YOHANA 18

1Yesu avuze ivyo, avanayo n'abigishwa biwe afata hakurya y'umugezi witwa Kidironi; aho hari itongo; ashikaho, bo n'abigishwa biwe. 2Kandi na Yuda amugura yari azi aho hantu, kuko Yesu yahora ajanayo n'abigishwa biwe kenshi. 3Nuko Yuda amaze guhabwa n'abaherezi bakuru n'Abafarisayo ingabo z' abasoda, bo n'abagendanyi, ajayo, bari n'amatara, ibimuri n'ibirwanisho. 4Nuko Yesu amenye ibigira bimubeko vyose, arabasanganira, arababaza ati: "Murondera nde?" 5Na bo baramwishura bati: "Yesu Umunyanazareti." Arababwira ati: "Ni jewe." Kandi Yuda, amugura, yari ahagararanye na bo. 6Amaze kubabarira ati: "Ni jewe," bagenza imigongo, bagwa hasi. 7Na we asubira kubabaza ati: "Murondera nde?" Na bo bati: "Yesu Umunyanazareti. 8Yesu arabishura ati: "Nababwiye ko ari jewe; asangwa ari jewe murondera, mureke aba, bigire." 9Ukwo kwari ukugira ngo rya jambo yavuze rishike, ngo mu bo wampaye nta n'umwe najimije. 10Simoni Petero yari n'inkota, arayisokora, aca ugutwi kw'i buryo kw'umuntu w'umuherezi mukuru, uwo muntu yitwa Malikusi. 11Maze Yesu abarira Petero ati: "Subiza inkota mu rwubati, mbega igikombe Data yampaye ndeke kukinywa?" 12Nuko abasoda n'umukuru w'intwazangabo zabo n'abagendanyi b'Abayuda bafata Yesu, baramuboha, 13babanza kumujana kwa Anasi, kuko yari sebukwe wa Kayafa umuherezi mukuru wo muri uwo mwaka. " 14Kandi Kayafa ni we yari yagiriye inama Abayuda, yuko ari ibibereye ko umuntu umwe apfira ubwo bwoko. 15Simoni Petero akurikira Yesu, bo n'uwundi mwigishwa. Uwo mwigishwa yari azinanyi n'umuherezi mukuru, ashikana na Yesu mu rugo rw'uwo muherezi mukuru, 16ariko Petero asigara ahagaze kw'irembo. Wa wundi mwigishwa yari azinanyi n'umuherezi mukuru, ashika kw'irembo, avugana n'umukumirizi, araheza ashikana Petero imbere. 17Maze iyo ncoreke ikumira ibaza Petero ati: " "Mbega nawe uri mu bigishwa b'uwo muntu?" Petero ati: "Oya, sindimwo." " 18Abashumba n'abagendanyi bari bahagaze bacanye umuriro w'amakara, kuko hari imbeho, bariko barota; kandi Petero na we yari kumwe na bo, ahagaze yota. 19Nuko umuherezi mukuru asiguza Yesu ivyo abigishwa biwe n'inyigisho ziwe. 20Yesu aramwishura ati: " "Nabarira abo isi ndavyeruye, nahora nigishiriza mu nsengero z'Abayuda no mu rundi rusengero aho Abayuda bose bakoranira, nta co navugiye mu mpisho. 21Umbarije iki? Baza abahora bavyumva ico nababariye: erega ni bo bazi ivyo navuze." 22Avuze atyo, umwe mu bagendanyi ahagazeho akubita Yesu urushi ati: "Uko ni ko wishura umuherezi mukuru?" 23Yesu aramubaza ati: "Namba mvuze nabi, nyagiriza ico kibi; ariko namba ari neza, unkubitiye iki?" 24Nuko Anasi amurungika aboshwe kwa Kayafa umuherezi mukuru. 25Simoni Petero yari ahagaze yota; nuko baramubaza bati: "Mbega nawe uri mu bigishwa biwe?" Na we arahakana ati: "Oya, sindimwo." 26Umwe mu bashumba b'umuherezi mukuru, yari incuti y'umwe Petero yaciye ugutwi, aramubaza ati: "Sinakubonye uri kumwe na we muri rya tongo?" " 27Maze Petero yongera kubihakana, ako kanya inkoko ica irabika. 28Bakura Yesu kwa Kayafa, bamujana mu nzu y'iburaniro; hari mu mutwenzi. Ariko ubwabo ntibinjira mu nzu y'ibonaniro, ngo ntibihumanye, kugira ngo babone ingene barya Pasika. 29Kubwo ivyo Pilato arasohoka aja aho bari, arababaza ati: " "Ikirego mufise kuri uwo muntu ni igiki?" 30Baramwishura bati: "Ugira ngo uwu, iyaba atakoze ibibi tuba tumukuzaniye?" 31Nuko Pilato arababwira ati: "Ni mumujane mwebwe, mumucire urubanza nk'uko ivyagezwe vyanyu bivuga." Abayuda baramwishura bati: "Erega twebwe ntitwemererwa kwica umuntu." 32Kwari ukugira ngo ijambo rya Yesu rishike, iryo yavuze abamenyesha urupfu azopfa urwo ari rwo. 33Nuko Pilato asubira mu gisagara gikikijwe n'uruhome rw'amabuye, ahamagaza Yesu, aramubaza ati: "Ni wewe Mwami w'Abayuda?" 34Yesu ati: "Mbega ivyo ubibajije kubwawe, canke n'abandi bakubariye ivyanje? 35Pilato ati: "Mbega nanje ndi Umuyuda? Abo mu bwoko bwanyu n'abaherezi bakuru ni bo bakunzaniye. Wakoze iki?" 36Yesu aramwishura ati: "Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si; iyaba ubwami bwanje bwari ubwo muri iyi si, abagendanyi banje baba barwanye, ngo simpabwe Abayuda. Ariko noneho ubwami bwanje si ubwo ino." 37Nuko Pilato aramubaza ati: "Ubwo wewe uri umwami?" Yesu ati: "Ni wewe uvyivugiye ko ndi umwami." Iki ni co navukiye, kandi iki ni co canzanye mw'isi, ni ukugira ngo nshingire intahe ukuri. Uwo ukuri wese yumva ijwi ryanje. 38Pilato aramubaza ati: "Mbega ukuri ni iki?" Amaze kuvuga ivyo, asubira gusohoka, aja aho Abayuda bari, arababwira ati: "Jewe nta kibi nabonye kuri we. 39Ariko musanganywe umugenzo ko ndabarekurira umwe mu misi ya Pasika; none muragomba ko ndabarekurira umwami w'Abayuda?" 40Nuko basubira gusemerera bati: "Si uyo, ariko turekurire Baraba." Yamara Baraba yari umwambuzi.

will be added

X\