ABAHEBURAYO 1

1Kera mu bihe vyinshi no mu buryo bwinshi, Imana yaganiriye ba sogokuruza ibicishije mu kanwa k'abavugishwa nayo. 2Muri iyi misi y'iherezo yatuganiriye mu kanwa k'Umwana wayo, uwo yashiriweho kuba samuragwa wa vyose, ni we yahaye kurema isi. 3Uwo, kuko ari ugukayangana kw'ubwiza bwayo, n'ishusho y'akameremere kayo, kandi ashigikiza vyose ijambo ry'ubushobozi bwiwe, ahejeje gushiraho umwuhagiro w'ivyaha, avyagira i buryo bw'icubahiro c'ubwami bwo mw'ijuru; 4amaze kuba uwuhambaye kurusha abamarayika, nk'uko izina yarazwe rirengeye ayabo. 5Ni nde wo mu bamarayika Imana yigeze kubarira iti: "Uri Ubura bwanje? Uwu musi ndakuvyaye?" Kandi iti: "Nzomubera Se. Na we azombera Umwana wanje?" 6Kandi aho izokwongera kuzana imfura yayo mw'isi izovuga iti: "Abamarayika b'Imana bose bamusenge." 7Kandi ivyo abamarayika yarabivuze iti: "Ihindura abamarayika bayo imiyaga, Abasavyi bayo ibahindura imbeya z'umuriro." 8Ariko, ivyo Umwana wayo yabivuze iti: "Ubutware bwawe, Mana, buhangamye ibihe bidashira, Icumu ry'ubutware bwawe n'icumu ry'uwuganza atunganye. 9Wakunze ukugororoka, wanka ubugarariji, Ni co catumye Imana, ni yo Mana yawe, ikurobanuza amavuta y'umunezero, ikakurutisha bagenzi bawe." 10Kandi ni wewe, Uhoraho, mu bihe vya kera washizeho itanguriro ry'isi, Kandi amajuru n'igikorwa c'intoke zawe. 11Ivyo bizoshira, ariko weho uzokwamaho; Ivyo vyose bizosaza nk'impuzu, 12Kandi uzobizinga nk'umutamana, Bikuranwe n'ibindi nk'uko impuzu zikuranywa. Ariko weho uri uko wamye, Imyaka y'ukubaho kwawe ntizoshira. 13Ariko ni nde wo mu bamarayika yigeze kubarira iti: "Icara i buryo bwanje, Ushitse aho nzohindurira abansi bawe indava yo musi y'ibirenge vyawe?" 14Mbega abamarayika bose si impwemu ziyikorera, zitumwa gukora igikorwa kubwo abazoragwa agakiza?

will be added

X\