YOHANA 12

1Nuko hasigaye imisi itandatu Pasika igashika, Yesu aja i Betaniya, ni ho haba Lazaro yari yazuye mu bapfuye. 2Barahamuzimanira; Marita yarahereza, kandi na Lazaro yari umwe wo mu bicaranye na we basangira. 3Maze Mariya yakira ingero y'amavuta amota cane y'igiciro kinini cane, y'agati kitwa narada, ayasiga ku birenge vya Yesu, abihanaguza umushatsi wiwe, kandi inzu yose itamiranamwo ayo mavuta. 4Ariko Yuda Isikaryota, umwe mu bigishwa biwe, uwagira azomugure, aravuga 5ati: "Ni igiki catumye ayo mavuta ataguzwe idenariyo amajana atatu, ngo zihabwe aboro?" 6Ariko ivyo ntiyabivugishijwe no kubabara aboro, ni uko yari umwivyi, agendana umupfuko, agasotora ku bibitswemwo. 7Yesu aramubwira ati: "Ni umureke, kuko ivyo yabibikiye umusi wo guhambwa kwanje. 8Aboro muramana imisi yose, ariko jeho ntituja kwamana imisi yose." " 9Ishengero ryinshi ry'Abayuda rimenye ko ari ho ari, baraza, mugabo ntihari kubwa Yesu gusa, ariko kwari ukugira ngo barabe na Lazaro yazuye mu bapfuye. 10Ariko abaherezi bakuru baja inama yo kwica Lazaro na we, 11kuko kubwiwe Abayuda benshi babavako bakizera Yesu. 12Bukeye bw'aho, ishengero ryinshi ryari ryaje i Yerusalemu muri iyo misi mikuru, bumvise ko Yesu azayo, 13bakira amashami y'ibigazi, baja kumusanganira, barasemerera bati: " "Hoziyana; hashemezwe uwuje mw'izina ry'Uhoraho, ni we Mwami w'Abisirayeli." 14Kandi Yesu abonye inyana y'indogoba, ayicarako, nk'uko handitswe, 15ngo Nta co utinya, mukobwa w'i Siyoni, raba, Umwami wawe araje, ari ku nyana y'indogoba. 16Ivyo abigishwa ntibabitahuye ubwa mbere, ariko Yesu amaze guhabwa ubwiza bwiwe, ni ho bibutse ko ivyo yavyandikiwe, kandi ko ari vyo bamugiriye. 17Nuko rya shengero rimushingira intahe, rimwe ryari kumwe na we hamwe yahamagara Lazaro ngo ave mu mva, akamuzura mu bapfuye. 18Kandi ni co catumye ishengero rimusanganira, kuko bumvise ko yakoze ico kimenyetso. 19Ariko Abafarisayo bavugana muri bo bati: "Murabona ko ata co mumaze, raba isi yose yamukondoreye inyuma." 20Hari Abagiriki bamwe, mu baduze gusenga mu misi mikuru, 21bashikira Filipo w'i Betsayida i Galilaya, baramwinginga bati: "Mugenzi, turagomba kuraba Yesu." 22Filipo araza abibarira Andereya; Andereya na Filipo baraza babibarira Yesu. 23Yesu arabishura ati: "Igihe kirageze c'uko Umwana w'umuntu ahabwa ubwiza bwiwe. 24Ni ukuri ni ukuri ndababwire; iyo agatete k'ingano kataguye mw'ivu ngo gapfe, kaguma uko kari konyene; ariko iyo gapfuye, gahunda impeke nyinshi. 25Uwukunda ubugingo bwiwe azobubura, ariko uwanka ubugingo bwiwe muri iyi si azobuzigama gushitsa ku bugingo budashira. 26Ni hagira uwunkorera, ni ankurikire, kandi aho nzoba ndi, umukozi wanje ni ho azoba, ni hagira uwunkorera, Data azomuha icubahiro. 27Umushaha wanje urahagaze; none mvuge iki? Ngire nti: "Data, ni unkize iki gihe? Yamara ni co canzanye ngo nshike muri iki gihe. 28Data, shimagiza izina ryawe." Maze ijwi riva mw'ijuru riti: "Ndarishimagije, kandi nzokwongera kurishimagiza." 29Ishengero rihagazeho rivyumvise riti: "Ni umuturagaro." Abandi bati: "Ni umumarayika avuganye na we." 30Yesu arabishura ati: "Iryo jwi ntirije kubwanje, ariko rije kubwanyu. 31None ubu iyi si iciriweko urubanza, none ubu umutware w'iyi si agira ahindirwe hanze. 32Nanje ni namanikwa hejuru y'isi, nzokwikwegerako bose." 33Avuga ivyo ari ukubamenyesha urupfu agira apfe. 34Ishengero riramwishura riti: "Twebwe twumvise mu vyagezwe ko Kristo azohoraho ibihe bidashira. None uvuze ute ngo Umwana w'umuntu akwiye kumanikwa? Mbega uwo Mwana w'umuntu ni nde?" 35Yesu arababwira ati: "Hasigaye igihe gito umuco ukiri muri mwebwe; ni mugende mugifise umuco, umwiza ntubiriranireko." Uwugenda mu mwiza ntamenya iyo aja. 36Mugifise umuco, mwizere umuco, ngo mube abana b'umuco. " Yesu amaze kuvuga ivyo, arigira, arabihisha. 37Ariko naho yakoreye ibimenyetso bingana uko imbere yabo, ntibarushe bamwizera, 38ngo ijambo ry'uwavugishwa n'Imana Yesaya rishike,ngo, Mwami, ni nde yizeye ico twumvise?Kandi ukuboko kw'Uhoraho kwahishuriwe nde? " 39Ni co catumye badashobora kwizera, kuko Yesaya yongeye kuvuga 40ati: "Yabahumye amaso, yabakomantaje imitima,Kugira ngo ntibaboneshe amaso, ngo batahurishe imitima,Bahindukire,Ngo ndabakize." 41Ivyo Yesaya yabivuze, kuko yabonye ubwiza bwiwe, kandi ni we yavuzeko. 42Yamara no mu bakuru, benshi baramwizeye; ariko ku bwo Abafarisayo ntibavyatura, kugira ngo ntibahimburwe igikoba c'ubugabo mu rusengero rw'Abayuda, 43kuko bakunda icubahiro c'abantu kukirutisha icubahiro c' Imana. 44Yesu arasemerera ati: "Uwunyizera, si jewe yizeye, ariko yizeye uwantumye; 45uwumbonye aba abonye uwantumye. 46Naje mw'isi ndi umuco, kugira ngo uwunyizera wese ntazogume mu mwiza. 47Ariko ni hagira uwumva amajambo yanje, ntayazigame, si jewe ndamucira urubanza; kuko ntazanywe no gucira urubanza isi, ariko nazanywe no gukiza isi. 48Ariko uwungaya, ntiyemere amajambo yanje, ari n'ikizomutsindisha, ijambo navuze ni ryo rizomutsindisha ku musi w'umuhero. 49Kuko ivyo ntabivuze ndavyigeneye, ariko Data yantumye, ni we yangeze ivyo nkwiye kuvuga n'ivyo nkwiye gusigura. 50Kandi ndazi yuko ivyo yageze ari ubugingo budashira. Nuko ivyo mvuga, ndabivuga nk'uko Data yambariye."

will be added

X\