ABAHEBURAYO 8

1Mu yo tuvuga, yose arutwa na rimwe, ni iri: dufise umuherezi mukuru ameze atyo, avyagiye i buryo bw'intebe y'Iyihambaye cane yo mw'ijuru, 2akorera ahera, no mw'ihema nyakuri, ryashinzwe n'Uhoraho atari abantu. 3Kuko umuherezi mukuru wese ashirirwaho gushikana amashikanwa no gucumita ibimazi. Ni co gituma wa wundi na we akwiye kugira ico ashikana. 4Iyaba ari mw'isi ntiyobaye umuherezi, kuko hari abandi bashikana amashikanwa nk'uko ivyagezwe bibibwiriza. 5Kandi abo bakorera igishushanyo n'igitutu c'ivyo mw'ijuru, nk'uko Mose yabwiwe n' Imana, agira akoreshe rya hema iti: "Ugire umwete wo gukoresha vyose, ubigereranye n'ikigereranyo werekewe kuri wa musozi." 6Ariko none, igikorwa yahawe kirusha icabo kuba ciza, nk'uko ari umuhuza w'isezerano riruta iryabo, kuko ryashizweho n'ivyasezeranywe biruta ivyo iryabo. 7Iyo rya rindi rya mbere ritabako agasembwa, ntihari hakwiye kuronderwa irindi. 8Kuko yavuze ibagaya iti: "Ehe imisi igira ize," ni jewe Uhoraho ndabivuze, Aho nzosezerana isezerano rishasha n'inzu ya Isirayeli n'umuryango wa Yuda, 9ridahwanye n'isezerano nasezeranye na ba sekuruza, Ku musi nabafata ukuboko nkabakura mu gihugu ca Misiri, Kuko batagumye mw'isezerano ryanje, Nanje sinabababara, ni jewe Uhoraho ndabivuze. 10Kuko iri ari ryo sezerano nzosezerana n'umuryango w'Abisirayeli Hanyuma y'iyo misi, ni jewe Uhoraho ndabivuze. Nzoshira ivyagezwe vyanje mu bwenge bwabo, No ku mitima yabo kandi ni ho nzovyandika, Nanje nzobabera Imana, Na bo bazoba abantu banje. 11Kandi ntibazokwigishanya, ngo umuntu wese yigishe mugenzi we, Canke ngo yigishe uwo bavukana ati: "Menya Uhoraho, Kuko bose bazonyimenyera, Uhereye k'uwo hasi ugashitsa k'uwuhambaye muri bo. 12Kuko nzobagirira ikigongwe ku kugabitanya kwabo, Kandi ivyaha vyabo sinzovyibuka ukundi. 13Ko avuga ati: "Isezerano rishasha rero irya mbere yarishajishije; ariko igisaza kikaba akaheze kiba kigira gikamangane.

will be added

X\