ABAHEBURAYO 13

1Ni hagumeho urukundo rw'abavukanyi. 2Ntimwibagire kugirira neza abashitsi; kuko bamwe bagize batyo bahaye indaro abamarayika batabizi. 3Mwibuke ababoshwe nk'ababohanywe na bo. Mwibuke n'abagirirwa nabi, kuko namwe muri mu mubiri. 4Umubano w'abarongoranye ni wubahwe na bose, kandi uburiri bwabo ntibuhumanywe kuko Imana izocira urubanza inshirasoni n'abasambanyi. 5Gukunda amahera ntikube mu ngeso zanyu; ivyo mufise bibabumbe; kuko ubwayo yavuze iti: "Nta ho nzoguhemukira, nta ho nzoguta." 6Ni co gituma tuvuga dushize ubwoba tuti: "Uhoraho ni umutabazi wanje, sinzotinya; None umuntu yoshobora kungira iki?" 7Mwibuke ababaganza, bakababwira ijambo ry'Imana; mwitegereje iherezo ry'ingeso zabo, mwigane ukwizera kwabo. 8Yesu Kristo uko yari ari ejo, n'uwu musi ni ko akiri, ni ko azokwama ibihe bidashira. 9Ntimutwarwe n'inyigisho z'uburyo bwinshi zadutse; kuko iciza ari uko umutima ukomezwa n'ubuntu bw'Imana, ntukomezwe n'ivyo kurya, kuko abishize muri vyo bitabagiriye ikimazi. 10Dufise igicaniro, ico abakorera muri rya hema batemererwa kurirako. 11Kuko imivyimba ya vya bitungwa, ivyo umuherezi mukuru ajana amaraso yavyo ahera kuba indishi y'ivyaha, ituririrwa inyuma y'amahema. 12Ni co catumye na Yesu ababarizwa inyuma y'irembo, kugira ngo yezeshe abantu amaraso yawe. 13Nuko tuve muri ayo mahema, tumusange inyuma yayo, twiremetse ugucokorwa kwiwe. 14Kuko hano tutahafise igisagara kizokwamaho, ariko turondera ikizoza. 15Nuko na ntaryo twame duha Imana ishikanwa ryo gukenguruka tubiheshwa n'uwo, ni co mbuto z'iminwa ishima izina ryayo. 16Kugira neza no kugira ubuntu ntimukavyibagire, kuko ibimazi bimeze bityo ari vyo bihimbara Imana. 17Mwumvire ababaganza, mubagamburukire; kuko ari bo bama bagavye bazigama imitima yanyu, nk'abazobibazwa. Mugenze mutyo kugira ngo babikore banezerewe, batitsa umutima, kuko bimeze bityo ata co vyomarira mwebwe. 18Mudusengere, kuko tuzi tudakekeranya ko turi n'imitima itarimwo ijwi ritwagiriza ikibi, tugomba kugira ingeso nziza muri vyose. 19Kandi ndabinginga nshimitse ngo mudusengere, kugira ngo ntebutswe kubagarukanirwa vuba. 20Imana nyene amahoro, imwe yakura Umwami wacu Yesu mu bapfuye, ari we Mwungere mukuru w'intama, imukujeyo amaraso y'isezerano ry'ibihe bidashira, 21ibe ari yo ibatunganya rwose mu ciza cose, kugira ngo mukore ivyo igomba, ikorera muri twebwe ibishimwa mu maso yayo, kubwa Yesu Kristo. Icubahiro kibe icayo ibihe bitazoshira. Amina. 22Ariko bavukanyi, ndabahanura, mwihanganire iri jambo ribahanura, kuko ndabandikiye amajambo make. 23Mumenye yuko umuvukanyi Timoteyo yarekuwe; ni yaza vuba tuzobonana namwe. 24Muntahirize ababaganza bose, bo n'abera bose. Abo muri Italiya barabatasha. 25Ubuntu bubane namwe mwese. Amina.

will be added

X\