YOHANA 4

1Umwami Yesu amenye ko Abafarisayo bumvise yuko aronka abigishwa benshi, kandi abatiza benshi, arusha Yohana, 2(ariko Yesu ubwiwe si we yabatiza, bari abigishwa biwe), 3ava i Yudaya, asubira i Galilaya. 4Yumva akwiye guca i Samariya. 5Nuko ashika ku gisagara c'i Samariya citwa Sukara, hafi y'umusozi Yakobo yahaye Yosefu, umuhungu wiwe, 6kandi aho hari iriba rya Yakobo. Yesu ananijwe n'urugendo apfa kwicara kw'iriba, hari nk'isaha zitandatu. 7Haza umugore w'Umusamariyakazi kuvoma; Yesu aramubwira ati: "Ni umpe utwo kunywa." 8Kuko abigishwa biwe bari bagiye mu gisagara kugura indya. 9Uno Musamariyakazi aramubaza ati: "Wewe uri Umuyuda, none unsaba amazi ute, jewe ndi Umusamariyakazi ?" Ni kuko Abayuda n'Abasamariya banenana. ) 10Yesu aramwishura ati: "Iyo uba wari uzi ingabire y'Imana, ukamenya n'uwugusavye ngo Mpa utwo kunywa uwo ari we, nawe uba umusavye, na we akaguha amazi y'ubugingo." 11Wa mugore aramwishura ati: "Mugenzi, ko ata co kuvomesha ufise, kandi iriba rikaba ari rirerire, ubwo ayo mazi y'ubugingo uyakura hehe?" 12Mbega uruta sogokuruza wacu Yakobo, yaduhaye iri riba, yanywa amazi yaryo, ubwiwe n'abana biwe, n'amasho yiwe?" 13Yesu aramwishura ati: "Uwunywa kuri ayo mazi wese azosubira kugira inyota; 14ariko uwunywa amazi nzomuha, ntazoba akigira inyota na mba gushitsa ibihe vyose, ariko amazi nzomuha azohinduka muri we imbizi y'amazi yiburuka azana ubugingo budashira." 15Uwo mugore aramubwira ati: "Mugenzi, mpa rero ayo mazi, sinzogire inyota, kandi sinzogaruka kuvoma ino hose." 16Yesu aramubwira ati: "Genda uhamagare umugabo wawe, uheze ugaruke ino." 17Uwo mugore aramwishura ati: "Nta mugabo mfise." Yesu aramubwira ati: "Uvuze ko, ko ugize ngo nta mugabo ufise, 18kuko wari ufise abagabo batanu, ariko uwo ufise ubu si umugabo wawe; ivyo ubivuze ukuri." 19Uno mugore aramubwira ati: "Mugenzi, ndabona ko uri umuntu avugishwa n'Imana. 20Ba sogokuruza bacu basengera kuri uwo musozi, ariko mweho mugira ngo i Yerusalemu ni ho hantu hakwiye gusengerwa. 21Yesu aramubwira ati: "Nyizera nyina wanje; igihe kija kuza, si kuri uwo musozi canke i Yerusalemu muzosengera Data. 22Mwebwe musenga ico mutazi; tweho dusenga ico tuzi, kuko agakiza gaturuka mu Bayuda. 23Ariko igihe kiza, kandi kirashitse, ni ho abasenga b'ukuri bazosengera Data mu mpwemu no mu kuri, kuko Data arondera abamusenga bameze batyo. 24Imana ni Mpwemu, kandi abayisenga bakwiye kuyisenga mu mpwemu no mu kuri." 25Nya mugore aramubwira ati: "Ndazi ko Mesiya azoza yitwa Kristo; uwo aho azozira ni we azoduserurira vyose." 26Yesu aramubwira ati: "Ni jewe nyene turiko turavugana." 27Buno abigishwa biwe barashika, batangazwa n'uko avugana n'umugore; ariko nta wavuze ati: "Urondera iki? Canke ngo Muvuganira na we iki?" 28Maze uno mugore asiga umubindi wiwe hano, asubira mu gisagara, abwira abantu 29ati: "Ni muze murabe umuntu ambariye ivyo nakoze vyose; namba ari we Kristo?" 30Bava mu gisagara ngo bamusange iyo ari. 31Batarashika, abigishwa baramwinginga bati: "Mwigisha, ehe fungura." 32Arabishura ati: "Jewe mfise ivyo kurya mwebwe mutazi." 33Abigishwa barabazanya bati: "Mbega hari uwamuzaniye ivyo kurya?" 34Yesu arababwira ati: "Indya zanje ni ugukora ico uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe." 35Mbega mwebwe ntimuvuga ngo hasigaye amezi ane iyimbura rikagera? Ehe ndababwire, ni mwunamure amaso yanyu murabe imirima ireze igeze kwimbura. 36Umwimbuzi aragererwa, yegeraniriza ivyimburwa mu bugingo budashira; kugira ngo uwubiba n'uwimbura banezeranwe. 37Kuko muri ivyo ari ho iri jambo rimenyekanira ko ari iryo ukuri, ngo Habiba umwe, hakimbura uwundi. 38Nabatumye kwimbura ibitabatamije; abandi baratamye, namwe mwashikiye mu vy'ubutame bwabo. 39Benshi mu Basamariya bo muri ico gisagara bamwizera ku bwo amajambo ya wa mugore, yavuze ashinga intahe ati: "Ambariye ivyo nakoze vyose." 40Maze Abasamariya baje aho ari, baramwinginga ngo agume i wabo; asibirayo kabiri. 41Hizera abandi benshi baruta aba mbere, kuko biyumviye ijambo ryiwe; 42maze babwira uwo mugore bati: "Ubu ho ntitwizeye ku bwo amajambo yawe gusa, kuko natwe twiyumviye kandi tumenye ko uwu ari Umukiza w'isi vy'ukuri." 43Iyo misi ibiri ishize, avayo aja i Galilaya. 44Kandi Yesu ubwiwe yashinze intahe yuko umuntu avugishwa n'Imana atagira icubahiro mu ntara y'i wabo. 45Ashitse i Galilaya, Abanyagalilaya baramwakira, kuko babonye ivyo yakoreye i Yerusalemu vyose muri ya misi mikuru, kuko na bo bari bagiyeyo mu misi mikuru. 46Maze asubira kuja i Kana i Galilaya, hamwe yahindurira amazi agacika umuvinyu. Hari umutware atwarira umwami, umwana wiwe w'umuhungu yari arwariye i Kaperinawumu; 47uwo yumvise ko Yesu avuye i Yudaya ashitse i Galilaya, aza kuri we, aramwinginga ngo amanuke gukiza umwana wiwe, kuko yari ku mpfiro. 48Yesu aramubwira ati: "Iyo mutabonye ibimenyetso n'ibitangaza nta ho mwizera na mba." 49Uwo mutware ati: "Mugenzi, ngwino se umanuke umwana wanje atarapfa." 50Yesu aramubarira ati: "Ni wigire, umwana wawe ni muzima." Uwo muntu yizera ijambo Yesu amubwiye, aragenda. 51Ariko aramanuka abantu biwe baramusanganira bati: "Umwana wawe ni muzima." 52Abasiguza cane igihe yatanguye kworoherwa. Baramubwira bati: "Ejo, kw'isaha indwi, ni ho umururumbo wamuvuyeko." 53Maze se aca amenya ko hari muri nya saha nyene Yesu yamubwiriyemwo ati: "Umwana wawe ni muzima." Arizera ubwiwe n'abo mu rugo rwiwe bose. 54Ico ni co kimenyetso ca kabiri Yesu yakoze, avuye i Yudaya ashitse i Galilaya.

will be added

X\