YOHANA 21

1Hanyuma y'ivyo Yesu yiyereka abigishwa ukundi gusha, ari ku kiyaga c'i Tiberiya. Kandi uburyo yiyerekanye ni ubu: 2Simoni Petero, Toma ari we Hasa bari kumwe na Natanayeli w'i Kana i Galilaya, n'abana ba Zebedayo, n'abandi bigishwa babiri. 3Simoni Petero arababwira ati: "Ndagiye kuroba." Na bo bati: "Natwe turajana nawe." Barikora, batambukira mu bwato. Muri iryo joro ntibagira ico bafata. 4Umutwenzi ugitambika, Yesu ahagarara ku musenyi, ariko abigishwa ntibamenya ko ari we. 5Nuko Yesu arababaza ati: "Bana, hari ico kurya mufise?" Bati: "Oya." 6Arababwira ati: "Ni muterere urusenga i buryo bw'ubwato, muraronka." Nuko baraterera, ntibaba bakibasha kurukwega, kuko ifi zari isinzi. 7Wa mwigishwa Yesu yakunda abwira Petero ati: "Ni Umwami Yesu." Simoni Petero yumvise ko ari Umwami, akenyera impuzu, kuko yari gusa, araheza yikubita mu kiyaga. 8Ariko abandi bigishwa baza mu bwato, kuko bari hafi y'umusenyi, hari nk'intambuko ijana, bakwega urusenga rurimwo ifi. 9Bafashe i musozi, babonaho umuriro w'amakara n'ifi zigeretseko, n'umutsima. 10Yesu arababwira ati: "Ni muzane ifi ku zo muhejeje kuroba." 11Simoni Petero aja mu bwato, akwegera urusenga i musozi rwuzuye ifi nininini ijana na mirongo itanu na zitatu, kandi naho zari zingana zityo, urusenga ntirwacitse. 12Yesu arababarira ati: "Ni muze murye." " Ariko mu bigishwa ntihagira uwutinyuka kumubaza ati: "Uri nde?" Kuko bari bamenye ko ari Umwami Yesu. 13Yesu araza, yakira umutsima, arawubaha, n'ifi ni uko. 14Ubwo bwari ubugira gatatu Yesu yiyereka abigishwa, amaze kuzuka mu bapfuye. 15Nuko barangije kurya, Yesu abaza Simoni Petero ati: " "Simoni, umwana wa Yohana, mbega urankunda kurusha aba?" Na we ati: "Ego, Mugenzi, wewe urazi ko nkunogera." Aramubwira ati: "Ahura imyagazi y'intama zanje." 16Yongera kumubaza ubugira kabiri ati: "Simoni, umwana wa Yohana, mbega urankunda?" Na we ati: "Ego, Mugenzi, wewe urazi ko ndagukunda." Aramubwira ati: "Ragira intama zanje." 17Amubaza ubugira gatatu ati: "Simoni, umwana wa Yohana, mbega urankunda?" Petero arababara, kuko yamubajije ubugira gatatu ngo mbega urankunda? Aramwishura ati: "Mugenzi, weho urazi vyose, urazi ko ndagukunda." Yesu aramubwira ati: "Ahura intama zanje." 18Ni ukuri ndakubwire koko; ukiri umusore, warikenyeza, ukaja aho ugomba; ariko aho uzosazira, uzogorora amaboko, uwundi agukenyeze, akujane aho utagomba. 19Icatumye avuga atyo, kwari ukwerekana urupfu azopfa, ashimagirisha Imana. Amaze kuvuga atyo, aramubarira ati: "Nkurikira." 20Petero arakebuka, abona wa mwigishwa Yesu yakunda abakurikiye, umwe yari yegamiye mu gikiriza ca Yesu hamwe basangira, akamubaza ati: "Mugenzi, ni nde azokugura?" 21Nuko Petero amubonye, abaza Yesu ati: "Mugenzi, uwu we bizoba bite?" 22Yesu aramwishura ati: "Namba ngomba ko azogumaho kugeza aho nzozira, bigutwaye iki?"Wewe nkurikira. " 23Ni co catumye iri jambo rikwira mu bavukanyi, ngo uwo mwigishwa ntazopfa. Ariko Yesu ntiyamubwiye ko atazopfa, ariko yavuze ati: "Namba ngomba ko agumaho kugeza aho nzozira, bigutwaye iki?" 24Uwo ni wa mwigishwa yashingiye intahe ivyo, kandi ni we yavyanditse, kandi natwe tuzi yuko intahe yiwe ari iyo ukuri. 25Ariko hariho n'ibindi vyinshi Yesu yakoze, vyokwandikwa bidondowe kimwekimwe, ngira ngo n'isi na yo ntiyokwirwamwo ibitabo vyokwanditswe."

will be added

X\