YOHANA 7

1Hanyuma y'ivyo Yesu agendagenda i Galilaya; ntiyashaka kugendagenda i Yudaya kuko Abayuda barondera ingene bomwica. 2Imisi mikuru y'Abayuda yitwa iyo Amahema yariko irashika. 3Nuko abavukanyi biwe baramubwira bati: "Ni uve ino, uje i Yudaya, abigishwa bawe na bo barabe ibikorwa ukora; 4kuko ata wogira ico akora mu mpisho, na we ngo arondere kumenyekana. Ko ukora ivyo, ni wiserure mu b'isi." 5Kuko n'abavukanyi biwe na bo batamwizera. 6Maze Yesu arabishura ati: "Igihe canje ntikiragera, ariko igihe canyu co, cama kiriho. 7Abo isi ntibabanka, ariko jewe baranyanka, kuko ndabavugira ibikorwa vyabo ko ari bibi. 8Mwebwe ni muduge kumara iyo misi mikuru, ariko jeho sindayidugako, kuko igihe canje kitaragera. 9Ababwiye ivyo, aguma i Galilaya. 10Abavukanyi biwe bamaze kuduga i Yerusalemu kumara iyo misi mikuru, na we araduga, ntiyiyerekana, ariko agenda mu mpisho. 11Maze Abayuda bamurondera muri iyo misi mikuru bati: "Mbega wa wundi ari hehe?" 12Haba ivyongoshwe vyinshi mw'ishengero bamuvuga, bamwe bati: "Ni umuntu mwiza," abandi bati: "'Oya, arazimiza abantu.'" 13Ariko nta n'umwe yamuvuze atobora, kuko batinya Abayuda. 14Ya misi mikuru igeze hagati, Yesu aduga mu rusengero, arigisha. 15Abayuda baratangara bati: "Mbega uwu yakuye ubwenge hehe, atigishijwe?" 16Maze Yesu arabishura ati: "Izi nyigisho zanje si izanje, ni izo uwantumye. 17Ni haba hari uwugomba gukora ivyo uwo akunda, azomenya izi nyigisho, ko zavuye ku Mana, canke ko ndabivuga ndavyigeneye. 18Uwuvuga ivyo yigeneye aba yironderera icubahiro; ariko uwurondera icubahiro c'uwamutumye, ni we w'ukuri, kandi nta kugabitanya kuba kuri muri we. 19Mbega Mose si we yabahaye ivyagezwe? Ariko muri mwebwe nta n'umwe yitondera ivyo vyagezwe. Muronderera iki kunyica?" 20Ishengero riramwishura riti: "Urimwo dayimoni! Ni nde ashaka kukwica?" 21Yesu arabishura ati: "Nakoze igikorwa kimwe, mwese muratangara." 22Mose yabahaye guhimbura igikoba c'ubugabo mugabo ntikwavuye kuri Mose, ni kuri ba sogokuruza banyu kandi muhimbura igikoba c'ubugabo umuntu kw'isabato. 23None se, ko umuntu ahimburwa igikoba c'ubugabo kw'isabato, kugira ngo icagezwe ca Mose ntimukirenge, none jewe mumpora iki ko kw'isabato nakijije umuntu akwiye? 24Ntimupfe guca imanza ku biboneka, ariko muce imanza z'ukuri. 25Bamwe mu b'i Yerusalemu baravuga bati: "Mbega uwo Si we bashaka kwica?" 26Ehe avuga akararamango, nta co baruha bamubwira. Mbega harya abakuru bemeye vy'ukuri ko uyo ari we Kristo? 27Uwo ko tuzi aho yaturutse, ariko Kristo aho azozira, nta wuzi aho azoturuka. 28Nuko Yesu arasemerera yigisha mu rusengero ati: "Jewe muranzi, n'aho naturutse murahazi, kandi sinaje nitumye, ariko uwantumye n'uwo ukuri, mwebwe ntimumuzi; 29jeho ndamuzi, kuko navuye kuri we, kandi ari we yantumye." 30Buno barondera ingene bomufata, ariko ntihagira uwumukozako n'intoke, kuko igihe ciwe kitaribwagere. 31Benshi mw'ishengero baramwizera baravuga bati: "Kristo ni yaza, mugira ngo azokora ibitangaza vyinshi birengeye ivyo uwu akora?" 32Abafarisayo bumvise ko ishengero rimuvugavuganako ivyo mu twongoshwe, abaherezi bakuru n'Abafarisayo batuma abagendanyi kumufata. 33Maze Yesu aravuga ati: "Hasigaye igihe gito nkiri kumwe namwe, hanyuma nkaja ku wantumye. 34Muzondondera, ariko ntimuzombona, kandi iyo nzoba ndi ntimuzoshobora gushikayo." 35Maze Abayuda baravugana bati: "Mbega uwo agira aje hehe, aho twebwe tutazoshobora kumubona? Agira aje mu basabagiriye mu Bagiriki, ngo azokwigishe Abagiriki? 36Mbega iryo jambo atubwiye ni iriki, ngo Muzondondera, ariko ntimuzombona, kandi ngo iyo nzoba ndi mwebwe ntimuzoshobora gushikayo?" 37Nuko ku musi uherukira ya misi mikuru, ni wo musi uruta iyindi, Yesu arahagarara, arasemerera ati: "Namba hari uwufise inyota, ni aze kuri jewe, anywe. 38Uwunyizera, inzuzi z'amazi y'ubugingo zizotemba ziva mu nda yiwe, nk'uko ivyanditswe bivuga." 39Ariko ivyo yabivuze kuri Mpwemu, uwo abamwizera bagira bahabwe; kuko Mpwemu ataribwatangwe, kuko Yesu ataribwashike mu bwiza bwiwe. 40Bamwe mw'ishengero bumvise ayo majambo bati: "Ni ukuri uwu ni wa muntu avugishwa n'Imana." 41Abandi bati: "Uwu ni we Kristo. Abandi bati: "Oya, mbega Kristo yova i Galilaya? 42Mbega icanditswe ntikivuga ko Kristo azova mu ruvyaro rwa Dawidi, i Betelehemu, wa musozi Dawidi yabako?" 43Ishengero riramupfa, 44bamwe muri bo bashaka kumufata, ariko ntihagira n'umwe amukozako n'intoke. 45Nuko ba bagendanyi basubira ku baherezi bakuru n'Abafarisayo, na bo barababaza bati: "Ko mutamuzanye?" 46Abagendanyi barabishura bati: "Erega ntihigeze kuboneka umuntu avuga nka we." 47Abafarisayo barababaza bati: "Mbega namwe mwajimijwe? 48Hari umukuru n'umwe yamwizeye, canke Umufarisayo?" 49Ariko abo bantu batazi ivyagezwe ni ibivume. 50Nikodemu, umwe yaza kuri we mbere, yari umwe muri bo, arababaza 51ati: "Mbega ivyagezwe vyacu biratsindisha umuntu batabanje kumwumva no kumenya ico yakoze?" 52Baramwishura bati: "Mbega nawe uri uwo i Galilaya? Soma witonze urabe yuko hari uwuvugishwa n'Imana yova i Galilaya." [ 53Bose baca baritahira.

will be added

X\