YOHANA 2

1Kw'igenekerezo rya gatatu haba ubukwe i Kana i Galilaya, kandi nyina wa Yesu ni ho yari ari. 2Yesu na we atorerwa ubukwe, bo n'abigishwa biwe. 3Maze umuvinyu ukamye, nyina wa Yesu aramubarira ati: "Nta muvinyu bafise." 4Yesu aramwishura ati: "Duhuriye hehe ga nyina wanje? Igihe canje ntikiragera." 5Nyina abwira abakozi ati: "Ico ababwira cose mugikore." 6Hariho impange z'intango zitandatu z'amazi zabajwe mu mabuye, zateretsweho kubwo ukwihumanura nk'uko umugenzo w'Abayuda wari uri, imwimwe yuzuzwa n'ibibindi bibiri canke bitatu. 7Yesu arababarira ati: "Ni mwuzuze izo ntango amazi." Bazuzuza kugeza ku mbiga. 8Arababarira ati: "Mudahe ubu nyene, mushire umuteretsi mukuru." Baramushira. 9Umuteretsi yumvirije amazi yahindutse umuvinyu, ntiyamenye iyo ivuye, ariko abakozi badashe amazi bari babizi; uwo muteretsi ahamagara umukwe, 10aramubwira ati: "Umuntu wese ahora abanza gutereka umuvinyu uryoshe, maze bahimba akabaha izitaryoshe; ariko weho iziryoshe ni zo wabitse gushitsa ubu." 11Iryo ni ryo tanguriro ry'ibimenyetso Yesu yakoze ari i Kana i Galilaya, yerekana ubwiza bwiwe; kandi abigishwa biwe baramwizera. " 12Hanyuma y'ivyo amanuka i Kaperinawumu, bo na nyina n'abavukanyi biwe n'abigishwa biwe, amarayo imisi itari myinshi. 13Kandi Pasika y'Abayuda yari hafi; Yesu aduga i Yerusalemu. " 14Asanga mu rusengero abadandarizaho inka, intama, inuma n'abavunja amahera bicaye. 15Atsiba imigozi ayigira nk'ikimoko, abahinda mu rusengero bose, n'intama n'inka, asesa amahera y'abariko baravunja, ahenura imeza zabo. 16Abarira abadandaza inuma ati: "Ni mukureho ivyo, nta co muhindura inzu ya Data kuba inzu y'isoko." 17Abigishwa biwe bibuka ko handitswe, ngo ishaka ry'inzu yawe rizondya. 18Abayuda baramubaza bati: "Utwereka ikimenyetso ki, gituma ukora ivyo?" 19Yesu arabishura ati: "Ni musambure uru rusengero, nanje nzoruhagarika mu misi itatu." 20Maze Abayuda bati: "Uru rusengero rwubatswe imyaka mirongo ine n'itandatu; none wewe uzoruhagarika mu misi itatu?" " 21Ariko we yavuga urusengero rw'umubiri wiwe. 22Nuko amaze kuzuka mu bapfuye, abigishwa biwe bibuka yuko yari yaravuze ivyo, bemera icanditswe, na rya jambo Yesu yavuze. 23Kandi yari i Yerusalemu mu misi mikuru ya Pasika, benshi bizera izina ryiwe, babonye ibimenyetso akora. 24Ariko Yesu we ntiyabishimira, kuko yari azi abantu bose, 25ntiyarinda ko hogira uwushingira intahe ivyo umuntu kuko ubwiwe yari azi ibiri mu muntu."

will be added

X\