ABAHEBURAYO 9

1Nuko isezerano rya mbere na ryo ryarimwo ibirongora ivyo ubuherezi, rifise n'ahera, ariko ho muri iyi si. 2Kuko hari ihema ryubatswe, mu ryo hino harimwo igiterekwako amatara, imeza n'imitsima yagenewe gushikanirwa Imana yama kuri yo. Iryo ryitwa Ahera. 3Kandi hirya y'igihuzu ca kabiri gikinze, hari ihema ryitwa Ahera Cane. 4Harimwo igicaniro co guturirirako imibavu cakozwe mw'izahabu, harimwo n'isandugu y'isezerano yometsweko izahabu impande zose, irimwo urwavya rw'izahabu rurimwo manu, irimwo na ya nkoni ya Aroni yashurika, na vya bisate vy' amabuye vyanditsweko isezerano. 5Kandi hejuru yayo hari abakerubi b'ubwiza bateye igitutu umutemere wo gutangirako ibimazi; ivyo ntidushobora kubidonda kimwekimwe ubu nyene. 6Nuko ivyo vyateguwe bityo, abaherezi na ntaryo bama binjira mw'ihema ryo hino, kugira ngo bashitse ivyo ubuherezi. 7Ariko mu rya kabiri hinjiramwo umuherezi mukuru wenyene, rimwe gusa uko umwaka uheze, ariko ntiyinjiramwo atajanye amaraso yo kwitangira no gutangirira ivyaha vy'abantu batabizi. 8Mpwemu Yera amenyekanisha atyo yuko inzira ija ahera cane itaribwerekanwe, ihema rya mbere rikiriho. 9Ni ryo kigereranyo c'igihe ca none, abakurikira ivyagezwe vyaryo bashikana ibimazi bagatanga ibimazi, ariko ku ruhande rw'ijwi ryo mu mutima ntibishobora gutunganya usenga, 10kuko ivyo, hamwe n'ivyo ivyo kurya, ivyo kunywa, ivyo kwiyuhagira bo n'ukwoza vy'uburyo bwinshi, ari amabwirizwa yo mu buryo bw'abantu gusa, yashinzwe gushitsa igihe co gutunganywa. 11Ariko Kristo amaze kuza, umuherezi mukuru w'ivyiza bizoza, aca mw'ihema rirusha rya rindi kuba irihambaye n'iritunganye rwose, ritakozwe n'intoke, bisobanurwa ngo ritari iryo mu vyaremwe vy'ubu. 12Kandi amaraso y'impene canke ayo amashuri, si yo yamushikanye ahera cane, ariko yahashikanywe n'amaraso yiwe rimwe gusa, yironkeye ugucungura kw'ibihe bidashira. 13None amaraso y'impene n'ayo impfizi bo n'umunyota w'inka yavutse ubwa mbere umijwe abahumanye, ko vyeza imibiri igahumanuka, 14mbega amaraso ya Kristo, uwo yitanze ku Mana atagira agasembwa, abitewe na Mpwemu ahoraho, ntazorushiriza guhumanura imitima yanyu ngo ibikorwa vy'impfagusa biyivemwo, kugira ngo mubone ingene mukorera Imana nzima? 15Ni co gituma aba umuhuza, ahesha isezerano risha, kugira ngo abahamagawe bahabwe umwandu udashira w'isezerano, bitewe n'uko habayeho urupfu rucungura abacumuye bakiganzwa n'isezerano rya mbere. 16Kuko aho ikete ry'iragi riri hakwiye rwose yuko urupfu rw'uwaraze ruseruka. 17Ikete ry'iragi kibeshwaho n'urupfu rwonyene, kuko ritagira ikimazi uwaraze akiriho. 18Ni co gituma isezerano rya mbere ritasezeranywe ata maraso. 19Mose amaze kubwira abantu bose amabwirizwa yose nk'uko vyagezwe, yakira amaraso y'ishuri n'ayo impene, amazi n'ubwoya bw'intama bujobetswe agahama, yakira na ezobu, acucagira bacucagirisha. Igitabo c'ivyagezwe, bo n'abantu bose, 20arababwira ati: "Aya ni yo maraso y'isezerano Imana yabagereye." 21Kandi ihema n'ibikoresho vyose vy'ivyo ubuherezi, na vyo ni uko abicucagira amaraso. 22Nk'uko ivyagezwe biri, ibintu ni nka vyose vyozwa n'amaraso, kandi hatavuye amaraso ntihaba guharirwa ivyaha. 23Nuko vyari bibereye ko ibigereranyo vy'ivyo mw'ijuru vyozwa n'ivyo bimazi, ariko, ivyo mw'ijuru ubwavyo bikozwa n'ibimazi biruta ivyo. 24Kuko Kristo atinjiye ahera cane hakozwe n'intoke, h'ikigereranyo c'aho ukuri, ariko yinjiye mw'ijuru ubwaho, kugira ngo noneho aduserukire imbere y'amaso y'Imana. 25Kandi ntiyashikanyweyo no kwitanga kenshi, nk'uko umuherezi mukuru yinjira ahera cane uko umwaka uheze, ajanye amaraso atari ayiwe; 26kuko iyo biba bityo, aba yari akwiye kubabazwa kenshi uhereye ku kuremwa kw'isi. Yamara ubu yabonetse rimwe kw'iherezo ry'ibihe, kugira ngo akuzeho icaha ukwitanga. 27Kandi nk'uko abantu babikiwe gupfa rimwe, hanyuma yaho hakaza imanza, 28na Kristo ni uko, yamaze gutangwa rimwe ngo yishireko ivyaha vya benshi, azoboneka ubwa kabiri, atazanywe n'ivyaha, abonekere abamwiteze ngo abakize.

will be added

X\