YOHANA 19

1Maze Pilato afata Yesu, aramukubitisha. 2Abasoda na bo batsiba igitsibo c' amahwa bakimwambika mu mutwe, baraheza bamwambika impuzu itukura y'agaciro. 3Baramwegera bati: "Ndagize bwakeye, Mwami w'Abayuda." Maze bamukubita amakofe. 4Maze Pilato asubira gusohoka, arababwira ati: "Ehe ndamusohokanye aho muri, ngo mumenye ko ata kibi nabonye kuri we." 5Nuko Yesu asohoka yambaye ico gitsibo c'amahwa na ya mpuzu itukura y'igiciro kinini. Pilato arababwira ati: "Ehe raba uwo muntu !" 6Maze abaherezi bakuru n'abagendanyi bamubonye, barasemerera bati: "Mubambe, mubambe." Pilato arababwira ati: "Ni mube ari mwebwe mumwishorerera, mumubambe, kuko jewe ata gicumuro mbonye kuri we." 7Abayuda baramwishura bati: "Twebwe dufise icagezwe, kandi kubwo ico cagezwe akwiye gupfa, kuko yigize Umwana w'Imana." 8Nuko Pilato yumvise iryo jambo, arushiriza gutinya. 9Asubira kwinjira mu kibanza baciramwo imanza, abaza Yesu ati: "Uri uwa hehe?" Ariko Yesu ntiyamwishura na rimwe. 10Nuko Pilato aramubaza ati: "Nta co umbarira? Ntuzi yuko mfise ububasha bwo kukurekura, kandi mfise ububasha bwo kukubamba?" 11Yesu aramwishura ati: "Nta bubasha wari ufise kuri jewe, kiretse ubuhawe buvuye hejuru, ni co gituma uwakunshikirije afise icaha kirengeje." 12Uhereye aho Pilato arondera uburyo bw'uko yomurekura, ariko Abayuda barasemerera bati: "Ni warekura uwo, ntuzoba ucuzura na Kayisari, kuko uwigira umwami wese aba agararije Kayisari." 13Nuko Pilato yumvise ayo majambo, asohora Yesu, yicara ku ntebe y'imanza, yari ahantu hitwa Musezero w' amabuye, mu Giheburayo hitwa Gabata. 14Wari umusi wo kwitegurira Pasika, hari nk'isaha zitandatu. Abwira Abayuda ati: "Ehe raba umwami wanyu." 15Na bo barasemerera bati: "Mukureho, mukureho, umubambe." Pilato arababaza ati: "Mbambe umwami wanyu?" Abaherezi bakuru bati: "Nta mwami dufise, atari Kayisari." " 16Araheza aramubahereza, ngo abambwe. Nuko basumira Yesu 17Avayo, yiyikorereye umusaraba, ashika ahantu hitwa Nyagihanga, mu Giheburayo hitwa Gologota; 18bamubambaho, hamwe n'abandi babiri, umwe hirya, uwundi hino, Yesu yari hagati. 19Pilato yandika icandiko, agishira ku musaraba; canditswe ngo YESU UMUNYANAZARETI UMWAMI W'ABAYUDA. 20Benshi mu Bayuda basoma ico candiko, kuko aho hantu Yesu yabambwe hari hafi y'igisagara; kandi cari canditswe mu Giheburayo no mu Kiroma no mu Kigiriki. 21Nuko Abaherezi bakuru b'Abayuda babwira Pilato bati: " "Nta co wandika ngo Umwami w'Abayuda, ariko ko yivuze ngo Ni jewe Mwami w'Abayuda." 22Pilato arabishura ati: "Ico nanditse, nacanditse." 23Nuko abasoda, bamaze kubamba Yesu, bakira impuzu ziwe, bazigaburamwo imigabane ine, umusoda wese umugabane wiwe; hasigara umutamana. Kandi uwo mutamana ntiwari ufise umubariro, wari ujishwe kumwe, uhereye hejuru kugeza hasi. 24Nuko baravugana bati: "Ntituwutabure, tuwupfindire, ugire uwuwegukiye." Kwari ukugira ngo ivyanditswe bishike,ngo Bagabuye impuzu zanje,Bapfindira umwambaro wanje. Ivyo ni ko abasoda babikoze. 25Ariko i ruhande y'umusaraba wa Yesu hari hahagaze nyina, nyinabo, Mariya muka Kilopa na Mariya Magadalene. 26Yesu abonye nyina na wa mwigishwa yakunda ahagazeho, abarira nyina ati: "Nyina wanje, nguwo umwana wawe." 27Maze abarira wa mwigishwa ati: "Nguwo nyoko." " Uhereye ako kanya uwo mwigishwa ajana Mariya i we. 28Hanyuma y'ivyo Yesu amenye yuko noneho vyose birangiye, kugira ngo icanditswe gishike, aravuga ati: " "Ndafise inyota." 29Aho hantu hari hateretse inkono yuzuye inkarisha, nuko bashira sipongo yuzuyemwo inkarisha kw' irenga, bayirungika ku munwa wiwe. 30Yesu amaze kuyihabwa, aravuga ati: "Birarangiye." " Araheza ajondamika umutwe, umutima uraca. 31Uwo musi wari uwo kwitegurira Pasika; nuko kugira ngo ababambwe ntibagume ku misaraba kw'isabato, kuko uwo musi w'isabato wari mukuru, Abayuda basaba Pilato ngo amaguru yabo avunwe, kandi ngo babamburwe. 32Maze abasoda baraza, bavuna amaguru y'uwa mbere n'ayo uwundi yabambanywe na we. 33Ariko bashitse kuri Yesu, babonye amaze gupfa, ntibaba bakimuvuna amaguru, 34ariko umwe mu basoda amucumita icumu mu rubavu; ako kanya hava amaraso n'amazi. 35Uwabibonye ni we yabishingiye intahe kandi intahe yiwe ni iyo ukuri, kandi arazi ko avuga ukuri, kugira ngo namwe mwizere. 36Kuko ivyo vyabayeho kugira ngo icanditswe gishike, ngo nta n'igufa ryiwe rizovunwa. " 37Kandi hari ikindi canditswe, kivuga ngo Bazobona uwo bacumise. 38Hanyuma y'ivyo Yosefu Umunyarimataya, yari umwigishwa wa Yesu, ariko mu mpisho, ku bwo gutinya Abayuda, yaka Pilato ikiziga ca Yesu ngo akijane, Pilato aremera; nuko araza ajana ikiziga ciwe. 39Kandi haza na Nikodemu, umwe yaza kuri Yesu mw'ijoro ubwa mbere, azana ikivange c'isenga n'imbazi nk'ibilo mirongo itanu. 40Nuko bakira ikiziga ca Yesu, bakizingira mu mpuzu zera derere, hamwe n'ivyo bimota neza, nk'uko umugenzo w'Abayuda wo guhamba wari uri. 41Kandi aho hantu yabambwe hari itongo; kandi muri iryo tongo hari imva nshasha itarahambwamwo umuntu; 42aho ni ho bahamvye Yesu, kuko wari umusi wo kwitegura kw'Abayuda, kandi iyo mva ikaba hafi.

will be added

X\