ABAHEBURAYO 10

1Ivyagezwe ko bifise igitutu c'ivyiza bizoza, bidafise ishusho bwite y'ivyo vyiza, nta ho vyoshobora guhingura abegera igicaniro, bibahingurisha ivyo bimazi nyene bahora batanga imyaka n'imyaka. 2Iyo bibishobora, mbega ntibaba barasizeho kubitanga? Kuko abavyitangirira bamaze guhumanurwa rwose rimwe, bataba bakigira imitima irimwo ijwi ribagiriza ivyaha. 3Ariko muri ivyo bimazi hari icibukiriza ivyaha uko umwaka uheze. 4Kuko bidashoboka ko amaraso y'impfizi n'ayo impene akuraho ivyaha. 5Ni co catumye, hamwe yaza mw'isi, avuga Ati: "Ibimazi n'amashikanwa ntiwabigomvye, Ariko wanteguriye umubiri." 6Ibimazi bituriwe bitagabanije, n'ibimazi vy'ivyaha, ntivyaguhimbaye. 7Mperako ndavuga nti: "Ehe ndaje, (Mu muzingo w'igitabo ni ko binyanditsweko) Nzanywe no gukora ivyo ugomba, Mana." 8Ahejeje kuvuga haruguru ati: "Ibimazi n'amashikanwa, n'ibimazi bituriwe bitagabanije n'ibimazi vy'ivyaha, ntiwabigomvye kandi ntivyaguhimbaye (ni vyo bitangwa nk'uko bibwirijwe n'ivyagezwe)," 9aherako aravuga ati: "Ehe nzanywe no gukora ivyo ugomba." Akuraho ivya mbere ngo ashinge ivya kabiri. 10Ukwo kugomba kwayo ni kwo kwatumye twezwa, tubiheshwa n'uko umubiri wa Yesu Kristo watanzwe rimwe gusa. 11Kandi umuherezi wese ahagarara uko bukeye akora ivyo ubuherezi, atanga kenshi ivyo bimazi nyene, ata ho vyoshobora gukuraho ivyaha na mba. 12Ariko uwo we, amaze gutanga ikimazi kimwe c'ivyaha kidahinduka, avyagira i buryo bw'Imana, 13aheraho, arorera igihe abansi biwe bazohindurirwa intebe yo musi y'ibirenge vyiwe. 14Kuko ikimazi kimwe ari co yatunganishije rwose abezwa, ukazoshitsa ibihe bidashira. 15Kandi na Mpwemu Yera ni we cabona kidushingira intahe y'ivyo. Amaze kuvuga 16ati: "Iri ni ryo sezerano nzosezerana na bo Hanyuma y'iyo misi, ni jewe Uhoraho ndabivuze; Nzoshira ivyagezwe vyanje mu mitima yabo, No mu bwenge bwabo kandi ni ho nzovyandika; arongera 17ati: "Kandi ivyaha vyabo n'ukugabitanya kwabo sinzovyibuka ukundi." 18Ariko, aho ivyo bihariwe, ntihaba hakiriho gutanga ikimazi c'ivyaha. 19Nuko bavukanyi, ko turi n'ubushizi bw'ubwoba bwo gushikanwa ahera cane n'amaraso ya Yesu, 20duciye mu nzira yadutoboreye nshasha iri n'ubugingo, ica mu gihuzu gikinze, bisobanurwa ngo mu mubiri wiwe; 21kandi ko dufise umuherezi akomeye aganza urugo rw'Imana. 22Twegereze dufise imitima y'ukuri, twizeye ata mazinda, imitima yacu yogejwe ngo ivanwemwo ibitwagiriza bibi, imibiri yacu yuhagijwe amazi meza. 23Tugumye ukwatura ivyizigiro vyacu ntikunyiganyige, kuko uwasezeranye ari uwo kwizerwa, 24kandi twiyumviraneko, kugira ngo duterane umwete wo gukundana n'iryo ibikorwa vyiza. 25Ntiduhebe gukoranira hamwe, nk'uko bamwe bagira, ariko duhanurane, kandi uko mubonye wa musi wegereza, murushirize kugenza mutyo. 26Kuko namba dukora ivyaha ibigirankana, kandi tumaze guhabwa kumenya ivyo ukuri, ntihaba hagisigaye ikimazi c'ivyaha, 27ariko haba hasigaye kwitegana ubwoba gutsindwa n'urubanza, no kwitega umuriro w'inkazi, uzorigata abansi b'Imana. 28Uwukengereye ivyagezwe vya Mose, ivyabona bibiri canke bitatu biramwicisha, ata kagongwe. 29Mugira ngo umuntu ntazoba akwiye guhanwa ibirushirije cane, asiribanze Umwana w'Imana, akiyumvira amaraso y'isezerano yamwejeje ko ari igihumane, agacokora Mpwemu w'ubuntu? 30Kuko tuzi uwavuze ati: "Uguhora ni ukwanje, ni jewe nzobasubiriza mu nkoko." Kandi ati: "Uhoraho azocira urubanza abantu biwe. 31Erega birateye ubwoba gukorokera mu maboko y'Imana nzima." 32Ariko mwibuke imisi ya mbere, hamwe mwari mumaze kwakirwa n'umuco, mwihanganira ibisinzikaza vy'indwano nyinshi; 33kimwe, mwacitse akamenyero mutukwa mubabazwa; ikindi, mwafatanije n'abagirirwa batyo. 34Kuko mwababaranye n'ababoshwe, kandi mwemeye munezerewe kunyagwa ivyo mutunze, mumenya yuko mufise itunga riruta ivyo kuba ryiza, rikamaho. 35Nuko ntimute ubushizi bw'ubwoba bwanyu! buri n'impera ikomeye. 36Kuko mukwiye kwihangana, kugira ngo ni mwamara gukora ivyo Imana igomba mubone guhabwa ivyasezeranywe. 37Kuko hasigaye igihe gito cane, Kandi uwugira aze, azoza, ntazoteba. 38Ariko, umugororotsi wanje azobeshwaho n'ukwizera, Naho ni yisokora ntazohimbara umutima wanje. 39Ariko tweho ntituri abo mu bisokora bagahona, ariko turi abo mu bizera, ubugingo bwabo bugakizwa.

will be added

X\