ABAHEBURAYO 7

1Uwo Melekisedeki, umwami w'i Salemu, umuherezi w'Imana Isumbavyose, ni we yasanganiye Aburahamu, aramuhezagira, hamwe Aburahamu yagaruka, avuye kunesha abami. 2Ni we kandi Aburahamu yagabanirije ikigira icumi muri vyose, irya mbere asobanurwa, ngo Umwami agororoka, kandi irya kabiri yitwa Umwami w'i Salemu, risobanurwa, ngo Umwami w'amahoro. 3Nta se, nta nyina, nta mamuko, nta tanguriro ry'imisi canke iherezo ry'ubugingo, ariko agereranywa n'Umwana w'Imana, kandi na ntaryo ahora ari umuherezi. 4Nuko mwiyumvire uwo muntu ingene ahambaye, uwo Aburahamu sogokuruza mukuru yahaye icacumi co mu minyago iruta iyindi. 5Kandi mu bana ba Lewi, ivyagezwe bigera yuko abahawe ubuherezi batangisha abantu icacumi, ni bo bavukanyi, naho abo bakomotse mu rura rwa Aburahamu. 6Ariko wa wundi adaharurwa mu muryango wabo yatangishije Aburahamu ikigira icumi, kandi ahezagira nyene gusezeranywa. 7Ariko nta wohakana ko uworoshe adahezagirwa n'uwumurengeye. 8Kandi muri twebwe, abantu bapfa ni bo bahabwa icacumi, ariko muri ya yandi majambo cahawe uwushingirwa intahe ko ariho. 9Kandi twoshobora kuvuga yuko Lewi, umwe ahabwa icacumi, na we yari yaragitanze muri Aburahamu, 10kuko yari akiri mu rura rwa sekuruza, hamwe Melekisedeki yamusanganira. 11None iyaba gutunganywa rwose kwazanywe n'ubuherezi bw'Abalewi,--kuko ku butware bwabwo ari ho ubwo bwoko bwahawe ivyagezwe,--ni iki catumye bigikwiye ko haboneka uwundi muherezi wo mu buryo bwa Melekisedeki, atavugwa mu buryo bwa Aroni? 12Iyo ubuherezi buhindutse, ivyagezwe ntibibura guhinduka na vyo. 13Kuko uwavuzweko ivyo, ari uwo mu wundi muryango, utigeze kuvamwo uwakoze igikorwa co ku gicaniro. 14Birazwi yuko Umwami wacu yakomotse kuri Yuda, kandi uwo muryango Mose nta co yawuvuzeko c'ubuherezi. 15Ivyo birushiriza guseruka rwose, ko haboneka uwundi muherezi, ahwanye na Melekisedeki, 16atahawe ubuherezi n'uko vyashinzweho n'ivyagezwe vyo mu buryo bw'abantu, ariko yahawe ubushinzwe n'ubushobozi bw'ubugingo budashobora gukurwaho. 17Kuko ashingirwa intahe, ngo uri umuherezi ibihe bidashira, Mu buryo bwa Melekisedeki. 18Nuko rero icagezwe ca mbere cakuweho kubwo inkomezi nke zaco n'ikimazi gike, 19(kuko ivyagezwe bitigeze kugira ico bihingura rwose) hasubizwaho ivyizigiro bikiruta, biduhesha kwegera Imana. 20Kandi ivyo ntivyabaye hatariho indahiro. 21Abalewi bo bahawe ubuherezi ata ndahiro; ariko iyabuhaye uwo yararahiye, imubwiye iti: "Uhoraho ararahiye," ntazokwicuza Ati: "Uri umuherezi ibihe bidashira." 22Uko ni ko Yesu yabaye umwishinzi w'isezerano riruta rya rindi. 23Kandi ba bandi Babaye abaherezi benshi, kuko urupfu rubabuza kwamaho; 24ariko uwo we, kuko yamaho ibihe bidashira, afise ubuherezi budakurwaho. 25Ni co gituma ashobora gukiza rwose abashikira Imana kubwiwe kuko na ntaryo yamaho ngo abasabire. 26Vyari bitubereye kugira umuherezi mukuru ameze atyo, yera, atagira ubugunge, atanduye, yatandukanijwe n'abanyavyaha, yashizwe hejuru y'amajuru, 27atarinda kubanza gutanga ibimazi vy'ivyaha vyiwe uko bukeye, nka ba baherezi bakuru bandi, hanyuma agatanga ivyo abandi bantu. Kuko ivyo yabikoze rimwe, hamwe yitanga. 28Ivyagezwe bishiraho abanyantege nke kuba abaherezi bakuru, ariko ijambo ry'indahiro yaherukiye ivyagezwe rishiraho Umwana w'Imana yahinguwe rwose gushitsa ibihe bidashira.

will be added

X\