GALATIYA 1

1Pahulo, intumwa itatumwe n'abantu, kandi nta muntu yabariwe kuntuma, ariko natumwe na Yesu Kristo, n'Imana Data wa twese yamuzuye mu bapfuye, 2mfatanije n'abavukanyi turi kumwe bose kubandikira, mwebwe abo mu mashengero y'i Galatiya. 3Ubuntu n'amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami wacu Yesu Kristo bibe muri mwebwe. 4Uwo mwami Yesu Kristo yitangiye ivyaha vyacu, ngo aturokore muri iki gihe kibi c'ubu, nk'uko Imana yacu yagomvye, ni yo Data we twese. 5Icubahiro kibe icayo ibihe bitazoshira. Amina. 6Natangajwe ni uko muriko murareka vuba mutyo Iyabahamagaye ku bwo ubuntu bwa Kristo, mukemera ubutumwa bunyuranye n'ubwo, 7kandi ata bundi buriho; ariko hariho abantu babahagarika imitima, bakagomba guhindura ukundi ubutumwa bwa Kristo. 8Ariko naho yoba ari twebwe canke umumarayika avuye mw'ijuru, ababarira ubutumwa bunyuranye n'ubwo twababariye, arakavumwa. 9Nk'uko twavuze ubwa mbere, n'ubu nongeye kubivuga ko ni hagira umuntu ababarira ubutumwa bunyuranye n'ubwo mwemeye, arakavumwa. 10Mbega ubu n'ishimwe ry' abantu ngomba, canke ni iryo Imana? Canke se ndondera kunezereza abantu? Iyo mba nkinezereza abantu, simba ndi umushumba wa Kristo. 11Ku vyo ubutumwa navuze, ndabamenyesha bavukanyi, yuko atari ubwo abantu. 12Kuko nanje ntabuhawe n'umuntu, kandi sinabwigishijwe, ariko ni Yesu Kristo yabumpishuriye. 13Mwumvise ingeso zanje nari mfise kera, nkiri mw'idini y'Abayuda, ingene nahiga ishengero ry'Imana birengereje, nkaritikiza. 14Kandi mu bwoko bwacu narushije benshi bo mu bo twarukanye kuja imbere mw'idini y'Abayuda, kuko nabarusha kugira ishaka ry'imigenzo twarazwe na ba sogokuruza. 15Ariko aho bihimbariye Imana yandobanuye nkiri mu nda ya mama, ikampamagara ku bwo ubuntu bwayo, 16guhishurira umutima wanje Umwana wayo, ngo mvuge ubutumwa bwiwe bwiza mu banyamahanga. Ako kanya sinagishije inama abafise inyama n'amaraso, 17kandi sinaduze i Yerusalemu ku bantanguriye kuba intumwa, ariko nagiye muri Arabiya, kandi hanyuma nsubira i Damasiko. 18Maze imyaka itatu ishize nduga i Yerusalemu kwibonanira na Kefa, mara i we imisi icumi n'itanu. 19Ariko mu zindi ntumwa nta wundi nabonye, atari Yakobo, mwene nyina w'Umwami Yesu. 20Ivyo ndabandikiye ni ukuri, ehe ndabivugiye imbere y'Imana, simbesha. 21Maze nja mu ntara z'i Siriya n'i Kilikiya. 22Abo mu mashengero y'i Yudaya yo muri Kristo ntibaribwambone. 23Ariko bumva gusa abamvuga bati: "Umwe yahora aduhiga mbere, ubu asigaye yamamaza ivyizerwa yari yagerageje kuzimanganya." 24Nuko bahimbaza Imana kubwanje.

will be added

X\