YOHANA 11

1Hariho uwari arwaye, ni Lazaro w'i Betaniya, ni wa musozi Mariya na mwene nyina Marita babako. 2Uwo Mariya ni we yasize Umwami Yesu amavuta amota cane ku birenge, amuhanaguza umushatsi wiwe; uwo Lazaro yari arwaye ni we musaza we. 3Bashiki biwe batuma kuri Yesu bati: "Mugenzi, wa wundi ukunda ararwaye." 4Yesu avyumvise aravuga ati: "Iyo ndwara si iyo kumwica, ariko ni iyo gutuma bashimagiza Imana, kugira ngo n'Umwana w'Imana itume ashemagizwa." 5Kandi Yesu yarakunda Marita na mwene nyina na Lazaro. 6Nuko yumvise ko arwaye, asibira aho hantu yari ari imisi ibiri. 7Hanyuma y'ivyo abwira abigishwa biwe ati: "Dusubire i Yudaya." 8Abigishwa baramubwira bati: "Mwigisha, Abayuda baheruka gushaka kugutera amabuye, none usubireyo?" 9Yesu arabishura ati: "None isaha z'umurango si icumi na zibiri? Uwugenda ku murango ntatsitara, kuko abona umuco w'iyi si. 10Ariko uwugenda mw'ijoro aratsitara, kuko umuco utari muri we." 11Amaze kuvuga ivyo, arababwira ati: "Lazaro, umukunzi wacu, arasinziriye, nanje ndagiye kumukangura." 12Nuko abigishwa baramubwira bati: "Mugenzi, asangwa asinziriye, azokira." 13Yamara Yesu yavuga ko yapfuye, ariko bo bagira ngo avuga kuruhuka kwo gusinzira. 14Buno Yesu avuga abifoboye ati: "Lazaro yahwereye; 15ariko kubwanyu ndanezerewe ko ntariyo, kugira ngo muzokwizere; noneho ni muze tuje iyo ari." 16Toma ari we Hasa abwira abigishwa bagenzi biwe ati: "Ingo tugende, dupfane na Yesu." 17Nuko Yesu ashitse asanga amaze imisi ine mu mva. 18I Betaniya hari hafi y'i Yerusalemu nka stadiyo icumi na zitanu. 19Nuko Abayuda benshi bari baje kwa Marita na Mariya ku bagarukirako kuko musaza wabo yapfuye. 20Nuko Marita yumvise ko Yesu aje, aragenda aramusanganira; ariko Mariya asigara yicaye mu nzu. 21Marita abwira Yesu ati: "Mugenzi, iyo uba wari hano, musazanje ntaba yahwereye." 22Kandi n'ubu ndazi ko ivyo wosaba Imana vyose, Imana yobiguha. 23Yesu aramubwira ati: "Musazawe azozuka." 24Marita aramwishura ati: "Ndazi ko azozuka mw'izuka ryo ku musi w'iherezo." 25Yesu aramubwira ati: "Ni jewe kuzuka n'ubugingo. Uwunyizera n'iyo yoba yarapfuye, azobaho; 26kandi uwuriho wese anyizera, nta ho azokwigera apfa gushitsa ibihe bidashira. Urizeye ivyo?" 27Na we ati: "Ego me Mugenzi, nizeye ko uri Kristo, Umwana w'Imana, umwe wo kuza mw'isi." 28Avuze ivyo, asubira inyuma, yongorera Mariya, mwene nyina ati: "Umwigisha ari hano, araguhamagaje." 29Na we avyumvise, ava hasi ningoga, aja aho ari. 30Yesu ntiyari bwashike muri iyo mihana, ariko yari akiri ha handi aho Marita yamusanganiriye. 31Buno Abayuda bari kumwe na Mariya mu nzu bamugandariye, babonye avuye hasi ningoga, asohotse, baramukurikira, bagira ngo agiye kuririra ku mva. 32Mariya ashitse aho Yesu ari, amubonye, yikubita imbere y'ibirenge vyiwe ati: "Mugenzi, iyo uba wari hano, musazanje ntaba yahwereye." 33Yesu abonye ko arira, n'Abayuda bari kumwe na we barira, agira ikigumbagumba mu mutima, biranka, 34arababaza ati: "Mwamuhamvye hehe?" Bati: "Mugenzi, ngwino urabe." 35Yesu ararira. 36Abayuda baravuga bati: "Ehe ingene yamukunda." 37Ariko bamwe muri bo baravuga bati: "Mbega uwo yahumuye amaso y'impumyi, ntiyoshoboye kubuza uwo ngo ntapfe?" 38Yesu yongera kugira ikigumbagumba mu mutima, ashika ku mva; kandi yari isenga yugajwe ikibuye. 39Yesu aravuga ati: "Ni mukureho iryo buye." Marita mushiki w'uwapfuye, aramubwira ati: "Mugenzi, erega ubu aramaze kunuka, ko amaze imisi ine." 40Yesu aramubwira ati: "Sinakubwiye ko ni wizera ubona ubwiza bw'Imana?" 41Nuko bakuraho ikibuye. Buno Yesu ararangamiza ati: "Data, ndagushima ko wanyumvirije. 42Jewe nari nsanzwe nzi ko unyumviriza ubudasiba, ariko ndabivugishijwe n'ishengero rihagaze ngaha, kugira ngo bizere ko ari wewe wantumye." 43Amaze kuvuga ivyo, asemerera n'ijwi rirenga ati: "Lazaro, ngwino, sohoka." 44Uwari yapfuye arasohoka, azingiriweko impuzu ku maguru no ku maboko, n'igitambara gipfutse mu maso hiwe. Yesu arababwira ati: "Ni mumuhamburure, mumureke, agende." " 45Nuko benshi muri abo Bayuda bari baje kwa Mariya, babonye ico Yesu akoze, baramwizera, 46ariko bamwe muri bo baja ku Bafarisayo, bababwira ivyo Yesu akoze. 47Nuko abaherezi bakuru n'Abafarisayo bakoranya inama nkuru y' abacamanza, barababaza bati: " "Mbega, tugire dute? Ko uwu muntu akora ibimenyetso vyinshi. 48Ni twamurekeraho dutyo, bose bazohava bamwizera, kandi Abaroma bazoza batikize igisagara cacu n'ubwoko bwacu." 49Ariko umwe muri bo, ni Kayafa, yari umuherezi mukuru muri uwo mwaka, arababwira ati: "Mwebwe nta co muzi na mba, 50kandi nta co mwiyumvira yuko ari ibibereye kubwanyu ko umuntu umwe apfira abantu, hako ubwoko bwose buhona." 51Ivyo ntiyabivuze avyigeneye, ariko, kuko yari umuherezi mukuru muri uwo mwaka, yavugishijwe ko Yesu agira apfire ubwo bwoko; 52kandi si ubwo bwoko bwonyene, ariko ngo abana b'Imana bose bari basanzaye, abakoranirize hamwe. 53Nuko bahera uwo musi baja inama yo kumwica. 54Maze Yesu ntiyaba akigenda yibonekeza mu Bayuda, ariko avayo, aja mu gihugu kiri hafi y'ubugaragwa mu gisagara citwa Efurayimu, agumanayo n'abigishwa. 55Maze Pasika y'Abayuda yariko irashika, benshi bava mu misozi, baduga i Yerusalemu ngo bihumanure, Pasika itarashika. 56Maze barondera Yesu, babazanya bahagaze mu rusengero bati: "Mbega, mugira ngo iki? Ubwo ntazoza muri iyi misi mikuru?" 57Kandi abaherezi bakuru n'Abafarisayo bari bashinze ngo uwomenya aho ari aharange, ngo bamufate.

will be added

X\