yesu yavurunzeko utwondo, agahumura amaso yiwe. 15Abafarisayo basubira kumubaza ingene yahumutse, na we arababwira ati: "Yansize utwondo ku maso, ndiyuhagira, ndahumuka." 16Bamwe mu Bafarisayo baravuga bati: "Uwo muntu ntava ku Mana, kuko ataziririza isabato." Abandi bati: "Mbega umuntu w'umunyavyaha yoshobora ate gukora ibimenyetso bingana bityo?" Baramupfa. 17Basubira kubaza umwe yahora ari impumyi bati: "Weho uvuga ko ari iki, kuko yaguhumuye amaso?" Na we ati: "Ni uwuvugishwa n'Imana." 18Maze Abayuda ntibemera ivyo uwo, yuko yamye ari impumyi, agaheza agahumuka, kugeza aho bahamagariye abavyeyi b'uwahumutse, 19barababaza bati: "Mbega uwu ni umwana wanyu, mwebwe muvuga ko yavutse ari impumyi? None yahumutse ate?" 20Abavyeyi biwe barabishura bati: "Uwu turazi ko ari umwana wacu, kandi ko yavutse ari impumyi; 21ariko icatumye abona ubu, ntitukizi, kandi n'uwamuhumuye, tweho ntitumuzi. Mumwibarize, ni umugabo, arivugira." 22Abavyeyi biwe bavugiye ivyo, kuko batinya Abayuda, kuko Abayuda bari bamaze kuja ingingo, ngo umuntu wese azokwatura Yesu ko ari Kristo acibwe mu rusengero rwabo. 23Ni co catumye abavyeyi biwe bavuga bati: "Ni umugabo, ni mumwibarize." 24Maze bahamagara ubugira kabiri wa muntu yahora ari impumyi, baramubwira bati: "Ni wubahe Imana, twebwe tuzi yuko uwo muntu ari umunyavyaha." 25Na we arabishura ati: "Namba ari umunyavyaha sindabizi: ico nzi ni kimwe, ni uko nari impumyi, none nkaba mbona." 26Baramubaza bati: "Yakugiriye ate? Yahumuye amaso yawe ate?" 27Arabishura ati: "Namaze kubibabwira ariko ntimwavyumvise. Mugombera iki gusubira kuvyumva? Mbega namwe mugomba kuba abigishwa biwe?" 28Baramutuka bati: "Ni wewe wenyene uri umwigishwa wiwe, nayo tweho turi abigishwa ba Mose. 29Twebwe tuzi yuko Imana yavuganye na Mose, ariko uwo ntituzi aho aturuka." 30Wa muntu arabishura ati: "Erega biratangaje kwumva ko mutazi aho aturuka, kandi ari we yahumuye amaso yanje. 31Turazi ko Imana itumviriza abanyavyaha, ariko uwuyubaha, agakora ivyo igomba, uwo ni we yumviriza. 32Uhereye kera hose ntihumvikanye ko hari umuntu yahumuye amaso y'uwavutse ari impumyi. 33Iyaba uwo atavuye ku Mana, nta co yoshoboye gukora." 34Baramwishura bati: "Wewe wavukiye mu vyaha gusa gusa, ni wewe utwigisha?" Bamuhindira hanze. 35Yesu yumvise ko bamuhindiye hanze, aja kumuraba, aramubaza ati: "Mbega wizeye Umwana w'Imana?" 36Na we aramwishura ati: "Ni nde ga Mugenzi, nkamwizera?" 37Yesu aramubwira ati: "Wamubonye, kandi ni we muriko muravugana." 38Na we ati: "Ndizeye, Mwami." Araheza aramupfukamira. 39Yesu aravuga ati: "Naje muri iyi si kuba agahinyuza, ngo abatabona babone, n'ababona babe impumyi." 40Bamwe mu Bafarisayo bari kumwe na we bumvise ivyo bati: "Mbega natwe turi impumyi?" 41Yesu arababwira ati: "Iyo muba mwari impumyi, nta caha muba mufise, ariko noneho muvuga muti: 'Turabona, icaha canyu camaho."

will be added

X\