ABANYEFESO 3

1Ni co gituma jewe Pahulo, imbohe ya Kristo Yesu, mbohewe mwebwe abanyamahanga, 2namba mwarumvise ububwiriza bwa bwa buntu bw'Imana nahawe kubagaburira; 3yuko mu guhishurirwa natiwe ibanga, nk'uko nabanje kwandika mu majambo make, 4namwe, ni mwayasoma, muzoshobora kubona ingene nzi ibanga rya Kristo. 5Ivyo, abana b'abantu ntibabimenyeshejwe mu bindi bihe, nk'uko muri iki gihe intumwa ziwe zera n'abavugishwa na we babihishuriwe na Mpwemu; 6yuko abanyamahanga basangiye natwe iragi, basangiye natwe umubiri umwe, basangiye natwe ivyasezeranywe muri Kristo Yesu kubwo ubutumwa bwiza. 7Nacitse umukozi wabwo, nk'uko ingabire y'ubuntu bw'Imana iri, nabuhawe, nk'uko ubushobozi bwayo bukora. 8Jewe, uwuri mu nyuma y'uwo mu nyuma y'abera bose. Naherewe ubwo buntu kubwira abanyamahanga ubutumwa bwiza bw'itunga rya Kristo ritagira aho riherera, 9no guserurira bose ububwiriza bw'ibanga ubwo ari bwo. Ryari rihishijwe, uhereye kera hose, mu Mana Umuremyi wa vyose; 10kugira ngo noneho abakuru n'abafise ububasha b'ahantu ho mw'ijuru bamenyere kw'ishengero ubwenge bw'Imana bw'uburyo bwinshi. 11Nk'uko imigabo yayo iri, iyo yagabiye uhereye kera hose muri Kristo Yesu Umwami wacu. 12Muri we ni ho duherwa ubushizi bw'ubwoba no gushikira Imana tuyizigiye, kubwo kumwizera. 13Ni co gituma ndabinginga ngo ntimwihebuzwe n'amarushwa yanje yo kubwanyu, kuko ari yo cubahiro canyu. 14Ni co gituma mpfukamira Data wa twese, 15uwo imiryango yose yo mw'ijuru n'iyo mw'isi yitirirwa, 16ngo abahe, nk'uko itunga ry'ubwiza bwiwe riri, kuremeshwa n'ubushobozi imbere mu mitima mubihawe na Mpwemu wiwe. 17Kristo abe mu mitima yanyu kubwo ukwizera; kugira ngo mugize imizi ishinzwe mu rukundo, n'amabuye y'umushinge arwubatswemwo, 18mugire inkomezi zibashoboza gutahurira hamwe n'abera bose uburebure bw'ubwaguke, ubwo amakika, ubwo amaja ruguru n'ubwo amajepfo ubwo ari bwo, 19mumenye urukundo rwa Kristo ruruta uko rwomenywa; ngo mubone kwuzuzwa mushitse ku kwuzura kw'Imana kwose. 20Nuko Iyishobora gukora ibirengeye cane ivyo dusaba n'ivyo twiyumvira vyose, nk'uko ubushobozi bwayo budukoreramwo buri, 21icubahiro kibe icayo mw'ishengero no muri Kristo Yesu, kugeza ku buzukuruza bose b'ibihe bitazoshira. Amina.

will be added

X\