GALATIYA 2

1Maze hahise imyaka icumi n'ine, nongera kudugana na Barunaba, kandi na Tito ndamujana. 2Kandi naduzeyo ku bwo guhishurirwa, ndabashira imbere ubutumwa bwiza mvuga mu banyamahanga, ariko ndabushira imbere y'abashimwa twiherereye, ngo sinirukire ubusa, canke simbe narirukiye ubusa. 3Ariko na Tito twari kumwe naho yari Umugiriki ntibamugobereye guhimburwa igikoba c'ubugabo. 4Kandi ari co coshimishije abigira abavukanyi banyegetejwe mw'ishengero, binjiye mu mpisho ngo basume urusaku ukwidegemvya kwacu dufise muri Kristo Yesu, kugira ngo badushire mu buja. 5Abo ntitwabumviye na gatoya ngo tuganzwe na bo; kugira ngo ukuri kw'ubutumwa bwiza kugume muri mwebwe. 6Ariko abashimwa ko ari bakuru --uko bari bameze ubwa mbere sindabibabaye, kubwanje vyose ni bimwe, Imana ntirobanura abantu ku cubahiro--abo bashimwa nta co banyongerereje. 7Ariko babonye yuko najejwe ubutumwa bwo kwigisha abatahimbuwe igikoba c'ubugabo, nk'uko Petero yajejwe ubwo kwigisha abahimbuwe igikoba c'ubugabo. 8Kuko Iyashoboje Petero gutumwa ku bahimbuwe igikoba c'ubugabo, ari yo yanshoboje nanje gutumwa kubatari Abisirayeli. 9Yakobo, Kefa na Yohana, bashimwa ko ari inkingi, bamaze kumenya ubuntu nahawe, baduha ukuboko twe na Barunaba, ngo dufatanye nabo; ngo twebwe tuje ku batari Abisirayeli, na bo baje ku bahimbuwe igikoba c'ubugabo. 10Ariko ico bagomvye gusa n'uko twibuka aboro, ari co nyene nanje nari nsanzwe mfitiye umwete. 11Ariko Kefa aje muri Antiyokiya, namuharirije imbonankubone, kuko yari n'ibimutsindishije. 12Kuko imbere yuko abavuye kwa Yakobo bashikayo yasangira n'abanyamahanga; ariko bashitseyo, ariyonjorora, arabanena, kuko atinye abo mu bahimbuwe igikoba c'ubugabo. 13Kandi n'abandi Bayuda bahumbana na we, bitayeko na Barunaba atwarwa n'ubwo buhumvyi bwabo. 14Ariko ndabonye badaca mu nzira igororotse, nk'uko ukuri kw'ubutumwa bwiza kuri, mbaririra Kefa imbere ya bose nti: "Ko wewe witondera ingeso z'abanyamahanga, zitari izo Abayuda, kandi uri Umuyuda, ugobera ute abanyamahanga kuba nk'Abayuda?" 15Twebwe mu kameremere kacu turi Abayuda, ntituri abanyavyaha bo mu banyamahanga. 16Ariko tuzi yuko umuntu adatsindanishirizwa n'ibikorwa bishinzwe n'ivyagezwe, ariko atsindanishirizwa no kwizera Yesu Kristo. Natwe twizeye Kristo Yesu, ngo kwizera Kristo kube ari kwo kudutsindanishiriza, atari ibikorwa bishinzwe n'ivyagezwe; kuko ata muntu atsindanishirizwa n'ibikorwa bishinzwe n'ivyagezwe. 17Ariko namba twabonetse ko turi abanyavyaha, hamwe twarondera guhindurwa intungane no kuba muri Kristo, mbega Kristo ni umukozi agabura icaha? Eka na mba! 18Nokwongera kwubaka ivyo nasambuye noba niseruye ko ndi umuntu acumura. 19Ivyagezwe vyanteye gupfa ku vyagezwe, ngo mbeho ku Mana. 20Nabambanywe na Kristo, ariko ndiho; yamara si jewe nkiriho, ni Kristo ariho muri jewe. Ivyo nkora vyose nkiriho mu mubiri ndabikoreshwa no kwizera Umwana w'Imana yankunze, akanyigura. 21Simpindura ubusa ubuntu bw'Imana, kuko asangwa ukugororoka kuzanwa n'ivyagezwe, Kristo azoba yapfiriye ubusa.

will be added

X\