YOHANA 16

1Ico ndababaririye ivyo, ni ukugira ngo ntimuzotsitazwe. 2Bazobaca mu nsengero z'Abayuda, kandi igihe kigiye kuza, uwuzobica wese azogira ngo agiriye Imana ikimazi. 3Kandi ivyo bazobikora kuko batamenye Data, nanje ntibamenye. 4Ico ndababaririye ivyo, ni ukugira ngo igihe cavyo ni cashika, muzovyibuke ko nanje nabibabwiye. Uhereye ubwa mbere sinaribwabibabwire, kuko nari nkiri kumwe namwe. 5None ngira ngende ku wantumye, kandi nta n'umwe muri mwebwe arushe ambaza ati: "Uja hehe?" 6Ariko kuko ndababariye ivyo, umubabaro waciye wuzura mu mitima yanyu. 7Ariko jewe ndababwira ukuri; Ikizogira ico kibamarira, ni uko jewe ngenda; kuko ni ntagenda, Umwitsa ntazoza kuri mwebwe; ariko ni nagenda nzomubarungikira. 8Uwo ni yaza, azohinyuza abo isi, abemeze ivyo icaha, ivyo ukugororoka n'ivyo urubanza; 9ivyo icaha, kuko batanyizeye, 10ivyo ukugororoka, kuko nja kwa Data, kandi namwe muzoba mutakimbona, 11ivyo imanza, kuko umwami w'iyi si yaciriwe urubanza. 12Nari ngifise vyinshi vyo kubabwira, ariko ntimushobora kuvyihanganira ubu. 13Ariko uwo Mpwemu w'ukuri ni yaza, azobarongora abashitse ku kuri kwose, kuko atazovuga ivyo yigeneye, ariko ivyo azokwumva vyose ni vyo azovuga, kandi azobamenyesha ibigira bize. 14Uwo azoshimagiza jewe, kuko azokwakira ku vyanje, akabibamenyesha. 15Ivyo Data afise vyose ni ivyanje, ni co gitumye mvuga nti: "Yakira ku vyanje, akabibamenyesha." 16Hasigaye igihe gito ntimube mukimbona, maze hazoca ikindi gihe gito musubire kumbona. 17Bamwe mu bigishwa biwe barabazanya bati: "Mbega ivyo atubwiye ni ibiki ngo Hasigaye igihe gito ntimube mukimbona, ngo maze hazoca ikindi gihe gito musubire kumbona, kandi ngo kuko nja kwa Data?" 18Kandi bati: "Ivyo atubwiye ni ibiki, ngo igihe gito?" Ntitumenye ico avuze ico ari co. 19Yesu amenya ko bagomba kumubaza, arababaza ati: "Mbega mubazanya ico ari co, ko mbababariye nti: "Hasigaye igihe gito ntimube mukimbona kandi hazoca ikindi gihe gito musubire kumbona?" 20Ni ukuri, ni ukuri ndababwire, mweho muzorira muboroge, ariko abo isi bo bazonezerwa; mweho muzobabara, ariko umubabaro wanyu uzocika umunezero. 21Umugore iyo aramutswe, aja mu mubabaro, kuko igihe ciwe kigeze, ariko iyo umwana amaze kuvuka ntaba acibuka kugorwa kwiwe, kuko anezerejwe n'uko umuntu avutse mw'isi. 22Ni ko namwe muri mu mubabaro, ariko nzosubira kubabona, kandi imitima yanyu izonezerwa, umunezero wanyu nta n'umwe azowubanyaga. 23Kuri uwo musi nta na kimwe muzombaza. Ni ukuri ndakubwire koko, ni hagira ico musaba Data cose azokibaha mw'izina ryanje. 24Kugeza ubu nta co mwasavye mw'izina ryanje; musabe muzohabwa, ngo umunezero wanyu wuzuzwe. 25Ivyo ndabibabwiriye mu migani, ariko igihe kizoza sinzoba ngisubira kuvuganira namwe mu migani, mugabo nzobabwira ivya Data ndabifoboye. 26Kuri uwo musi muzosaba mw'izina ryanje, kandi sindababwira ngo nzobasabira Data. 27Kuko Data na we ubwiwe abakunda, kuko mwankunze kandi mwizeye ko naturutse ku Mana. 28Navuye kwa Data, nza mw'isi; ikindi, isi ndiko ndayivamwo, nje kwa Data. 29Abigishwa biwe baravuga bati: "Ubuho urabifoboye, nta mugani uduciriye. 30Ubuho tumenye ko uzi vyose, kandi ko ku bwawe utarinda ko hogira uwukubaza; ni co gituma twizera ko waturutse ku Mana." 31Yesu arabishura ati: "Mbega noneho murizeye? 32Igihe kigira kize, mbere kirashitse, aho muhava musabagira, umuntu wese aje mu vyiwe, munte jenyene, ariko sindi jenyene, kuko Data ari kumwe nanje. 33Ivyo ndabibabwiye, kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Mw'isi muri n'amarushwa, ariko ni muhumure, jewe naranesheje isi."

will be added

X\