YOHANA 1

1Mu ntango Jambo yariho, kandi Jambo yahoranye n'Imana, kandi uwo Jambo yari Imana. 2Uwo yahoranye n'Imana mu ntango; 3vyose vyaremwe na we, mu vyaremwe vyose nta kintu na kimwe kitaremwe na we. 4Muri we harimwo ubugingo, kandi ubwo bugingo bwari umuco w'abantu. 5Uwo muco wakira mu mwiza, ariko umwiza ntiwawakiriye. 6Haje umuntu yatumwe n' Imana, izina ryiwe ni Yohana; 7ni we yazanywe no kuba icabona, ngo ashingire intahe umuco, kugira ngo bose bizere kubwiwe. 8Si we yari wa muco, ariko kwari ugushingira intahe umuco. 9Umuco w'ukuri, wakira umuntu wese, wariko uraza muri iyi si. 10Yari mw'isi, kandi isi yaremwe na we, ariko'isi ntiyamumenya; 11yaje mu vyiwe, ariko abiwe ntibamwakiriye. 12Ariko abamwakiriye bose bakamwizera yabahaye ububasha bwo gucika abana b'Imana. 13Abo ntibavyawe n'amaraso, canke n'ukwifuza kw'umubiri, canke n'ukwifuza kw'umugabo, ariko bavyawe n'Imana. 14Kandi uwo Jambo yihaye umubiri, abana natwe, twitegereza ubwiza bwiwe, n'ubwiza bumeze nk'ubwo Umwana w'ikinege ava kwa Se, yuzuye ubuntu n'ukuri. 15Yohana amushingira intahe, arasemerera ati: "Uwo ni we navuze ko uwuza inyuma yanje ni we yari uwa mbere kuri jewe, kuko yariho ntarabaho." " 16Kandi twese twahawe ku vyuzuye muri we, tugirirwa ubuntu bugerekeranye n'ubundi. 17Kuko ivyagezwe vyazanywe na Mose, ubuntu ni ukuri vyazanywe na Yesu Kristo. 18Nta muntu yigeze kubona Imana na rimwe; Umwana w'ikinege aba mu gikiriza ca Se ni we yayimenyekanishije. 19Uku ni ko Yohana yashinze intahe igihe Abayuda bamutumako abaherezi n'Abalewi bavuye i Yerusalemu ngo bamubaze bati: " "Uri nde?" 20Na we aravyatura, ntiyahisha ukuri, aravyatura ati: "Si jewe Kristo." 21Baramubaza bati: "None se bimeze bite? Uri Eliya?" Ati: "Sindi we." Bati: "Uri wa muntu avugishwa n'Imana?" Ati: "Oya." 22Baramubaza bati: "None uri nde, ngo tuje kwishura abadutumye? Kuri wewe wivuga ute?" 23Ati: "Ndi ijwi ry'uwusemererera mu bugaragwa rivuga ko mugorora inzira y'Uhoraho, nk'uko uwavugishwa n'Imana Yesaya yavuze." 24Kandi abo batumwe bari Abafarisayo; 25baramubaza bati: "None ubatiriza iki, ko utari Kristo, ntube Eliya canke wa muntu avugishwa n'Imana?" 26Yohana arabishura ati: "Jeho mbatiza mu mazi; hagati muri mwebwe hahagaze uwo mutazi, 27ni we aza inyuma yanje, kandi jewe ntibimbereye gupfundurura akagozi k'ibirato vyiwe." " 28Ivyo vyabereye i Betaniya, hakurya ya Yorodani aho Yohana yabatiriza. 29Bukeye bw'aho abona Yesu aza kuri we, aravuga ati: " "Nguwu Umwagazi w'intama w'Imana ukuraho icaha c'abari mw'isi." 30Uwo ni we navuze nti: "Inyuma yanje hazoza umuntu yari uwo imbere kuri jewe, kuko yariho ntarabaho. 31Nanje sinaribwamumenye, ariko kugira ngo yerekwe Abisirayeli, ni co catumye nanje nza mbatiza mu mazi." 32Kandi Yohana ashinga intahe ati: "Nabonye Mpwemu amanuka ava mw'ijuru asa n'inuma, aguma kuri we; 33kandi jewe sinaribwamubone, ariko Uwantumye kubatiza mu mazi, ni we yambariye ko uwo nzobona Mpwemu amanuka amujeko, akamugumako, ni we abatiza muri Mpwemu Yera. 34Nanje narabibonye, narabishingiye intahe yuko uwo ari Umwana w'Imana." 35Bukeye bw'aho, Yohana yongeye guhagararana na babiri mu bigishwa biwe, 36yitegereza Yesu agendagenda, aravuga ati: "Nguwu Umwagazi w'intama w' Imana." 37Abo bigishwa babiri bumvise uko avuga, bakurikira Yesu. 38Yesu akebutse, abona bamukurikiye, arababaza ati: "Murondera iki?" Baramubwira bati: "Rabi" (risobanurwa ngo Mwigisha), " usembereye hehe?" 39Arababwira ati: "Ni muze muharabe." Nuko baragenda, babona aho yatse indaro, basibira aho ari uwo musi, hari nk'isaha icumi. 40Andereya mwene nyina wa Simoni Petero, yari umwe muri abo babiri bumvise Yohana, bagakurikira Yesu. 41Uwo abanza kurondera mwene nyina Simoni, aramubwira ati: "Twabonye Mesiya." (risobanurwa ngo Kristo). 42Amujana kuri Yesu. Yesu aramwitegereza, aramubwira ati: "Uri Simoni umwana wa Yohana; uzokwitwa Kefa " "(risobanurwa ngo Petero). 43Bukeye bw'aho Yesu agomba kuvayo ngo aje i Galilaya, abona Filipo, aramubarira ati: " "Nkurikira." 44Kandi uwo Filipo, i wabo ni i Betsayida, igisagara c'i wabo wa Andereya na Petero. 45Filipo abona Natanayeli, aramubwira ati: "Uwo Mose yanditse mu vyagezwe, n'abavugishwa n'Imana bakamwandika, twamubonye, ni Yesu w'i Nazareti, umwana wa Yosefu." 46Natanayeli aramubaza ati: "Mbega i Nazareti hova iciza?" Filipo aramubwira ati: "Ni uze urabe." 47Yesu abona Natanayeli aza kuri we, amuvugako ati: "Ehe Umwisirayeli vy'ukuri, atarimwo uburyarya." 48Natanayeli aramubaza ati: "Wamenyeye hehe?" Yesu aramwishura ati: "Filipo ataraguhamagara, aho wari musi y'umusukoni, nakubonye." 49Natanayeli na we aramwishura ati: "Mwigisha, uri Umwana w'Imana, ni wewe Mwami w'Abisirayeli." 50Yesu aramwishura ati: "Wijejwe n'uko ndakubwiye ko nakubonye uri musi y'umusukoni? Uzobona ibiruta ivyo." 51Arongera aramubwira ati: "Ni ukuri ndababwira koko yuko muzobona ijuru rikingurutse, kandi abamarayika b'Imana baduga bamanuka ku Mwana w'umuntu."

will be added

X\