ABAHEBURAYO 2

1Ni co gituma dukwiye kurushiriza kwitwaririka ivyo twumvise, kugira ngo ntidutwarwe akayombekere tukabivako. 2Ko ijambo ryavugiwe mu kanwa k'abamarayika ryagumyeho, kandi ibicumuro vyose no kutaryumvira bikagererwa ingero bikwiranye; 3tweho tuzokwikiza dute, ni twanjanjwa ku gakiza kangana gatyo? Kabanje kuvugwa n'Umwami wacu, kakadukomezwako n'abakumvise, 4Imana ifatanije na bo kugashingira intahe, iyishingisha ibimenyetso, ibitangaza, ibikomeye vy'uburyo bwinshi n'ingabire za Mpwemu Yera zagabanganijwe nk'uko yagomvye. 5Kuko atari abamarayika Imana yahaye gutwara isi izobaho, iyo tuvuga. 6Ariko hari aho umuntu yashinze intahe ati: "Umuntu aho umwibuka, Canke umwana w'umuntu aho umugendera?" 7Wamucishije bugufi, aba musi y'abamarayika gato. Wamwambitse ubwiza n'icubahiro nk'igitsibo, Wamuhaye kugaba ibikorwa vy'amaboko yawe. 8Wamuhaye kuganza ibintu vyose, ubishira musi y'ibirenge vyiwe. Ko Imana yamuhaye kuganza ibintu vyose nta co yishigarije itamuhaye kukiganza. Ariko none ntiturabona ibintu vyose biganzwa na we. 9Ariko, uwacishijwe bugufi, akaba musi y' abamarayika gato, ni we Yesu, tumubona yambitswe ubwiza n'icubahiro nk'igitsibo, kubwo imibabaro y'urupfu, kugira ngo ubuntu bw'Imana butume arogorera umuntu wese urupfu. 10Mu vy'ukuri vyari bikwiye ko Imana yo irema vyose kandi ikabibeshaho itunganisha Yesu ukubabazwa; kugira ngo abana benshi baze mu bwiza bwiwe. Kuko Yesu wenyene ari we ndongozi ibarongora ku gakiza. 11Kuko uweza ni abezwa bose bakomotse kuri Imwe; ni co gituma atagira isoni zo kubita abana ba Se 12ati: "Nzobarira abavukanyi izina ryawe, Nzoririmba ndagutazira hagati y'ishengero." 13Kandi ati: "Nzokwama ndayizigira." Kandi ati: "Ehe twe n'abana Imana yampaye." 14Nuko rero, kuko abana bahuje inyama n'amaraso, na we ubwiwe yahuje ivyo na bo, kugira ngo abone uko apfa, kandi urupfu rwiwe aruhindurishe ubusa uwufise ubushobozi bw'urupfu, ni we wa mugarariji, 15kandi ngo arokore abajakariye ubwoba bw'urupfu bose, imisi yose y'ukubaho kwabo. 16Kuko tuzi neza ko abamarayika atari bo yatoye, ariko yatoye uruvyaro rwa Aburahamu. 17Ni co catumye vyaramubereye gushushanywa na abana ba Se kuri vyose, ngo abe umuherezi mukuru wo mu vy'Imana, w'imbabazi kandi agororoka, abe indishi y'ivyaha vy'abantu. 18Kuko ubwiwe ko yababajwe no kugeragezwa, ashobora no gutabara abageragezwa.

will be added

X\