ABAHEBURAYO 11

1Ukwizera ni ukumenya rwose ivyizigirwa, udakekeranya ngo ntibizoba, kandi ibitabonwa ni kwo kubitumenyesha ko ari ivyo ukuri. 2Icatumye aba kera bashingirwa intahe ni uko bari bagufise. 3Ukwizera ni kwo kutumenyesha yuko isi yaremwe n'ijambo ry'Imana, ni co catumye ibiboneka bitaremwe mu biseruka. 4Ukwizera ni kwo kwatumye Abeli aha Imana ikimazi kiruta ica Kayini, ni kwo kwamuhesheje gushingirwa intahe ko ari umugororotsi, hamwe Imana yashingira intahe ibimazi vyiwe yuko ari vyiza, kandi ni kwo kwatumye n'ubu akivuga, naho yapfuye. 5Ukwizera ni kwo kwatumye Henoki ajanwa mw'ijuru, ngo ntabone urupfu, kandi ntiyaboneka, kuko Imana yamujanye. Kuko yashingiwe intahe atarajanwa yuko yahimbaye Imana. 6Kandi uwutizera ntibishoboka ko ayihimbara; kuko uwegera Imana akwiye kwizera yuko iriho, igaha impera abayirondera. 7Ukwizera ni kwo kwatumye Nowa yubaha, amaze kuburirwa n'Imana ibitaribwaboneke, akabaza ubwato bwo kurokora abo mu nzu yiwe, kandi ni kwo kwamuhaye gutsindisha abari mw'isi, no kuragwa ukugororoka kuzanwa n'ukwizera. 8Ukwizera ni kwo kwatumye Aburahamu yumvira Imana imuhamagaye, akaja ahantu yari abikiwe kuragwa. Nuko agenda, atazi iyo aja. 9Ukwizera ni kwo kwatumye aba umwimuka mu gihugu yasezeraniwe, nk'ikitari iciwe, akabana mu mahema na Isaka na Yakobo, abaraganywe na we ivyo vyasezeranywe. 10Kuko yari arorereye ca gisagara cubatswe kw'umushinge, umugezi n'umwubatsi waco n'Imana. 11Ukwizera ni kwo kwatumye na Sara ashobozwa gusama inda, naho yari yaraciye, kuko yiyumviriye yuko iyasezeranye ari iyo kwizerwa. 12Ni co catumye umuntu umwe--kandi uwo yari akaheze--yamukwako n'isinzi nk'inyenyeri zo kw'ijuru, kandi n'abangana n'umusenyi utoharurika uri kw'isesero ry'ikiyaga utoharurika. 13Abo bose bapfuye bacizeye, batarahabwa ivyasezeranywe, ariko barabibona biri kure bakabisanganira, bakemera ko ari akavantara n'ingenzi kw'isi. 14Abavuga batyo baba berekana yuko barondera igihugu cabo bwite. 15Iyo baba barakumbuye ico bavuyemwo, baba barabonye uburyo bwo gusubirayo. 16Ariko noneho barifuza igihugu kirushije ico kuba ciza, ni ico mw'ijuru. Ni co gituma Imana itamaramazwa no kwitwa Imana yabo, kuko yabateguriye igisagara. 17Ukwizera ni kwo kwatumye Aburahamu atanga Isaka ko ikimazi, hamwe yagezwa; mbere uwari yarakiranye igishika amasezerano, yariko aratanga umwana wiwe w'ikinege kw'ikimazi, 18uwo yari yarabariwe ivyiwe, ngo Kuri Isaka ni ho uruvyaro rwawe ruzokwitirirwa; 19kuko yishimiye yuko Imana ishobora no kuzura abapfuye, ni co catumye amugarurirwa nk'uwuzutse. 20Ukwizera ni kwo kwatumye Isaka ahezagira Yakobo na Esawu abahesha imigisha y'ibizoba. 21Ukwizera ni kwo kwatumye Yakobo, aho yagira acikane, ahezagira abana ba Yosefu bompi, agasenga yishimikije ipfundo ry'inkoni yiwe. 22Ukwizera ni kwo kwatumye Yosefu, aho yagira apfe, avuga ivyo kuvayo kw'Abisirayeli, agatanga amategeko y'ivyo amagufa yiwe. 23Ukwizera ni kwo kwatumye Mose, amaze kuvuka, anyegezwa n'abavyeyi biwe amezi atatu, kuko babonye ko ari akana keza, ntibatinya ibwirizwa ry'umwami. 24Ukwizera ni kwo kwatumye Mose, amaze gukura, yanka kwitwa umwana w'umukobwa wa Farawo, 25agahitamwo kugiriranwa nabi n'abantu b'Imana, akabirutisha kumara igihe mu bihimbaro vy'ivyaha. 26Kuko yiyumviriye yuko gucokoranwa na Kristo ari ubutunzi burengeye itunga ryo mu Misiri, kuko yatumbera ingero azogererwa. 27Ukwizera ni kwo kwatumye ava mu Misiri, ntiyatinya ishavu ry'umwami, kuko yashikamye nk'aho abona Iyitaboneka. 28Ukwizera ni kwo kwatumye ashinga Pasika, no kumijagira amaraso, kugira ngo uwuhonya imfura ntabakoreko. 29Ukwizera ni kwo kwatumye baca mu Kiyaga Gitukura, nk' abaca ku musozi, ariko Abanyamisiri babigejeje, bararengerwa. 30Ukwizera ni kwo kwatumye impome z'amabuye z'i Yeriko zisenyuka, bamaze kuzikikuza imisi indwi. 31Ukwizera ni kwo kwatumye Rahabu, maraya, ataranduranwa n'abatumviye Imana, kuko yakiranye amahoro abaje gusuma urusaku. 32Mvuge ikindi ki? Kuko igihe condengana ndondoye ivya Gideyoni, ivya Baraki, ivya Samusoni, ivya Yefuta, ivya Dawidi, ivya Samweli n'ivyo abavugishwa n'Imana, 33baheshejwe n'ukwizera gutsinda abami, no gukora ibigororotse, no kuronka ivyasezeranywe, no kuziba iminwa y'intambwe, 34no kuzimya ubukare bw'umuriro, no gukira ubugi bw'inkota, no guhindurwa mu ntege nke ngo zicike inkomezi, no kuba agahebuza mu ntambara, no kunesha ingabo z'abanyamahanga. 35Abagore basubiye kubona abo babuze kuko bazutse, abandi bicishwa amahiri ntibemera gucungurwa, kugira ngo bazohabwe ukuzuka kurushiriza kuba kwiza. 36Abandi bageragereshwa gushinyagurirwa no gukubitwa ibimoko, mbere bashirwa mu migozi no mu mabohero; 37bicishijwe amabuye, bakerewemwo kubiri, barageragejwe, bicishijwe inkota, bayerera bambaye insato z'intama n'izo impene, bari baburaniwe, bababazwa, bagirirwa nabi, 38(isi ntiyari ibabereye ko bayibamwo), bayerera mu bugaragwa no mu misozi no mu masenga yo mu vyobo. 39Abo bose bamaze gushingirwa intahe kubwo ukwizera kwabo, ntibahabwa ivyasezeranywe, 40kuko Imana yabonye kera ikirushiriza kutubera iciza, kugira ngo abo ntibatunganywe rwose tutari kumwe.

will be added

X\