YOHANA 15

1Jewe ndi umuzabibu w'ukuri, kandi Data ni nyene wo. 2Ishami ryose ryo muri jewe ritama, arikuraho; kandi iryama ryose ararituturira, ngo rirushirize kwama. 3N'ubu mwebwe mumaze kwezwa kubwo ijambo nababwiye. 4Ni mugume muri jewe, nanje ngume muri mwebwe. Nk'uko ishami ritabasha kwama ubwaryo, ritagumye mu muzabibu, ni ko namwe mutabibasha, mutagumye muri jewe. 5Ni jewe muzabibu, namwe muri amashami; uwuguma muri jewe, nanje nkaguma muri we, uwo ni we yama cane, kuko ata co mubasha gukora mutamfise. 6Umuntu ni ataguma muri jewe atabwa nk'uko ishami ritererwa inyuma y'umurima w'inzabibu, akuma; maze bakayegeranya, bakayaterera mu muriro, agasha. 7Ni mwaguma muri jewe, amajambo yanje akabagumamwo, musabe ico mugomba cose, kizobabera kuno. 8Muri ivyo Data arashimagizwa, ni mwama cane, kandi mukaba abigishwa banje." 9Nk'uko Data yankunze, ni ko nanje nabakunze; ni mugume mu rukundo rwanje. 10Ni mwitondera ivyagezwe vyanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk'uko nanje nitondeye ivyagezwe vya Data, nkaguma mu rukundo rwiwe. 11Ivyo ndabibabwiye, kugira ngo umunezero wanje ubabemwo, kandi n'umunezero wanyu wuzuzwe. 12Ngiki icagezwe canje: ni mukundane, nk'uko nabakunze. 13Nta wogira urukundo ruruta urwo uko umuntu yigura abakunzi biwe. 14Muri abakunzi banje, ni mwakora ivyo ndabategetse. 15Sinkibita abashumba, kuko umushumba atamenya ico shebuja akora; ariko mweho nabise abakunzi, kuko ivyo numvanye Data vyose nabibamenyesheje. 16Si mwebwe mwantoranije, ariko ni jewe nabatoranije, nabashizeho kugira ngo mugende murama imbuto, kandi ngo imbuto zanyu zigumeho, kugira ngo ico muzosaba Data cose mw'izina ryanje, akibahe. 17Ivyo ndabibategetse kugira ngo mukundane. 18Isi ni yabanka, mumenye ko jewe yabanje kunyanka, itarabanka. 19Iyo muba abo isi, isi iba ikunze icayo, maze kuko mutari abo isi, ariko nabatoranije mu bo isi, ni co gituma isi ibanka. 20Mwibuke rya jambo nababwiye nti: "Umushumba ntaruta shebuja; namba barampamye, namwe bazobahama; namba baritondeye ijambo ryanje, n'iryanyu bazoryitondera." 21Ariko ivyo vyose bazobibagirira babahora izina ryanje, kuko batazi uwantumye. 22Iyo ntaba naraje ngo ngire ico ndababarira, nta caha baba bafise, ariko none ntibari n'ico bireguza icaha cabo. 23Uwunyanka aba yanka na Data. 24Iyo ntaba narakoreye ibikorwa muri bo bitigeze gukorwa n'uwundi, nta caha baba bafise, ariko noneho twe na Data baratubonye, baraheza baratwanka. 25Ariko vyabaye bityo kugira ngo ijambo ryanditswe mu vyagezwe vyabo rishike, ngo Banyankiye ubusa. 26Ariko Umwitsa aho azozira, uwo nzobarungikira ava kuri Data, ni we Mpwemu w'ukuri akomoka kuri Data, uwo ni we azonshingira intahe, 27kandi namwe nyene muranshingira intahe, kuko mwari kumwe nanje uhereye mu bihe vya kera.

will be added

X\