YAKOBO 1

1Yakobo, umushumba w'Imana n'uwo Umwami Yesu Kristo, ndabandikiye abo mu miryango icumi n'ibiri y'abasabagiye. Ni muganuke. 2Mwiyumvire ko ari ivyo kunezererwa rwose, bavukanyi, ni mwagwa mu bibagerageza bitari bimwe, 3mumenye yuko ibigeza ukwizera kwanyu bitera ukwihangana. 4Ariko ukwihangana gukwiye guhingura igikorwa cakwo, ngo mubone gutungana rwose muhinguwe; mudahajije na kamwe. 5Ariko asangwa hari uwo muri mwebwe akenye ubwenge, ni abusabe Imana, igabira bose ititangiriye itama, idaterana imiragwe, azobuhabwa. 6Ariko asabe yizeye, ata co akekeranya, kuko uwukekeranya ameze nk'umupfunda wo mu kiyaga, utwarwa n'umuyaga, usimbaguritswa. 7Uwo muntu ntiyiyumvire ko ari n'ico azohabwa n'Umwami Imana, 8kuko ari umuntu w'imitima ibiri, ahindagurika mu nzira ziwe zose." 9Ariko, umuvukanyi w'umufafara ni yirate ko akujijwe, 10umutunzi na we, ni yirate ko acishijwe bugufi, kuko azoyoka nk'amashurwe y'ivyatsi. 11Kuko izuba rirasa, rizanye indugumba, rikumisha ivyatsi, amashurwe yavyo agahunguruka, ubwiza bw'ishusho yayo bugashira. Uko ni ko umutunzi azoyonga mu ngendo ziwe. 12Harahiriwe umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko ni yamara kurama azohabwa igitsibo c'ubugingo, ico Imana yasezeraniye abayikunda. 13Umuntu ni yageragezwa ngo akora ibibi, ntavuge ngo Imana ni yo ingerageje. Kuko Imana itageragezwa n'ibibi, kandi na yo nta we ibigerageresha. 14Ariko umuntu wese ageragezwa, iyo akwezwe n'ivyo yifuza bikamusuka. 15Maze ukwo kwifuza gutwara inda, kukavyara icaha, icaha kimaze gukura kikavyara urupfu. 16Ntimuzimire, bavukanyi nkunda. 17Gutanga kwose kwiza n'ingabire yose itunganye rwose biva mw'ijuru, vyururuka biva kuri Se w'imico, adashobora guhinduka canke kugira igitutu gitewe n'uguhindagurika. 18Nk'uko yabigabiye ubwayo, yatuvyarishije ijambo ry'ukuri, kugira ngo tube nk'ivyeze ubwa mbere mu biremwa vyayo. 19Ivyo murabizi, bavukanyi nkunda. Yamara umuntu wese ni yihutire kwumva, atebe kuvuga, atebe kuraka. 20Kuko ishavu ry'umuntu ridakora ivyo ukugororoka kw'Imana. 21Nuko rero, mwiyambure imyanda yose n'ububi busigaye, mwakirane ubugwaneza ijambo ritewe muri mwebwe, rishobora gukiza ubugingo bwanyu. 22Kandi mube abakora ivyo iryo jambo, ntimube abaryumva gusa, mwibesha. 23Kuko uwumva iryo jambo ntarikore, ameze nk'umuntu yirabiye mu cirore mu maso hiwe yavukanye. 24Amaze kwiraba, akagenda, uwo mwanya agaca yiyibagira uko asa. 25Ariko, uwitegereza ivyagezwe bitunganye rwose, ari vyo vy'umwidegemvyo, akabishishikara, atari uwumva akavyibagira, ariko ari uwubikora, ni we azohabwa umugisha mu vyo akora. 26Umuntu ni yigira ngo n'umunyedini, ntafate ururimi, ariko agahenda umutima wiwe, idini y'uwo izoba ari iyo ubusa. 27Idini itunganye itagira agasembwa imbere y'Imana Data wa twese, ni ukuraba impfuvyi n'abapfakazi mu marushwa yabo, no kwirinda ngo ntiwanduzwe n'ivyo isi.

will be added

X\