YOHANA 13

1Umusi wa Pasika utarashika, Yesu amenye ko igihe ciwe gishitse co kuva mw'isi ngo aje kwa Se, uko yakunda abiwe bari mw'isi, ni ko yabakunze gushitsa ku muhero. 2Bakiriko bararya ku mugoroba, wa mugarariji amaze kwinjiza ubuguranyi mu mutima wa Yuda Isikaryota, umwana wa Simoni, 3Yesu yari azi ko Se yamuhaye vyose yabishize mu maboko yiwe, kandi ko yavuye ku Mana, kandi ko agira asubire ku Mana, 4ava hasi mw'iriro, akura umutamana, yakira icambazo, arakenyera; 5araheza asuka amazi mu mubehe, atangura kwoza ibirenge vy'abigishwa, no kubihanaguza icambazo akenyeje. 6Nuko ashika kuri Simoni Petero, na we aramubaza ati: "Mugenzi, ni wewe unyoza ibirenge?" 7Yesu aramwishura ati: "Ico jewe ndiko ndakora, wewe nturibukimenye ubu; ariko uzokimenya hanyuma." 8Petero aramubwira ati: "Nta ho uzokwigera unyoza ibirenge gushitsa ibihe vyose." Yesu aramwishura ati: "Ni ntakwoza, nta ho tuzoba duhuriye." 9Simoni Petero aramubwira ati: "Mugenzi, ntugarukize ku birenge gusa, ariko ushikane ku maboko no ku mutwe." 10Yesu aramubwira ati: "Uwari yiyuhagiye nta kindi agomba, atari ukwoga ibirenge, kuko aba akeye umubiri wose, namwe murakeye, ariko si mwese." " 11Kuko yari azi uwuzomugura uwo ari we; ni co catumye avuga ati: "Ntimukeye mwese." 12Nuko ahejeje kuboza ibirenge, yakira umutamana wiwe, yongera kwicara; arababaza ati: " "Mbega muramenye ico ndabagiriye? 13Munyita Mwigisha na Shobuja, kandi mubivuga ko, kuko ari ko ndi. 14Nuko rero, ko jewe ndabogeje ibirenge, ndi Shobuja n'Umwigisha, namwe mukwiye kwozanya ibirenge. 15Kuko ndabahaye akarorero, kugira ngo nk'uko jewe ndabagiriye, mube ari ko namwe mugira. 16Ni ukuri ni ukuri ndababwire, umushumba ntaruta shebuja, kandi n'intumwa ntiruta uwayitumye. 17Ni mwamenya ivyo, muzoba muhiriwe ni mwabikora. 18Simvuze mwese, kuko nzi abo natoranije, ariko ni ukugira ngo ivyanditswe bishike, ngo Uwurya ivyo kurya vyanje ni we ambanguriye umugere. 19Uhereye ubu ndabibabariye bitaraba, kugira ngo aho bizobera, mwizere ko ndi we. 20Ni ukuri ndababwire, uwakira uwo nzotuma azoba anyakiriye, uwunyakira aba yakiriye uwantumye." 21Yesu avuze ivyo, ahagarika umutima, abivuga avyataguye ati: "Ni ukuri ni ukuri ndababwire, umwe muri mwebwe agira angure." 22Abigishwa bararabana, bazazaniwe uwo avuze uwo ari we. 23Hariho umwe mu bigishwa biwe yari yegamiye mu gikiriza ca Yesu bariko bararya, umwe Yesu yakunda. 24Simoni Petero amuvunira akagohe ati: "Tubwire uwo avuze uwo ari we." 25Uwo rero ahengamira inyuma, uko yari hano nyene mu gikiriza ca Yesu, aramubaza ati: "Ni nde ga Mugenzi?" 26Yesu aramwishura ati: "Uwo nkorezamwo intore, nkayimuha, azoba ari we." Akojejemwo intore, arayikuramwo, ayihereza Yuda, umwana wa Simoni Isikaryota. 27Hanyuma y'iyo ntore, Satani aca yinjira muri we. Nuko Yesu aramubarira ati: "Ico ukora, gikore ningoga." 28Ariko muri abo bicaranye nta n'umwe yamenye ico abimubwiriye. 29Ariko kuko Yuda ari we yarafise umupfuko, bamwe bagize ngo Yesu yamubwiye, ngo Gura ibizodukwira ku musi mukuru, canke ngo agire ico aha aboro. 30Na we amaze kwakira intore, aca asohoka ako kanya, kandi hari mw'ijoro. 31Nuko amaze gusohoka, Yesu aravuga ati: "Noneho Umwana w'umuntu arashimagijwe, kandi Imana ishimagirijwe muri we. 32Kandi Imana, ko ishimagirijwe muri we, na yo izomushimagiriza muri yo, kandi izomushimagiza vuba. 33Bana bato, ndacari kumwe namwe akanya gato. Muzondondera, ariko, nk'uko nabwiye Abayuda nti: 'Aho nja ntimushobora gushikayo, ni ko none ndababwira namwe.' 34Ndabaha icagezwe gishasha, ni mukundane; nk'uko nabakunze, mube ari ko namwe mukundana. 35Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko muri abigishwa banje." 36Simoni Petero aramubaza ati: "Mugenzi, uja hehe?" Yesu aramwishura ati: "Aho nja ntushobora kunkurikira ubu, ariko uzonkurikira hanyuma." 37Petero aramubaza ati: "Mugenzi, ni igiki kimbuza kugukurikira n'ubu?" Erega nzonakwigura. 38Yesu aramwishura ati: "Ugize ngo uzonyigura?" Ni ukuri ndakubwire koko, inkoko itarabika, uhava unyihakana gatatu.

will be added

X\