YOHANA 3

1Hari umuntu mu Bafarisayo, yitwa Nikodemu, yari umukuru wo mu Bayuda; 2Uwo aza kuri we mw'ijoro, aramubwira ati: "Mwigisha, turazi yuko uri umwigisha yavuye ku Mana, kuko ata muntu ashobora gukora ibimenyetso nk'ivyo ukora, kiretse Imana iri kumwe na we." 3Yesu aramwishura ati: "Ni ukuri ndakubwire koko. Iyo umuntu atavyawe ubwa kabiri, ntashobora kubona ubwami bw'Imana." 4Nikodemu aramubaza ati: "Umuntu ashobora ate kuvyarwa ashaje? Mbega yoshobora gusubira mu nda ya nyina akavuka?" 5Yesu aramwishura ati: "Ni ukuri ndakubwire koko. Iyo umuntu atavyawe n'amazi na Mpwemu, ntashobora kwinjira mu bwami bw' Imana. 6Ikivyawe n'umubiri na co ni umubiri; ikivyawe na Mpwemu na co ni impwemu." 7Ntutangazwe n'uko ndakubwiye nti: "Murakwiye kuvyarwa ubwa kabiri. 8Umuyaga uhuhuta aho ugomba, nawe ukumva igihuhuta cawo, ariko ntumenye aho uva, n'aho uja; uko ni ko amera, uwuvyawe na Mpwemu wese." 9Nikodemu aramubaza ati: "Ivyo bishoboka bite?" 10Yesu aramwishura ati: "Ni wewe mwigisha w'Abisirayeli, kandi ntutahura ivyo?" 11Ni ukuri ndakubwire koko: twebwe tuvuga ico tuzi, kandi dushingira intahe ico twabonye; ariko ntimwemera igishingantahe cacu. 12Ko nababwiye ivyo isi ntimwemere, none muzokwemera mute ni nababwira ivyo ijuru? 13Nta waduze mw'ijuru, atari uwamanutse ava mw'ijuru, ni we Mwana w'umuntu wo mw'ijuru. 14Kandi uko Mose yamanitse inzoka mu bugaragwa, ni ko Umwana w'umuntu akwiye kumanikwa, 15ngo uwumwizera wese ahabwe ubugingo budashira." 16Kuko Imana yakunze urukundo abari mw'isi ari rwo rwatumye itanga umwana wayo w'ikinege, ngo uwumwizera wese ntazopfe rubi, ariko ahabwe ubugingo budashira. 17Kuko Imana itatumye Umwana wayo gucira urubanza abari mw'isi, ariko yamutumye ngo abari mw'isi bakizwe na we. 18Uwumwizeye ntazotsindwa n'urubanza, ariko uwutamwizeye aramaze gutsindwa, kuko atizeye izina ry'Umwana w' Imana w'ikinege. 19Uku ni kwo gutsindwa, kuko umuco waje mw'isi, ariko abantu bagakunda umwiza kuruta umuco, kuko ibikorwa vyabo ari bibi. 20Kuko uwukora ibibi wese yanka umuco, kandi ntaza ku muco, kugira ngo ibikorwa vyiwe ntibihanwe. 21Ariko uwukora ivyo ukuri aza ku muco, kugira ngo ibikorwa vyiwe biseruke ko vyakorewe mu Mana. 22Hanyuma y'ivyo Yesu ajana n'abigishwa biwe mu gihugu c'i Yudaya, atebanayo na bo, abatiza. 23Kandi Yohana na we yabatiriza ahitwa Ayinoni, hafi y'i Salimu, kuko aho hari amazi menshi, abantu baraza bakabatizwa, 24kuko Yohana ataribwashirwe mw'ibohero. 25Havyuka ibihari ku bigishwa ba Yohana n'Umuyuda ku vyo kwihumanura. 26Baza aho Yohana ari, baramubwira bati: "Mwigisha, uwo mwari kumwe hakurya ya Yorodani, umwe washingira intahe, erega na we ariko arabatiza, kandi bose baza kuri we." 27Yohana arabishura ati: "Nta co umuntu ashobora kwironsa ubwiwe, atagihawe kivuye mw'ijuru." 28Ni mwebwe ubwanyu munshingira intahe yuko navuze nti: "Si jewe Kristo, ariko natumwe kumwitangira imbere." 29Uwuhawe umugeni ni we mukwe, ariko umugenzi w'uno mukwe amuhagaraye i ruhande amwumva, anezerwa cane n'ijwi ry'umukwe; nuko ako kanyamuneza kanje karashitse. 30Urya akwiye gukuzwa, nanje ngirwe muto. 31Uwavuye hejuru ni we asumba bose, uwo mw'isi aba ari uwo mw'isi nyene, avuga ivyo isi; uwavuye mw'ijuru ni we asumba bose. 32Ico yabonye, kandi yumvise, ni co ashingira intahe, ariko ugushinga intahe kwiwe nta wukwemera. 33Uwemeye ugushinga intahe kwiwe aba ateye igikumu ngo Imana ni iyo ukuri. 34Uwo Imana yatumye, ni we avuga amajambo y'Imana, kuko idatanga Mpwemu ku ngero. 35Se arakunda Umwana, kandi yamuhaye vyose, abishira mu kuboko kwiwe. 36Uwizeye Umwana arafise ubugingo budashira, ariko uwutumvira Umwana ntazobona ubugingo, ariko ishavu ry'Imana riguma kuri we.

will be added

X\