ABANYEFESO 2

1Namwe yarabagize bazima, hamwe mwari mupfuye mwishwe n'ibigabitanyo n'ivyaha vyanyu, 2ivyo mwagenderamwo kera, nk'uko ivyo iyi si bigenda, mwumvira umwami w'abaganza ikirere, ni we mpwemu ikorera mu bantu b'intabarirwa. 3Kandi natwe twese twahora muri bo kera mu kwifuza kw'imibiri yacu, tugakora ivyo imibiri n'imitima vyacu bigomba, kandi mu kameremere kacu twari abo kurakirwa, nk'abandi bose. 4Ariko Imana, kuko ari umutunzi w'ikigongwe, kubwo urukundo rwayo rwinshi yadukunze, 5hamwe twari tugipfuye, twishwe n'ibicumuro vyacu, yatugiranye bazima na Kristo--ubuntu ni bwo bwabakijije— 6yatuzuranye na we, itwicarikana na we ahantu ho mw'ijuru, turi muri Kristo Yesu, 7kugira ngo mu bihe bizoza izokwerekane itunga rihebuje ry'ubuntu bwayo mu kutugirira neza muri Kristo Yesu. 8Ubuntu ni bwo bwabakijije kubwo ukwizera; na vyo nyene ntivyavuye kuri mwebwe, ni ingabire y'Imana; 9ntivyavuye ku bikorwa, kugira ngo ntihagire n'umwe yishimagiza. 10Kuko turi ibiremwa vyayo, twaremewe muri Kristo Yesu ngo dukore ibikorwa vyiza, ivyo Imana yateguye kera ngo tubigenderemwo. 11Nuko mwibuke yuko ubwa mbere, mwebwe abanyamahanga ku rukoba, mwebwe mucitwa abatahimbuwe igikoba c'ubugabo n'abo bitwa abahimbuwe igikoba c'ubugabo n'intoke ku mubiri, 12ko ico gihe mwari mutandukanye na Kristo, muri n'itandukaniro n'ihanga rya Isirayeli, atasano mufitaniye n'amasezerano y'ivyasezeranywe, ata co mwizigiye ku bizoba, mwari mw'isi mutagira Imana Rurema. 13Ariko noneho, kuko muri muri Kristo Yesu, mwebwe abari kure kera mwigijwe hafi n'amaraso ya Kristo. 14Ni we mahoro yacu, kuko yahinduye ya macakubiri kuba kimwe, ahomvoye ca gisika co hagati cadutandukanya, 15ubwansi amaze kubuhinduza ubusa umubiri wiwe, ni bwo vya vyagezwe birimwo amabwirizwa ava mu vyashinzwe; kugira ngo muri we ya macakubiri ayarememwo umuntu umwe musha, ngo azane amahoro atyo; 16kandi ngo ayo macakubiri, amaze kuyagira umubiri umwe, ayuzurishe n'Imana umusaraba, awicishije bwa bwansi. 17Yaraje, ababwira ubutumwa bwiza bw'amahoro, mwebwe abari kure. Kandi abari hafi na bo ababwira amahoro. 18Kuko, uko twari amoko abiri, ubu ni we adushikiriza Data wa twese, turi muri Mpwemu umwe. 19Nuko ntimukiri abashitsi n'abanyamahanga, ariko musangiye ubwoko n'abera, muri abo mu ngoro y'Imana; 20kuko mwubatswe ku mabuye y'umushinge, ari yo ntumwa n'abavugishwa n'Imana, Kristo Yesu ari we buye rigumya imfuruka. 21Muri we ingoro yose, yubatswe neza, irakura, ngo ibe urusengero rwera mu Mwami wacu. 22Muri we namwe murubakanwa, kugira ngo muheshwe na Mpwemu kuba ingoro Imana ibamwo.

will be added

X\