ABAHEBURAYO 4

1Nuko, kuko isezerano ryo gushika mu buruhukiro bwayo rikiriho, twiyubare kugira ngo kumbure ntihagire uwo muri mwebwe yiyumvirwa ko akererewe. 2Kuko natwe twabwiwe ubutumwa bwiza nka bo, ariko, ijambo bumvise ntiryabagiriye ikimazi, kuko ritavanzwe n'ukwizera mu mitima y'abaryumvise. 3Kuko twebwe abizeye dushika muri ubwo buruhukiro, nk'uko yavuze iti: "Nk'uko narahiranye ishavu ryanje Ko batazoshika mu buruhukiro bwanje; naho yari yarahejeje ibikorwa vyayo, uhereye ku kuremwa kw'isi." 4Kuko hari aho yavuze ku vyo umusi w'indwi nk'ibi iti: "Imana yaruhutse ku musi ugira indwi ibikorwa vyayo vyose." 5Kandi na hano, ngo Ntibazoshika mu buruhukiro bwanje. 6Nuko rero, kuko bukibikiwe bamwe ngo babushikemwo, ariko ababanje kubwirwa ubutumwa bwiza babujijwe kubushikamwo no kutumvira Imana, 7yongera gutoranya umusi, ni wo uwu musi; ivugira mu kanwa ka Dawidi, igihe kirekire cane gihise, nk'uko tumaze kuvuga tuti: "Uwu musi aho mwumvira ijwi ryayo Ntimukomantaze imitima yanyu." 8Kuko iyaba Yosuwa yarabaruhuye, ntiba yaravuze ubwa nyuma ivyo uwundi musi. 9Nuko rero haracariho uburuhukiro bw'isabato bubikiwe abantu b'Imana. 10Kuko uwushitse mu buruhukiro bwayo, na we aba aruhutse ibikorwa vyiwe, nk'uko Imana yaruhutse ivyayo. 11Nuko tugire umwete wo gushika muri ubwo buruhukiro, ntihagire umuntu agwa, akurikiye ikigereranyo ca ba bandi co kutumvira Imana. 12Kuko ijambo ry'Imana ari rizima, rifise ubushobozi, rifise ubugi buruta ubwo inkota zose, rikinjira n'aho ritanya ubugingo n'impwemu, rigatanya ingingo n'umusokoro, risuzuma ivyo umutima wiyumvira, ukagabira. 13Kandi imbere yayo nta caremwe gihishijwe, ariko vyose vyambaye ubusa, biragaragara, imbere y'amaso y'Iyizotubaza ivyo twakoze. 14Nuko, ko dufise umuherezi mukuru akomeye, yaciye mw'ijuru, ni Yesu Umwana w'Imana, tubangirize ivyo twizera tukavyatura. 15Kuko umuherezi mukuru dufise, atari uwudashobora kubabarana natwe mu ntege nke zacu, ariko ni uwageragejwe uburyo bwose nkatwe, yamara we nta caha yakoze. 16Nuko ni twegere intebe y'ubuntu dushize ubwoba, kugira ngo turonke ikigongwe, tubone ubuntu bwo kudutabara mu gihe gikwiye.

will be added

X\