YOHANA 17

1Yesu avuze ivyo, arangamiza mw'ijuru ati: "Data, igihe kirashitse; shimagiza Umwana wawe, ngo Umwana agushimagize; 2nk'uko wamuhaye ububasha ku bafise umubiri bose, ngo abo wamuhaye bose abahe ubugingo budashira. 3Ubu ni bwo bugingo budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y'ukuri, n'uwo watumye, Yesu Kristo. 4Nagushimagije mw'isi, nonosoye igikorwa wampaye gukora. 5Na none Data, unshimagizanye nawe, unshimagirishije bwa bwiza nahoranye ndi kumwe nawe, isi itararemwa. 6Nahishuriye izina ryawe abantu wampaye mu b'isi; bari abawe, urabampa, kandi bitondeye ijambo ryawe. 7None bamenye yuko ivyo wampaye vyose biva kuri wewe; 8kuko amajambo wampaye nayabahaye, na bo bakayakira, bakamenya vy'ukuri ko naturutse kuri wewe; bakizera ko ari wewe wantumye. 9Ndabasabira; sinsabira abo isi, ariko nsabira abo wampaye, kuko ari abawe; 10kandi ivyanje vyose ni ivyawe, n'ivyawe na vyo ni ivyanje, kandi nashimagijwe muri bo. 11Sinkiri mw'isi, ariko bo bari mw'isi, nanje ndaje kuri wewe. Data wera, ubazigamire mw'izina ryawe wampaye, ngo babe umwe nk'uko natwe turi. 12Nkiri kumwe na bo, nabazigamiye mw'izina ryawe wampaye. Narabashibamyeko, kandi nta n'umwe muri bo yapfuye rubi, atari wa mwana wo gupfa rubi, kugira ngo ivyanditswe bishike. 13Ariko none ndaje kuri wewe, kandi ibi ndabivuga ndi mw'isi, kugira ngo bagire umunezero wanje wuzure muri bo. 14Nabahaye ijambo ryawe; kandi ab'isi barabanka, kuko atari abo isi, nk'uko nanje ntari uwo isi. 15Sindagusaba ngo ubakure mw'isi, ariko ngo ubarinde wa Mubi. 16Si ab'isi, nk'uko nanje ntari uwo isi. 17Ubeze mu kuri, ijambo ryawe ni ryo kuri. 18Nk'uko wantumye mw'isi, ni ko nanje nabatumye mw'isi, 19kandi nanje niyeza kubwabo, kugira ngo na bo babe bejejwe mu kuri. 20Sinsabira aba gusa, ariko ndasabira n'abo bazonyizera ku bwo ijambo ry'aba, 21kugira ngo bose babe umwe, nk'uko wewe, Data, uri muri jewe, nanje nkaba muri wewe, ngo na bo babe ari ko baba muri twebwe, ngo isi yizere ko ari wewe wantumye. 22Nanje nabahaye ubwiza wampaye, ngo babe umwe, nk'uko natwe turi umwe. 23Jewe mbe muri bo, nawe ube muri jewe, ngo bahingurwe babe umwe, kugira ngo isi imenye ko ari wewe wantumye, ukabakunda, nk'uko wankunze. 24Data, abo wampaye ndagomba ko aho ndi na bo bahabana nanje, ngo barabe ubwiza bwanje wampaye, kuko wankunze itanguriro ry'isi ritarashirwaho. 25Data ugororotse, isi ntiyakumenye, ariko jewe narakumenye, n'aba na bo bamenye ko ari wewe wantumye. 26Nabamenyesheje izina ryawe, kandi nzoribamenyesha, ngo urukundo wankunze rube muri bo, nanje mbe muri bo."

will be added

X\