KOLOSAYI 4

1Ba shebuja, namwe ni mugirire abakozi banyu ibigororotse n'ibibereye, kuko muzi yuko namwe mufise Shobuja mw'ijuru. 2Mukovye mu gusenga, mukubemwo maso, mushima; 3kandi natwe nyene mudusengere, kugira ngo Imana itwugururire urugi rwo kuvuga ijambo ryayo, tuvuge ibanga rya Kristo, iryo mbohewe, 4kugira ngo ndariserure nk'uko nkwiye kuvuga. 5Mugendane ubwenge ku bo hanze, mugura uburyo mubugwiza. 6Imvugo zanyu zamane ubuntu bw'Imana, zirunzwe umunyu, kugira ngo mumenye ingene mukwiye kwishura umuntu wese. 7Tukiko umuvukanyi dukunda, umukozi w'umwizigirwa, dukorana mu Mwami wacu, azobiganira ivyanje vyose. 8Ni we ndabatumyeko kubwo ivyo nyene, ngo mumenye ivyacu, kandi ngo aremeshe imitima yanyu, 9ndamutumanye na Onesimo umuvukanyi w'umwizigirwa, uwo dukunda, yavuye i wanyu; bazobiganira ivyo ino vyose. 10Arisitariko, uwo dusangiye umunyororo, arabatasha; na Mariko, mwene se wabo wa Barunaba, arabatasha, umwe mwabwirizwa ivyiwe. Ni yaramuka aje i wanyu muzomwakire. 11Na Yesu, ari we Yusito, arabatasha. Abo bonyene bo mu bahimbuwe igikoba c'ubugabo ni bo bakorana nanje kubwo ubwami bw'Imana, kandi bamaze umubabaro. 12Epafura w'i wanyu, umushumba wa Kristo Yesu, arabatasha, yama abarwanira mu gusenga kwiwe kugira ngo mushikame, mutunganye rwose, mumenya neza mudakekeranya ivyo Imana igomba vyose. 13Ndamushingira intahe yuko abagirira umwete mwinshi, mwebwe n'abo i Lawodikiya n'abo i Hiyerapoli. 14Luka, umuganga akundwa, na Dema, barabatasha. 15Muntahirize abavukanyi b'i Lawodikiya, na Numfa, n'ishengero ryo mu nzu yiwe. 16Kandi iki cete ni mwaheza kugisomerwa, muzokwitwaririke ko gisomerwa ishengero ry'i Lawodikiya; kandi namwe muzosome ikizova i Lawodikiya nyene. 17Kandi muzobarire Arukipo muti: "Urabe igikorwa c'ubusuku wahawe mu Mwami wacu, ucuzuze." 18Uku ni kwo gutasha kwanje Pahulo, kwanditswe n'ukwanje kuboko. Mwibuke iminyororo yanje. Ubuntu bubane namwe.

will be added

X\