ABANYEFESO 1

1Pahulo, nagizwe intumwa ya Kristo Yesu ni uko Imana yabigomvye, ndabandikiye abera bari muri Efeso, b'abizigirwa bo muri Kristo Yesu. 2Ubuntu bubabemwo n'amahoro, biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami Yesu Kristo. 3Imana y'Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, yaduhezagiriye imihezagiro yose y'impwemu ahantu ho mw'ijuru muri Kristo. 4Nk'uko yadutoranirije muri we, itanguriro ry'isi ritarashirwaho, kugira ngo tube abera tutagira agasembwa imbere yayo, turi mu rukundo. 5Kuko yagabiye kera ko duheshwa na Yesu Kristo gucika abana bayo kubwayo, nk'uko yabigomvye bikayihimbara. 6Kugira ngo ubwiza bw'ubuntu bwayo yatugabiriye mu wo ikunda bushimwe. 7Muri we ni ho duherwa gucungurwa n'amaraso yiwe, ni kwo guharirwa ibicumuro vyacu, nk'uko itunga ry'ubuntu bwayo riri. 8Yabudusesekarijemwo mu bwenge bwose no kumenya; 9itwatiye ibanga ry'ivyo igomba, nk'uko vyayihimbaye, ivyigiriye imigabo kuva kera muri we, 10vy'ingene izogenza vyose, igihe gikwiye gishitse, gukoraniriza vyose muri Kristo, ibiri mw'ijuru n'ibiri mw'isi. 11Kuba muri uwo kwaduhesheje gucika ihanga ryayo, twashiriweho kera nk'uko Iyo yabigabiye, ikora vyose nk'uko imigabo yo mu mutima wayo iri; 12kuzoba abo guhesha icubahiro ubwiza bwayo, twebwe abizigiye Kristo kera. 13Muri we namwe mumaze kwumva ijambo ry'ukuri, ni ryo butumwa bwiza bw'agakiza kanyu, mumaze no kumwizera, ni ho mwashiriweko ikimenyetso, ni co Mpwemu Yera yasezeranywe. 14Ni we ngwati y'umwandu tuzohabwa, kugira ngo abo Imana yaronse ibacungure, ngo ubwiza bwayo bushimwe. 15Ni co gituma nanje, numvise ukwizera Umwami Yesu kuri muri mwebwe, n'urukundo mukunda abera bose, 16ntahengeshanya kubashimira Imana, ndabahoza mu kanwa uko nsenze, 17ngo Imana y'Umwami wacu Yesu Kristo, Data wa twese w'ubwiza, ibahe umutima w'ubwenge no guhishurirwa mu kuyimenya; 18ngo amaso y'imitima yanyu yihweze, kugira ngo mumenye ivyo mwizigizwa n'uguhamagara kwayo ivyo ari vyo, mumenye n'itunga ry'ubwiza bw'umugabane ufise mu bera. 19Mumenye n'ubwinshi buhebuje bw'ubushobozi bwayo ikoreshereza muri twebwe abizera, nk'uko kwa gukora kw'ububasha bw'ubushobozi bwayo kungana, 20ukwo yakoreye muri Kristo, hamwe yamuzura mu bapfuye, ikamuvyagiza i buryo bwayo ahantu ho mw'ijuru, 21imushize hejuru cane y'ubukuru bwose, ububasha bwose, ubushobozi bwose, ubwami bwose n'izina ryose rivugwa, si muri iki gihe gusa, ariko no mu kizoza. 22Kandi yamushikirije vyose, ibishira musi y'ibirenge vyiwe, kandi imuha ishengero ngo abe umutwe waryo wo gusumba vyose, 23ni ryo mubiri wiwe w'ubwuzure, bwuzuza vyose vy'ahantu hose.

will be added

X\